gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga...

33
Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga ubwandu bw’umugera wa SIDA uva ku muvyeyi uja ku mwana (PTME) Part 2

Upload: others

Post on 21-Jun-2020

1 views

Category:

Documents


0 download

TRANSCRIPT

Page 1: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga ubwandu bw’umugera wa SIDA uva ku muvyeyi uja

ku mwana (PTME)

Part 2

Page 2: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

ii

ViiV Healthcare UK Ltd, abagiraneza bakora igikorwa ciza mugushinga ikigega c’abana hamwe n’ishirahamwe ryishinze kugarukira kubashonje Food for the Hungry baragerageje gukora amasanamu afasha mukwigisha ibijanye no gupima hamwe no guhanura bijanye no gukinga ko umuvyeyi yanduza umugera wa SIDA umwana (PMTCT) kugira bayakoreshe mu mugambi “UrunganweRutagira SIDA” mu Ruyigi, Burundi. Ibikoresho vya mbere vyari vyakozwe n’amashirahamwe US Centers for Disease Control and Prevention (CDC), World Health Organization (WHO), United Nations Children's Fund (UNICEF), United States Agency for International Development (USAID) hamwe n’abakorana n’ayo mashirahamwe mukurangura uwo mugambi PMTCT. Iki gikoresho kigizwe n’ivyigwa 1-5 kuri ayo masanamu. Amasanamu y’icigwa ca gatatu 3 arimwo n’ibikoresho vyavuye muri AIDSTAR-One. Ivyigwa bibiri bisigaye vyisunze ibikoresho vy’ishirahamwe Food for the Hungry n’ivy’Umugera wa VIH n’Ukurondoka ku Rugero. Muraraba aho munsi abashimiwe:

Amashirahamwe US Centers for Disease Control and Prevention (CDC), ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y ‘abantu (OMS), ishirahamwe mpuzamakungu ry’itaho abana, indero n’akaranga (UNICEF), igisata kiijejwe iterambere ca Amerika (USAID) n’abafasha mu kurangura umugambi wo kurwanya kwanduza umugera wa SIDA umwana yandijwe n’umuvyeyi (PTME) barateguye ibikoresho vyofasha mugupima umugera hamwe no mu guhanura kugira abantu bakinge ukwanduza umugera umwana bivuye ku muvyeyi, ivyo vyose bigafasha abaganga mu mugambi PTME, ivyo bikoresho vyateguwe ubwa mbere mu 2005 hanyuma bisubirwamwo hagati ya 2009 na 2011. Ivyo bikoresho bishasha bishimikira ku nyigisho zavuye mwisubirwamwo ry’ibikoresho vya mbere vyakozwe mu bihugu bitandukanye kandi birerekana neza ivyahindutse mu mahimiriza mpuzamakungu ashimikira kw’ikingira ry’abagendana umugera wa SIDA, mukwinjiza abagabo mu mugambi PTME no kumpanuro zijanye no kurondoka ku rugero. Insiguro nyinshi hamwe n’ibindi bikoresho mubisanga ku murongo w’ingurukanabumenyi: www.WomenChildrenHIV.org

AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids for Clinicians and Community Health Workers. Arlington, VA: USAID’s AIDS Support and Technical Assistance Resources, AIDSTAR-One, Task Order 1. Tubisanga kuri http://www.aidstar-one.com/cotrim_tools.

Hanold, Mitzi J. (2010) HIV Prevention, AIDS Treatment and Care Leader Mother Flipchart. Washington DC. Food for the Hungry (FH) vyashobotse kubera infashanyo itanzwe na n’ibiro vya Food for Peace, Bureau of Democracy, Conflict and Humanitarian Assistances hamwe na US Agency for International Development hisunzwe FFP-A-00-08-00086.

Hanold, Mitzi J. and Borger, Sarah E. (2011) Family Planning Leader Mother Flipchart. Washington DC. Food for the Hungry (FH), vyashobotse kubera infashanyo itanzwe World Learning hamwe na U.S. Agency for International Development hisunzwe Health Grant Solicitation Management [GSM-083].

Page 3: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

iii

Ibirimwo (Part 2)

Icigwa ca 4: Kwibaruka neza .................................................................................................................. 4

Icigwa ca 5: Uko wofata Umwana na Nyina ahejeje kwibaruka. .......................................................... 10

Icigwa ca 6: Umugera wa SIDA n'Ikumirwa ......................................................................................... 16

Icigwa ca 7: Gutandukanya imvyaro .................................................................................................... 24

Page 4: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

4

Icigwa ca 4: Kwibaruka neza Igicapo 4.1 : Ni ngombwa ko mbandanya nitura umuganga.

Kunoganza iciyumviro, munyigisho zo mu mirwi :

? Ni kuki abagore bose bategerezwa kwitura muganga mugihe bibungenze?

? Mwiyumvira kw’ari kuki duhimiriza abagore ko bokwibarukira kwa muganga?

IHANGIRO Ivyiyumviro vyatanzwe

Guhimiriza umugore yibungenze kubandanya aja gusuzumisha imbanyi.

Mutisunze na gato ibipimo vy’umugera wa sida babatoye canke batoye umutambukanyi wanyu, ni vyiza ko mubandanya mupimisha imbanyi imbere y’uko mwibaruka. Uko muzogira amagara meza, niko n’umwana mwibungenze azogira amagara meza.

Guhimiriza umugore yibungenze kwibarukira kwa muganga.

Ni vyiza kwibarukira kwa muganga kuko babafasha n’igihe mwoshikirwa n’ingorane. Ibi bikaba ari ngombwa kuruta mugihe umukenyezi agendana umugera wa SIDA kuko bakora ibishoboka vyose mu gufata ingingo zogukingira umwana. Ivyo rero bikaba bidashoboka mugihe yibarukiye ahandi atari kwa muganga.

Gushimangira ibibazo, ku nyigisho zigenewe umuntu umwumwe canke abubatse:

? Murabona akamaro ko kwitura muganga mugihe mwibugenze?

? Mbega hari akamaro ubona ko kwibarukira kwa muganga?

Page 5: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

5

Ni ngombwa ko mbandanya nitura muganga mugihe nibungenze.

Igicapo 4.1

Page 6: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

6

Igicapo 4.2 : Kugira nibaruke atangorane kandi nkingire ikibondo canje umugera wa SIDA, ntegerezwa kwibarukira kwa muganga.

Kunoganza iciyumviro :

? Mwibaza ko ari kuki tubahanura kwibarukira kwa muganga ?

Ihangiro Ivyiyumviro vyatanzwe

Kumenyesha umwakirizi ko mugendana umugera wa SIDA.

Umukenyezi ashitse mw’iyakiriro, ategerezwa kumenyesha umwakirizi ko agendana umugera wa SIDA. Ivyo bikaba bituma umwakirizi amufasha mu buryo bubereye akikingira, agakingira n’ikibondo kivutse.

Gusigura akamaro ko kwibarukira kwa muganga.

Kwibarukira kwa muganga bifasha gukingira umwana ariko aravuka umugera wa sida. Bifasha kandi umuvyeyi hamwe n’ikibondo ciwe kugira amagara meza. Mugihe bidashobotse ko mwibarukira kwa muganga, musabwa guca mwihutira kujana umwana kwivuriro ribegereye kandi imbere y’amasaha 72 kugira bakingire umwana.

Gutohoza ivyipfuzo vy’umugore bijanye no kwibarukira kwa muganga mwongere mutore inyishu.

Mwibaza ko muzibarukira kw’ivuriro canke mu bitaro? Ni igiki cobabuza kwibarukira kwa muganga? Twobafasha gute gutorera umuti izo ngorane?

Kunoganza ivyiyumviro bijanye n’ingendo zizokurikira uja kwa muganga:

? Nimba bikenewe: Mbega umutambukanyi wawe azoshigikira ingingo yawe yo kwibarukira kwa muganga ? Umuryango wawe wipfuza iki ?

Page 7: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

7

Kugira nshobore kwibaruka atangorane nongere nkingire ikibondo canje ikiza ca SIDA, ntegerezwa kuzibarukira kwa muganga.

Igicapo 4.2

Page 8: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

8

Igicapo 4.3 : Nzokwonsa umwana wanje ataco mvanganijje gushika akwize amezi atandatu.

Kunoganza iciyumviro: Mbega mwiteze kuzofungurira ikibondo canyu gute ? Mwoba mufise abandi bana? (Nimba wishuye EGO) Mbega mwamu (ba)funguriye gute ?

IHANGIRO Igisomwa tubahitishijemwo

Tuyage kubijanye n’ibisabwa kurwego rw’igihugu.

Kugirango mukingire ikibondo canyu ikiza ca SIDA, mutegerezwa kwiyumvira uko muzomufungurira. Ubuyobozi ku rwego rw ‘igihugu busaba yuko mwokwonsa mudahagarika kandi ataco muvanze gushika umwana akwije amezi atandatu kuva avutse.

Gusigura ibijanye no kwonsa umwana ataco uvanze werekane n’inyungu zirimwo.

Kwonsa umwana bifise akamaro kenshi : bironsa umwana infungurwa nkenerwa kandi bigakinga n’ingwara zindi nko gucibwamwo. Kwonsa umwana ataco uvanze ni ukuvuga ko atakindi ufungurira umwana kiretse amaberebere ya nyina wiwe atakindi yongeyeko naho yoba amazi. Ariko, mugihe abaganga babisavye, mworonsa ikibondo canyu amama canke umuti w’amazi y’amavitamine, canke amazi y’inyongezo muvyunyunyu canke imiti.

Ikibondo kirashobora gutungwa n’amaberebere avuye mw’ibere gusa- iyo nayo ikaba ari ingingo nyamukuru yofatwa mugihe mutegerezwa gusigira ikibondo canyu uwundi muntu. Amaberebere akaba ategerezwa gukoreshwa mukiringo kitarenze amasaha 8 mugihe atabitswe muri frigo canke gushika ku masaha 24 mugihe yabitswe muri frigo. Bikaba bisabwa yuko umuntu ajejwe kuraba umwana atamugaburira ikintu na kimwe kiretse amaberebere avuye mw’ibere.

Gusigura inkurikizi mbi zijanye nokwonsa umwana n’ingene zogabanuka.

Mugihe mwonsa, birashoboka ko mwokwanduza ikibondo canyu umugera wa SIDA biciye mumaberebere. Mugihe mumwonsa ibere ataco muvanze birashoboka ko mwokwirinda ingorane. Abana bafise infungurwa zitandukanye (ni ukuvuga abana bahabwa infungurwa hamwe n’ibinyobwa vyiyongereye kumaberebere ya nyina wiwe) —guha infungurwa zitandukanye umwana biratuma abangamirwa cane kuruta n’iyanduzwa ry’umugera wa SIDA. Infungurwa zitandukanye ziratuma kandi umwana ashobora kwandura izindi ngwara nko gucibwamwo.

Kuyaga kubijanye n’intambamyi zotuma umuntu atonsa umwana atakindi avanze.

Mbega birashika ko umuryango canke abagenzi bagira inyifato zibatuma mwumva mwogaburira ikibondo canyu infungurwa canke ibinyobwa bindi uretse amaberebere yawe imbere y’uko akwiza amezi atandatu ? (Nimba ari EGO) Mbega none muzovyifatamwo gute ? Muzishura iki ? Ni igiki cotuma kwonsa umwana wawe atakindi kintu na kimwe uvanze bigora?

Kwongeramwo iyindi ngaburo.

Kwonsa umwana atakindi kintu na kimwe uvanze bifata ikiringo c’amezi atandatu. Tubahimiriza kwongeramwo iyindi ngaburo kuva umwana amaze gukwiza amezi atandatu y’amavuko kandi mukaguma mwonsa umwana gushika aho azohimbariza ubwambere amavuko yiwe.

Gusigura ibijanye n’akamaro ko gufata imiti ipfupfahaza ikiza ca SIDA mugihe umwana aconka.

Bandanya ufata imiti yawe yo gupfupfahaza ikiza SIDA mukiringo cose abavuzi bazobigusaba. Ni ngombwa kubandanya ufata imiti ipfupfahaza ikiza SIDA mugihe mwonsa kugirango mugabanye impanuka zo kwanduza umwana wanyu.

Mbega mwibaza ko hoba hariho ibintu bibahatira kuronsa ikibondo canyu infunguro zitandukanye imbere y’uko umwana akwiza amezi atandatu ? (Nimba ari EGO) Mbega muzifata gute imbere y’ababahimiriza gutyo ?

Mwoba mufise ibibazo bijanye no kwonsa? Mwoba mufise ibibazo bijanye no kwonsa umwana atakindi uvanze imbere y’uko akwiza amezi atandatu? Mwoba mufise ibibazo bijanye n’imfungurwa zindi zoronswa umwana?

Page 9: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

9

Nzokwonsa umwana wanje ataco mvanze gushika akwize amezi atandatu.

Igicapo 4.3

Page 10: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

10

Icigwa ca 5: Uko wofata Umwana na Nyina ahejeje kwibaruka.

Igicapo 5.1: Ndashoboye kwikingira hamwe no gukingira umutambukanyi wanje umugera wa SIDA hamwe n’izindi ngwara zica mubihimba vy’irondoka.

Kunoganza iciyumviro :

? Mbega mwiteguriye gute kwikingira hamwe no gukingira umutambukanyi wanyu umugera wa SIDA? (Gerageza guhanahana ivyiyumviro ufatiye ku mugambi w’umugwayi/abubatse. Mugihe abagwayi atamugambi bafise, subiramwo igisomwa mwahitishijwemwo nk’uko mubibona aha munsi.)

IHANGIRO Igisomwa muhitishijwemwo

Gusigura ibijanye n’uburyo bwo kwirinda umugera wa SIDA.

Nk’uko twamaze kubivuga, hari uburyo bwinshi bwo gukingira umutambukanyi wawe umugera wa SIDA. Ni ngombwa kandi ko mwokwikingira ntimusubire kwanduzwa umugera wa SIDA hamwe n’izindi ndwara zifatira mubihimba vy’irondoka (IST). Gufatwa n’indwara ifatira mu bihimba vy’irondoka mugihe wibungenze bizotuma umwana wanyu abangamirwa kuruta n'ukwandura umugera wa SIDA.

Gusigura ico kwihangana bivuga.

Uburyo butabesha bwo kwikingira hamwe nogukingira abo mugendana umugera wa SIDA bifatiye kukwirinda kugira amabanga mpuza bitsina. Ni nabwo buryo bukwiriye bwo kwirinda izindi ndwara zifatira mubihimba vy’irondoka. Bamwe mububatse bahitamwo buno buryo kugirango bakingire abatambukanyi babo(abo bagendana) hamwe n’ibibondo vyabo. Abandi bahitamwo ubundi buryo kugirango bakingire imiryango yabo.

Gusigura ikoreshwa ry’agakingirizo.

Ubundi buryo bwo kwikingira Sida bufatiye kugukoresha udukingirizo. Mugihe dukoreshejwe neza kandi buri gihe ukoze amabanga y’abubatse, udukingirizo turafasha kwirinda umugera wa SIDA hamwe n’izindi ndwara zifatira mubihimba vy’irondoka. Ni ngombwa gukoresha udukingirizo mugihe umutambukanyi wawe afise abandi bahabara basanzwe bagendana. Udukingirizo turafasha kandi mugihe muheruka kwibaruka ikibondo kugirango ntimuhave musama inda mutipfuje.

Gusigura ibijanye no kugabanya abo mugendana

Mugihe mugendana n’abantu barenga umwe, murashobora kwanduza canke kwandura umugera wa SIDA kuruta. Kurangura amabanga y’abubatse n’abantu benshi— hamwe no gukoresha udukingirizo buri gihe mukoze amabanga y’abubatse— bizotuma ukingira amagara yawe kandi bikurinde kwanduza abandi umugera wa SIDA canke izindi ndwara zifatira mubihimba vy’irondoka.

Ibibazo vyo guhanahanako ivyiyumviro bigenewe abagwayi bose:

? Mwoba mufise ibibazo canke ibintu bibaraje ishinga?

? Kubwanyu ni buryo buhinga bubereye kuruta bwokwikingira mugihe mwibungenze?

? Kubwanyu mwohitamwo iki mumaze kuronka ikibondo canyu?

Page 11: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

11

Ndashoboye kwikingira hamwe no gukingira umutambukanyi wanje umugera wa SIDA hamwe n’izindi ndwara zifatira mubihimba vy’irondoka.

Igicapo 5.1

Dukoreshe agakingirizo.

Page 12: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

12

Igicapo 5.2: Hari ibikorwa vyokorwa vyerekeye kuvura, kwitaho umurwayi hamwe no kumushigikira kugira ngo banfashe bongere bafashe umuryango wanje.

Kunoganza iciyumviro:

? Mwoba mwaramenyesheje (canke mwiteguriye kumenyesha) umugenzi canke incuti ko mwoba mugendana umugera wa SIDA ? Ni ngombwa ko muyaga n’abantu bashoboye kugira ico bobafasha kugumana amagarameza.

IHANGIRO Igisomwa muhitishijemwo

Gusigura ibijanye no kwitura muganga kugira bapfupfahaze umugera wa SIDA.

Uretse kwitura muganga bisanzwe mugihe wibungenze, mutegerezwa kandi kugenda kwa (izina ry’ikibanza) kugira ngo bababungabungire ubuzima, babavure bongere babashigikire mubijanye n’umugera wa SIDA.

Guhimiriza gukoresha ubuhinga bwo kuvyara kurugero hamwe no guhanuza muganga kuvyerekeye kuzovyara abandi bana.

Mwoba mwipfuza kuvyara abandi bana ? (Nimba ari EGO) Umugambi wo kuvyara ku rugero wobafasha gutegekanya kuzosama iyindi mbanyi mukiringo ciza haba kuri wewe canke haba kumutambukanyi wawe. (Nimba ari OYA) Umugambi wo kurondoka kurugero urashobora kubamenyesha hakiri kare ibijanye n’izindi mbanyi zizokurikira.

Mumaze kwibaruka, mwobandanya kurangura amabanga y’abubatse mwikingiye kugirango mwirinde kuruta kwandura umugera wa SIDA

Guma mwizeranye n’umutambukanyi wawe bisanzwe bizwi ko agendana umugera wa SIDA. Mugihe ugendana n’abagabo(abagore) benshi, gabanya abo mugendana (abahabara) hama wongere

ukoreshe udukingirizo buri gihe ukoze amabanga y’abubatse. Gukoresha udukingirizo vyobafasha kandi kwirinda hakiri kare ibijanye n’izindi mbanyi mutipfuje.

Abagore bafise uburyo bwinshi bwo kwirinda gusama : udukingirizo, akanyuzi, Ubuhinga bwo Kwonsa ataco Uvanze hamwe n’ubwo gutandukanya cane ibiringo vyo kuja mukwezi (MAMA) (mugihe umwana wanyu atarakwiza amezi atandatu kandi mukaba mumugaburira mukumwonsa gusa.) Mugihe muzi neza ko mutipfuza kuvyara abandi bana, wewe canke umutambukanyi wawe murashoboye kwifungisha kugira ngo mwirinde izindi mbanyi mutipfuje.

Gusigura ibijanye n’ibindi bikorwa vyo kubashigikira, nimba biriho.

Hariho ibikorwa vyo guhanura, gufungurira hamwe no gushigikira bishoboye kubafasha mugihe mufise ibibazo. (Nimba bihari) Mwoba mwipfuza kumenya vyinshi kuveyerekeye umurwi wo kumutumba ujejwe kubashigikira ? Umurwi wo kumutumba ujejwe kubashigikira ni umurwi ugizwe n’abantu, nk’uko kwanyu, bagendana umugera wa SIDA. Abo bantu barakurikirana amanama yo mumirwi kugirango bahanahane ivyiyumviro vyerekeye uburyo bokwirinda umugera wa SIDA canke bogendana n’umugera wa SIDA muburyo bwiza.

Gushimangira ibibazo, kuvyerekeye ingendo zikurikira :

? Ni inde mwoba mwarayaze ingwara yanyu ibijanye n’ikiza SIDA ?

? Mwibaza ko mushigikirwa bikwiye ? (Nimba ari EGO) Ni uyuhe wundi muntu mwibaza ko mwomenyesha ko mugendana umugera wa SIDA kugirango abashigikire ?

Page 13: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

13

Hariho ibikorwa vyo kuvura, kubungabunga amagara y’abantu hamwe no kubashigikira bigenewe kumfasha hamwe nogufasha umuryango wanje.

Igicapo 5.2

Page 14: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

14

Igicapo 5.3 : Hariho ibintu nokora kugirango jewe, ikibondo n’umuryango banje tugumane amagara meza.

IHANGIRO Igisomwa muhitishijwemwo

Kumuhimiriza kuja kwa mugaganga mugihe yibungenze, amaze kwibaruka hamwe no mugukurikirana amagara y’ikibondo nk’uko babimutegetse.

Ni ngobwa ko muja kwa muganga mugihe mwibungenze, mumaze kwibaruka eka no mubindi biringo nk’uko bisabwa, kugirango kwa muganga bashobare kubafasha mwebe ubwanyu, ikibondo canyu canke umuryango wanyu kuvyerekeye ibabazo vyobangamira amagara yanyu.

Gusigura ibijanye no gupimisha ikibondo canyu.

Ntibishoboka kumenya ko ikibondo canyu canduye umugera wa SIDA batagipimye. igipimo cambere gikorwa umwana akwije amayinga atandatu. Mugihe mwonsa umwana wanyu, birashoboka ko yandura umugera wa SIDA. Ni ngombwa rero ko mubandanya mufata imiti ipfupfahaza umugera wa SIDA (canke mukayiha ikibondo) buri munsi gushika abavuzi babahagaritse ; imiti ipfupfahaza umugera wa SIDA irakinga kurugero rushimishije ko umwana yokwandura umugera wa SIDA. Tuzosubira gupima umwana haciye indwi zitandatu kuva uhagaritse kumwonsa.

Gusigura ibijanye na <<Bactrim>> yagenewe abana hamwe n’incanco.

Kuva umwana akwije indwi zitandatu, tuzoronsa umwana wanyu umuti <<Bactrim>> buri munsi. Uyu muti uzokingira ikibondo indwara nyinshi. Umwana azowufata gushika acutse canke bamupimye bagasanga nta umugera wa SIDA afise. Ni ngombwa kandi ko mujana umwana kwamuganga nkuko bisanzwe kubindi bipimo nk’ibijanye n’incanco. kwa muganga bategerezwa kandi kubarabira ko umwana akura nk’uko bitegekanijwe.

Gusigura ibijanye no kwiimisha umugera wa SIDA kubana bakuze.

Mwoba mufise abandi bana ? (Nimba ari EGO) Kuko tutazi igihe mwanduriye uwo mugera wa SIDA, ni ngombwa ko muza gupimisha umugera wa SIDA abandi bana banyu.

Page 15: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

15

Hariho ibintu nokora kugirango jewe, ikibondo n’umuryango vyanje tugumane amagara meza.

Igicapo 5.3

Page 16: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

16

Icigwa ca 6: Umugera wa SIDA n'Ikumirwa Igicapo 6.1: Ikumira riGusigura gufata nabi umuntu mukumutunga agatoke, mukumwinuba canke mukumukumira

bivanye n’indwara agwaye.

Kunoganza iciyumviro :

? Hariko hakorwa iki kuri kino gicapo? Kuki?

? Woba umaze gufatwa gutyo? Ni igiki catumye abandi bagufata gutyo?

Igisomwa twabahitishijemwo

Ikumira ni ukuvuga gufata nabi umuntu mukumutunga agatoki, mukumwinuba hamwe no mukumukumira ufatiye

kundwara agwaye.

Abantu benshi baratinya canke ntibatahura indwara zijanye na SIDA.

Bafata nabi abagendana umugera wa SIDA kukubera ubwoba babafitiye.

Abantu barashobora kwirukana mukazi abantu bagendana umugera wa SIDA.

Abantu barashobora kwanka gushorera abantu bagendana umugera wa SIDA.

Ikumira risinzikaza uwarikorewe hamwe n’umuryango wiwe.

Ikumira rituma bigora abasinzikajwe n’umugera wa SIDA kubana no gukorana n’ababanyi.

Ibibazo vyo guhanahanako ivyiyumviro:

? Nimwiyumvire igihe mwoba mwaratunzwe agatoke, boba barabinuvye canke barabakumiriye. Mbega wiyumvise gute?

? Mbega ntabwo wumvise urenganijwe? Kuki?

? Mbega abagendana umugera wa SIDA barakwiye gufatwa gutyo? Kuki?

Page 17: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

17

Ikumira risigura gufata nabi umuntu mukumutunga agatoke, mukumwinuba canke mukumukumira bivanye n’indwara agwaye.

Igicapo 6.1

Page 18: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

18

Igicapo 6.2: Gwanya ikumira mukuvugira ahabona ibijanye n’umugera wa SIDA uri kumwe n’abandi.

Kunoganza iciyumviro :

? Mbega wibaza iki gicapo gisigura iki?

Igisomwa tubahitishejemwo

Gwanya ikumira mukuvuga ibijanye n’ikiza SIDA uri kumwe n’abandi.

Abantu bafise ubwoba bwinshi bufatiye kumugera wa SIDA.

Gusigura ibijanye no kwandura umugera wa SIDA kugira ugwanye ikumira.

Tanga inyishu kubibazo vyabo vyerekeye umugera wa SIDA hamwe n’indwara ya SIDA.

Bafashe kumenya uko umuntu yokwandura canke atokwandura umugera wa SIDA.

Bafashe gutahura yuko ikumira ribabaza umuryango wose.

Yaga wisanzuye ibijanye n’indwara yawe kugirango n’abandi bahere ubwoba.

Kunoganza iciyumviro :

? Mbega ababanyi bawe biraborohera kuyaga ibijanye n’umugera wa SIDA? Kuki?

? Mbega iyo uba waranduye umugera wa SIDA, vyogukundiye ko umenyesha uwo mwubakanye, umuryango wawe,

ababanyi bawe ko wanduye? Kuki?

? Mbega twokora iki mubabanyi kugirango batahure kandi bagirire impuhwe abagendana umugera wa SIDA.

Page 19: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

19

Gwanya ikiza SIDA mukuyaga wisanzuye ibijanye n’umugera wa SIDA uri kumwe n’abandi.

Igicapo 6.2

Page 20: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

20

Igicapo 6.3: Menyesha abantu imigenzo itanduza ikiza ca SIDA, akarorero:ugusomana, ukuramukanya, gufungurira hamwe no kwicara hamwe n’abandi.

Kunoganza iciyumvira :

? Wibaza ko ico gisomwa kuri kino gicapo gisigura iki?

Igisomwa tubahitishijemwo

Menyesha abandi inyifato zibereye zituma umuntu atandura umugera wa SIDA nko gusomana, kuramukanya hamwe

no kwicara hamwe n’abandi.

Kuramutsa umuntu ntabwo vyanduza umugera wa SIDA.

Gufungirira hamwe n’abandi mwisahani imwe ntabwo vyanduza umugera wa SIDA.

Ntugatinye kwicarana n’abantu bagendana umugera wa SIDA.

Kwicarika umwana kubibero ntabwo vyanduza umugera wa SIDA.

Izi nyifato zose ni nzinza kandi ntizanduza umugera wa SIDA.

Kunoganza iciyumviro :

? Mbega ni iyihe migenderanire atangorane itera twoshobora kugiriranira n’abagendana umugera wa SIDA?

Ntabwo umugera wa SIDA uca mumuyaga (mukwasamura) canke ngo uwanduzwe n’umubu ukuriye.

Ntabwo amate, amosozi canke intuguta vyanduza umugera wa SIDA.

? Ni ubuhe buryo umuntu ashoboye kwanduramwo umugera wa SIDA? (raba Igicapo 1.3 na 1.4 nimba bikenewe)

? Ni vyiyumviro vyerekeyeumugera wa SIDA bikwiye guhinduka kuko vyatahuwe nabi aho mukibano? Mbega wibaza twohindura gute mwene ivyo vyiyumviro?

Page 21: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

21

Menyesha abandi inyifato zibereye zituma umuntu atandura umugera wa SIDA nko gusomana, kuramukanya hamwe no kwicara hamwe n’abandi.

Igicapo 6.3

Page 22: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

22

Igicapo 6.4: Fasha abo amagara amaze gusinzikara cane gukora ibikorwa vyabo. Bahamagarire kwifatanya nawe mubikorwa rusangi.

Kunoganza iciyumviro :

? Mwibaza iki gicapo giGusigura iki?

Igisomwa muhitishijwemwo

Fasha abo amagara amaze gusinzikara gukora ibikorwa vyabo.

Abantu bagendana umugera wa SIDA barashobora gusinzikazwa n’indwara canke bakaba ntamagara.

Bari bonyene, ibikorwa birashobora kubagora.

Nimuje hamwe n’abandi babanyi musangiye umutumba kugira mufashe abagwaye canke ba ntamagara.

Fasha abandi kwitabira ibikorwa rusangi.

Fasha bantamagara badashoboye kwicara.

Raba ukuntu mwoshiramwo abo bantu mubona basa n’abibagiwe kumutumba iwanyu.

Ereka urukundo n’icubahiro abantu bagendana umugera wa SIDA.

Kunoganza iciyumviro :

? Wibaza bino bikorwa vyofasha gute abantu babangamiwe n’umugera wa SIDA.

? Ni ibihe bindi bikorwa vyoshobora kugira ico bigufashije (canke bigafasha abandi) mukibano mugihe c'ingwara?

Page 23: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

23

Fasha abo amagara amaze gusinzikara gukora ibikorwa vyabo.

Bahamagarire kwitaba ibikorwa rusangi.

Igicapo 6.4

Page 24: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

24

Icigwa ca 7: Gutandukanya imvyaro Igicapo 7.1: Mu miryango badatandukanya imvyaro, ntibatevye gusama ngo habanze guca imyaka ibiri, abavyeyi bagira amagara mabi kandi bakagwaragurika.

Kunoganza iciyumviro :

? Mbega ubona iki gicapo giGusigura iki?

? Wiyumvira ko uno muryango woba ufise amagara meza canke woba uhimbawe? Kuki?

Igisomwa muhitishijwemwo

Mu miryangobadatandukanya imvyaro badatevya gusama ngo habanze guca imyaka ibiri, abavyeyi bagira amagara

mabi kandi bakagwaragurika.

Abo bavyeyi iyo bibungenze kenshi bakunda gusesemwa.

Abana Babura ibikwiye vyo gufungura maze ntibakure neza.

Ugasanga abana batarakwiza imyaka ibiri bategerezwa gusangira ibere rya nyina n’akandi kayoya gashasha kavutse.

Abavyeyi n’abana babo basinzikazwa no gukama amaraso.

Abagore badatandukanya imvyaro basama kare cane baba bageramiwe no kuzohava bahitanwa n’imbanyi bariko

baribaruka.

Uyu mugore yagize ingorane yogukama amaraso.

Umubiri wiwe ntiwaronse akaryo kokuruhuka no kwisanura inyuma y’aho yaheruka kuvyara.

Abagore basamye kare cane kenshibirashika bakibaruka abana badakwije ibiro utwana duto cane canke bakibaruka

abapfuye.

Abanabavuka badakwije ibiro barakarigwa n’ugupfa mu misi y’ambere y’ubuzima. Bizokagora cane kuva mu buyoya

kadapfuye.

Nyina ntiyashoboye kuruhuka inyuma y’uwo yaheruka kuvyara.

Umubiri wiwe vyarawugoye kuronsa umwana ingaburo ikwiye.

Kunoganza iciyumviro :

? Mbega woba umaze kwibonera abavyeyi bagize ingorane zandurutse k’ukudatandukanya imvyaro, imbanyi zegeranye cane? Mbwira ivyabo uko vyari vyifashe.

Page 25: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

25

Mu miryango batandukanya imbanyi, ntibatevye gusama ngo habanze guca imyaka ibiri, abavyeyi bagira amagara mabi kandi bakagwaragurika.

Carte 7.1

Page 26: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

26

Igicapo 7.2 : Mu miryango batandukanya imvyaro batevya gusama hakabanza guca imyaka ibiri inyuma yo gusama iyindi mbanyi /kwibaruka usanga abavyeyi bayo bakomeye kandi n’abana babo bafise amagara meza.

Kunoganza iciyumviro :

? Mbega wibaza ko kino gicapo giGusigura iki?

? Mbega wibaza ko uno muryango woba uhimbawe canke ufise amagara meza?

? Mbega wogereranya gute uno muryango n’uwo uri muri ico gicapo canyuma?

Igisomwa muhitishijwemwo

Mu miryango batandukanya imvyaro/ itevya gusama hakabanza guca imyaka ibiri inyuma yo gusama iyindi mbanyi/kwibaruka usanga banyina b’abana bakomeye kandi n’abana babo bafise amagara meza.

Abavyeyi bagira ingorane nke mugihe bibungenze canke bariko baribaruka.

Abana bakagwara gake kandi bagakura neza.

Umwana wewe yonswa imyaka ibiri canke irenga.

Abana barashoboye gukurana inguvu, bakaba barebare kandi bakagira amagara meza.

Banyina b’abana bararonka umwanya mwinshi kandi bakagira inguvu zo kwitaho abana, abagabo hamwe n’ingo vy’abo.

Imiryango irashoboye kuziganya amahera kandi ikitegurira uwundi mwana bazoronka mugihe hari umwana munini hagati

y’abana.

Kunoganza iciyumviro :

? Ni izihe nyungu zindi ziri mugutandukanya imvyaro mukiringo c’imyaka ibiri?

? Mbega umuntu yotandukanya imvyaro gute? Mbega bakoresha ubuhe buhinga?

Page 27: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

27

Mu miryango batandukanya imvyaro, bagatevya gusama, hagaca imyaka ibiri inyuma yo gusama iyindi mbanyi, usanga banyina b’abana bakomeye kandi n’abana babo bafise amagara meza.

Igicapo 7.2

Page 28: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

28

Igicapo 7.3: Vugana n’umuvuzi kugira akumenyeshe uburyo bubungabunga amagara bufasha mugutevya imbanyi ikurikira.

Kunoganza ikibazo :

? Mbega wibaza iki gicapo giGusigura iki?

Igisomwa tubahishijemwo

Vugana n’umuvuzi kugira akumenyeshe uburyo butabangamira amagara bufasha mugutevya imbanyi ikurikira.

Umuvuzi arashoboye gutanga impanuro kandi akabaza ibibazo.

Mugihe udashimishijwe n’ubuhinga bumwe, gerageza ubundi.

Baza umuvuzi ibimenyetso vy’ingorane zifatiye kw’ikoreshawa rya buri buhinga. Ubu buhinga burashoye gutuma umuntu

ameneka umutwe, agira isesemwe hamwe n’hindagurika ryo kuja mukwezi.

Subira kw’ivuriro mugihe wumvise umerewe nabi umaze gukorsha ubuhinga bushasha.

Koresha agakingirizo kugira mwikingire ikiza ca SIDA. Ubundi buhinga bwo gutandukanya imvyaro ntabwo bubuza ko

umuntu yokwandura umugera wa SIDA.

Kunoganza iciyumviro :

? Woba wipfuza kwitura muganga kugirango akumenyeshe ubuhinga bwo gutandukanya imvyaro? Kuki?

? Ni ubuhe buhinga umaze kugerageza gukoresha? Tuyagire uko vyari vyifashe.

Page 29: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

29

Vugane n’abo kwa muganga kugira akubwire vyinshi ku bundi buryo bwo gutandukanya imbanyi.

Igicapo 7.3

Page 30: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

30

Igicapo 7.4: Ibinini vyo kwirinda gusama imbanyi, inshinge, udufuko, utunyuzi n'akagegene ni uburyo bw’igihe gito butuma umuntu ateba gusama iyindi mbanyi.

Kunoganza iciyumviro:

? Wibaza ko iyi sanamu iGusigura iki?

Ico ivyanditswe bivuga

Ibinini vyo kwirinda gusama imbanyi birashobora gukoreshwa iminsi yose kugira umuntu yirinde gusama iyindi

mbanyi.

Fata ikinini kimwe ku munsi ku munsi, kuri ya saha iminsi yose. Igihe usimvye umunsi canke ubuze ikinini, urashobora

gusama iyindi mbanyi.

Inshinge zibuza gusama imbanyi amezi atatu.

Mu mezi atatu, iyindi mbanyi ntishoboka. Kugira ntutware iyindi mbanyi, subirayo uko amezi atatu aheze usubire witeze

urundi rushinge.

Utugegene (implant) ni utuntu bashira mu mubiri ku kuboko kw’umukenyezi kugira birinde imbanyi yindi gushika ku

myaka itanu.

Utwo tunyuzi dutegerezwa gushirwamwo kandi tugakurwamwo n’umuntu yavyigiye. Igihe badukuyemwo, iyindi mbanyi

irashoboka ubwo nyene.

Utunyuzi (sterilet) ni akantu gatoyi bashira mu gitereko (uterus) kugira babuze gusama imbanyi imyaka cumi n’ibiri.

IUD iteye nk’indome T (canke umusaraba) ikaba ikozwe mu kuma canke umupira. Ishirwa mu gitereko (uterus).

Akanyuzi gategerezwa gushirwamwo kandi kagakurirwamwo kwa muganga.

Koresha agakingirizo igihe cose uranguye amabanga mpuzabitsina kugira wirinde iyindi mbanyi be n’ukwandura

umugera wa SIDAcanke izindi ndwara zifatira mu bihimba vy’irondoka (IST).

Ubundi buryo bwo guhagarika canke kubuza gusama imbanyi ntibugukingira kwandura umugera wa SIDA canke

izindindwara zifatira mu bihimba vy’irondoka (IST).

Ibibazo vyo kuhanirako ivyiyumviro:

? Ni ubuhe buryo umaze kugerageza? Mbarira ibijanyee nabwo.

? Ni ubuhe muri ubu buryo bufasha kwirinda kwandura umugera wa SIDA? (udufuko gusa)

Page 31: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

31

Ibinini bibuza gusama imbanyi, inshinge, utunyuzi, udufuko, be na IUDs ni uburyo bukora igihe gito kugire butebeshe gusubira gusama imbanyi.

Igicapo 7.4

Page 32: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

32

Igicapo 7.5: Igihe utifuza gusubira kuvyara abana, wewe canke umutambukanyi wawe murashobora kuja kwa muganga bakabafunga kugira ntimuzokwigere musubira kuvyara umwana.

Kunoganza iciyumviro:

? Wibaza ko iki gicapo gisigura iki?

Ico ivyanditswe bivuga

Igihe utifuza gusubira kuvyara abana, wewe canke umutambukanyi wawe murashobora kuja kwa muganga

bakababaga kugira ntimuzokwigere musubira kuvyara umwana.

Ari umupfasoni, ubwo buryo buboha inzira izana imbuto mu gitereko.

Ari umu bagabo bacacura inzira y'imbuto

Ubu buryo bwamaho. Ntuba ugisubira guhindura ngo bisubire uko vyahora.

Ubwo buryo ntibubuza kurangura amabanga mpuzabitsina.

Ubwo buryo ntibubuza kwandura umugera wa SIDA.

Ikibazo co kuganirako:

? Ubwo buryo mubwibazako iki?

? Ni ubuhe buryo bugushimishije kuruta ubundi? Kubera iki?

Page 33: Gupima umugera no gutanga impanuro zo gukinga …caregroupinfo.org/wp-content/uploads/2014/10/FH-PACF...AIDSTAR-One. 2011. Tools to Increase and Sustain Co-trimoxazole Use: Job Aids

33

Igihe utifuza gusubira kuvyara abana, wewe canke umutambukanyi wawe murashobora kuja kwa muganga bakababaga kugira ntimuzokwigere musubira kuvyara umwana.

Igicapo 7.5