12 ndongozi 707 amakuru y’ekleziya ikinyamakuru … · mwaka mweranda, ha-nyuma mutangaze...
TRANSCRIPT
12 NDONGOZI 707 AMAKURU Y’EKLEZIYA
“Uzoharura amasabato indwi y’imyaka (…) u-mwaka ugira mirongo ita-nu muzowugira umwaka mweranda, hanyuma mu-tangaze umwidegemvyo mu gihugu kubakibam-wo bose. Izoba ari Yubile yanyu (Lv 25, 10).
Ng’ico ica mbere Imana ishaka kudushikanako muri uyu mwaka wa Yubile: ukwidegemvya, ukubohoka. Wa mu “cha-rismatique”we, vyumve neza: mu mwaka wa Yu-bile, Imana yama ite-gekanya gutanga inema zidasanzwe. ariko ni ngo-mbwa ko umuntu aba-nza kubohoka; abanza kuva mu buja. Amaze kwidegemvya rero, niho isezerano rishoboka.
Reka tubanze tudondore ingene ibintu vyari bi-meze mu gihe ca Musa, tubone gutegera imvo y’ukuri y’iryo tegeko rya Yubile.
Mu gihe ca Musa, ibiraba ubutunzi n’imibano nti-vyari nk’ivy’ubu. Ivy’ubu bishingiye ku buguzi: uwufise ni uwugurisha
(Vendeur/propriétaire) uwudafise ni uwugura (client).
Mu gihe ca Musa ho, ubutunzi n’imibano vyari bishingiye ku bucuti bwa shebuja n’umuja wiwe canke umusuku wiwe. Vyaza gute?
Iyo umuntu ariye u-mwenda, hanyuma aka-bura ico yishura, niwe nyene yaca yishora kuwo afitiye umwenda akeme-ra kumukorera, gushika igihe uyo afitiye umwen-da azomurekura abonye ko igihe amukoreye yoba yishuye umwenda wiwe.
Vyarashobora gushika aho umuryango wose, abavyeyi n’abana bagi-rwa abaja imyaka myi-nshi kugira ngo bishure umwenda (Mt 18, 5).
Imana rero yo muremyi wa vyose, ikaba n’umu-vyeyi wa bose, yashize umwaka wa Yubile ku-gira ngo ishireho:
- Urubibe rubuza abatu-nzi kugumiza aboro na ba ntahonikora mu buja
tunzi n’imibano canke y’akazi bintuma mba u-muja w’abifise uyu mwa-ka Imana yaranteguriye inema zizontuma mbo-hoka nkidegemvya;
2° Nihaba hari umuntu canke umuryango umeze nk’imbohe kubera jewe, uyu mwaka Umukama askaka ko ndawuvugi-riza inzamba iwumenye-shako widegemvya.
Ivyo rero ntibiraba imi-genderanire mu butunzi n’imibano gusa. Birashi-kira kandi biraba cane cane ivy’umutima:
Muntu uboshwe n’impe-ngamiro mbi igutuma uba umuja w’ikintu: itabi, uru-mogi, inzoga, iradiyo, TV, terefone, internet, umuzi-ki, … ng’uyu umwaka wo kubohoka kwawe urata-manzuye Ngiyo inzamba y’ukwidegemvya kwawe iriko irasamirana; ihere-ze Mutima umwiyegurire aku-bohore;
Muntu uboshwe n’i-ngeso mbi canke igicu-mu-ro uguma ugwamwo wisubiriza kugeza aho wihebura ko uzorinda upfa uri umuja, inzamba y’ukwidegemvya kwawe irasamiranye.
Uwakubambiwe, agasesa amaraso yiwe ngo ubo-hoke, afise umugambi wo kukugira uwidegemvya muri uyu mwaka mwe-randa ku bubasha bwa Mutima Mweranda. Mwu-gururire, mwiyegurire.
ubuzima bwabo bwose;
- Ibohore abantu/imirya-ngo bohava bamara ubu-zima bwabo bwose mu buja kubera ukubura ico bishura umwenda ba-riye.
Umwaka ugira mirongo itanu, muzowugira u-mwaka mweranda, ha-nyuma mutangaze umwi-degemvyo mu gihugu kubakibamwo bose. Izo-ba ari Yubile yanyu. Lv 25, 10.
Uyo mwaka utamaje rero, baravuza inzamba y’akanyamuneza mu gi-hugu cose, bagatangaza ko umuntu wese yahora ari imbohe canke ari mu buja abohowe, ko kuva ubwo yidegemvya kube-ra ubuntu bw’Imana.
None ivyo bisigura iki kuri twebwe muri iki gihe?
Buca dutangaza kuri Ra-dio Mariya no kuyandi maradiyo ko twuguruye umwaka wa Yubile.
1° Ninaba ndi mu babos-hwe n’indinganizo y’ubu-
Yubile ni umwaka w’ukubohoka n’ukwigina (Abaleviti 25,8-22)
Ndongozi y’Uburundi
B.P 690 Bujumbura. Tél.: 222762. Fax : (257) 228907 N°707 15 Munyonyo 2019
«Jewe ndi wa mwungere mwiza » Jn 10, 11ae-mail: [email protected]
Facebook : Journal ndongozi y’uburundi Rusiziramarembe
NDONGOZI Y’UBURUNDI
Adresse : Candikirwa, kigasohorerwa muri Ndongozi y’Uburundi. Avenue de la mission n° 06
Ikinyamakuru ca Ekleziya
Gatolika Umwaka wa 66Gisohoka kabiri
mu kweziIkiguzi : 500FBu
Abakozi ba NdongoziUwujejwe uruganda:* A. Noël NTIRANDEKURA
Abamenyeshamakuru:* A. Noël NTIRANDEKURA* Mélance NDAYIKEZE* MSV Marie Goreth NDIKUMANA
Uwujejwe ubuhinga :* Chanel HARINGANJI
Umunyamabanga:* MSV Marie Goreth NDIKUMANA
Umunyabigega :* MSV Anatolie NIYIMPAYE
Uwujejwe imigende-ranire :* J. de Dieu NDIKUMANA
Ibirimwo o Les Presses Lavigerie: Akanyamuneza ko guhimbaza Karoli Borome Mw
eranda................................................................................................................5o Mbega Imana yaremye umuntu imufitiye umugambi uwuhe? Yashaka iki kuri we?.............................................................................................................6
o Ikibanza c’abakenyezi mw’itangazamakuru mu Burundi ni gito cane...................................................................................................................................8
o Uburenganzira bw’umuntu bwo kudahanirwa icaha atakoze.................10
Soma ku Rup.12
Soma ku Rup. 4
Ihimbazwa rya Yubile y’imyaka 60 ya Diyoseze nkuru ya Gitega
Am
asan
amu
yo m
u bu
biko
Soma ku Rup. 4
Bakunzi ba Ndongozi,Urukundo rw’Imana nti-rugira ingero. Uwuraho muri ya Zaburi y’umu-nani ati “Mbega Muka-ma umuntu wamubo-nyemwo iki kigutuma umuhoza ku mushaha”. Ego cane ntiyihenze, U-mukama atwamiza ku muzirikanyi wiwe. Ehe raba ingene uku kwe-zi kwa cumi na rimwe kwatanguye aduha gutan-garira ingabirano y’ubwe-randa tugabana kubw’iki-gongwe c’Imana cane cane iyo tunywanye nayo mu kuri no mu rukundo.
Mu bihe vya none tu-rumva abantu canke a-mashirahamwe y’abantu, amaparuwase canke imi-gwi y’abakristu bategura bakongera bagahimbaza «Yubile».
None Yubile zihimbazwa zidufasha iki mu buzima bwacu? Ubwo si ukwine-zereza vyonyene?
Guhimbaza Yubile ni u-gutera iyindi ntambwe, urondera kwunguka u-
bundi buzima bugufasha kwegera Imana.
Umwaka wa Yubile wa-shinzwe n’Imana nk’u-ko tubisoma mu gitabu ca (Lv 25, 8-22).
None Imana yashaka gushika kuki?
Birabereye ko tuzirika-na tukamenya ico Ima-na yashaka gushikako kugira tumenye ico idu-shakira n’ico itwitezeko
muri uyu mwaka wa Yu-bile.
Dusomye rero Lv 25, 8-22 dusanga Imana yari ifise intumbero yo gushikana abantu bayo ku:
1. Kubohoka;2. Ukugaruka iwabo;3. Ubutungane;4. Ukwigina.
1. Ukubohoka
Yubile ni umwaka w’ukubohoka n’ukwigina (Abaleviti 25,8-22)