abisezeranocom.files.wordpress.com · web view46. eric shima, imburi ya kane: umugisha w’imana mu...

75
Eric SHIMA, MPhil (Daniel) Intumwa y’Imana E-mail :[email protected] Facebook: Eric Shima/Groupe: Dignity Ministry, WatsApp: +257-79 108 734 IMBURI YA KANE UMUGISHA W’IMANA MU BURUNDI BUSHASHA, ISIRAYELI YA KABIRI Eric SHIMA,(Daniel) 1 Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/2016 [email protected] , watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Upload: dinhnga

Post on 15-Jun-2018

656 views

Category:

Documents


2 download

TRANSCRIPT

Eric SHIMA, MPhil (Daniel)Intumwa y’ImanaE-mail :[email protected]: Eric Shima/Groupe: Dignity Ministry, WatsApp: +257-79 108 734

IMBURI YA KANE

UMUGISHA W’IMANA MU BURUNDI BUSHASHA, ISIRAYELI YA KABIRI

Eric SHIMA,(Daniel)

Bujumbura, Kuwa 10 Ndamukiza 2016

1Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

“Uhoraho yarahije ukuboko kwiwe kw’i buryo, ukuboko kw’inkomezi ziwe, ati N’ukuri sinzokwongera guha abansi bawe amasaka yawe ngo bayarye, kandi abanyamahanga ntibazokunywera vino wacumukuriye; 9 ariko abazoyimbura nibo bazoyarya, banshime jewe Uhoraho, kandi abazoyamura nibo bazoyinywa, mu ntangaro y’ahera hanje (…) 11 Raba, Uhoraho yabariye abo ku mpera y’isi, ati Ni mubwire umukobwa w’i Siyoni, muti Raba, agakiza kawe karaje; raba araje azanye impera, kandi inyishu yiwe iri imbere yiwe. 12 Kandi bazobita ihanga ryera, Abacunguwe n’Uhoraho; kandi uzokwitwa Aharondewe, Umurwa utahebwe” Yesaya 62:8-12

Mufise ico mubaza :

Eric SHIMA, Intumwa y’[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

English: This is a public document. No one is allowed to sell it. You are rather allowed to translate it in any language you like. If you decide to do that, please, get my confirmation or that of a professional recognized company, before you publish it.

Français : Cet ouvrage est un document public. Il est strictement interdit de le vendre. Toute personne intéressée a le droit de le publier dans sa langue originale. Si jamais une personne physique ou morale prend l’initiative de le traduire, elle n’a le droit de le publier que si le document traduit est reconnu, soit par l’auteur, soit par une autre Maison habilitée par une autorité compétente.

Kirundi : Muhawe uburenganzira bwose kuri kino gitabo kiretse ubwo kukigurisha

2Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

IBIRIMWO

INTANGAMARARA

I. IGIHE UMUGISHA UZIYEMWO N’INGENE UZOZA II. UMUGISHA WO MU BURYO BW’IMPWEMU

III. UMUGISHA UGARAGARA WO MU BURYO BW’UMUBIRI 1. Amazi yo mu masoko2. Energies renouvelables canke umuyagankuba usubiriwza 3. Quartier social muri Bujumbura Rural4. Ibikorwa rusangi 5. Gukorera hamwe 6. Tanganyika : amafi menshi 7. Gutera ibiti vy’inkwi n’ivy’ibidukikije 8. Ibiti n’amashamba9. Uburimyi mu Burundi : Ubuhinga bwo muri Maleziya10. Politike y’ubutunzi yitaho kuzamura abakene, Politique pro-pauvre 11. Itunganywa ry’amabarabara canke Réseau routier mu gifaransa 12. Kaminuza y’Uburundi13. Kwitaho intara zikenye kurusha izindi nka Cankuzo, 14. Urutonde mu nyubako 15. Gutunganya neza ama Parkings canke ibituro vy’ama bisi16. Gutandukanya parkings z’ama bisi, amapikipiki n’amakinga 17. Isuku ku mabarabara no mu bibanza vy’abantu benshi18. Gutunganya neza urudandaza mw’isoko rya Bujumbura no mu masoko makuru makuru 19. Gukingira ibiti n’amashurwe bitewe ku mabarabara 20. Uko dukwiye kwirinda mu bibanza birimwo abantu benshi 21. Inzitiro z’ingogo 22. Ubutunzi bw’igihugu

IV. INYIFATO IKWIYE KURANGA ABARUNDI MURI IISIRAYELI YA KABIRI 1. Uburyo Uburundi bukorana n’amakungu 2. Gusambura ibigirwamana3. Inyifato Abarundi bakwiye gusezerera 4. Isuku ku mubiri no kwigenga ubuntu5. Gukoresha neza umwanya ku musi 6. Inkino 7. Ubunywero bwo ku mabarabara 8. Kwitandukanya n’abanyamahanga : Gusubira mu vyagezwe (Gus.7 :1-6)

INDUNDURO

Notes

3Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

INTANGAMARARA

“Erega Uhoraho Imana yanyu ni we Nyene ijuru, mbere ni Nyene ijuru risumba ayandi, bo n’isi n’ibirimwo vyose” Gus.10:14

Ino mburi ifitiye ikimazi canecane abasomye imburi zitatu za mbere, kuko izo zerekanye iyo umugisha uzanana. Imburi ya mbere yasohotse mu kwa kane 2015 yavuga ku bigiye kuba mu gihugu bidasanzwe canke bigaragara nk’amagume ku gihugu n’abanyagihugu hamwe n’ibibizokurikira ayo magume aheze. Yarerekana impinduka igiye kuba mu buzima bwa politike hamwe n’ubw’ishengero. Imburi ya kabiri yavuga ibanga riri mu ntambara iriko iraba mu Burundi n’inyifato umukristo w’ukuri akwiye gufata, hamwe n’ingene dukwiye gusengera igihugu. Imburi ya gatatu yaburira amashengero, ibereka ibigoye amashengero, ibigiye gushikira ishengero muri rusangi mu Burundi bushasha, ikangura cane cane abaherezi bari imbere y’abandi ngo bitegurire ikanguro, bave mw’itiro ry’urupfu no mu kugabitanya.

Ubu dusohoye imburi ya kane ivuga ku mugisha Uburundi bugiye kuzobamwo mu nyuma y’iyi ntambara, ikaba ariyo mburi ya nyuma isohotse imbere y’uko Imana ikora ivya nyuma vyo kurangiza intambara bigiye kuba nk’uko Imana ibinyemeza.

Ndabakangurira rero gusoma imburi za mbere zose kugira muje mu mpwemu iyi mburi yandikiwemwo, nayo ahandi muzoyisoma nk’abariko basoma ivyandiko vy’abanyamakuru, mwimenyere udukuru ataco tuzobamarira, canke tuvuga ivyo mutazonabamwo. Kuko, bene Data, umugisha uva ku Mana Data ni uw’abihanye, si uw’abasomye bari n’ivyo bazi bagaca babaho bidigadiga gusa.

Ndabibutsa nshimitse ko umugisha w’umu Kristo, ni Kristo we nyene. Iyo ni ingingo ya mbere. Yumvikane neza, kuko abandi bishimiye ibindi : bishimiye imigambwe yabemereye ibiti, kandi iyo igiye kutazobaho muri kino gihugu kigiye kwinjira mu burongozi bw’Imana yo mw’ijuru. Iyo, ikoresheje abo ivugisha n’imbaraga zayo, izokwishiriraho abarongozi yo yemera. Abandi bishimiye abantu buntu, bafise imirimo yitwa iyidasanzwe mu gihugu canke mw’ishengero, abandi bishimiye abagwizatunga babegereye bakizera ko bari n’ico bazobamarira kandi ivyabo nimba vyavuye mu kugabitanya bishobora kuzojana n’iyo mvura, ahari inzu zigerekeranye n’izijererenze amabara y’ubwoko bwose zuzuye ibitayega hagahinduka iwabo w’ibihuna canke hakaboneka umunyota gusa nk’uko Imana yigeze kubinyereka mu muji. Yemwe batunzi mwihane, mwezeshe ivyanyu mu kwakira agakiza no mu gukorera Imana mu vyanyu. Abandi bizeye abapfumu babo b’agakura, ariko ndazi ko mwonshingira intahe ko benshi mubakora ivyo vy’ubuyobe mumaze kumaramazwa n’abo mwishimiye, ku buryo n’abaheruka gukoza ibiboreza mu kanwa haraheze imyaka irenga icumi basigaye « bidroga » canke biha ibiboreza umusi ukira, kugira ngo ikibashikako giturumbuka ntibacumve. Akira Kristo rero, kuko muri we hari vyose ; niwe atugwatiriza mpwemu, kandi ni we nyene ifeza n’izahabu nk’uko bibiriya ivuga.

Ingingo ya kabiri : Abarundi, kuko twasezeraniwe n’Uhoraho yatwemereye ikanguro ry’imitima yacu, n’iterambere rigaragara, twiteze umugisha uva ku wadusezeraniye. Vyumvikana ko tuwunyakurisha ukwihana atari mu buryarya bw’ibikorane bivanze no kugabitanya canke kwegera abakuru bakijijwe ngo tubaronke kw’ibiti. Imana ntihendwa.

4Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Mbere nkanguriye kwitatura n’Imana abo bose babihitiyemwo, kuko vyari vyarabaye ingwara imeze nk’itavurika. Bene abo Imana yabise ngo ni abasenga ibigirwamana. Begere Kristo badatinya, bature mu kuri baharirwe ha guhunga igihugu.

Ingingo igira gatatu : Turiteze nk’uko Imana yabivuze, kwezwa cane mu mpwemu biciye mu kwumva ubutumwa bw’ukuri, kwatura mu kuri, no mugukuraho ibiterekwako amatara Imana itishimiye. Ayo ni amashengero atashizweho n’Imana, canke yakase agafata inzira ya Shihori. Tuzoronka n’umugisha wo mu buryo bw’umubiri nk’uko bibiriya ibitwemerera, uyo ukazozanana n’ubugororotsi buzoza mu gihugu nk’uko maze kubibandikira mu mburi mwasomye.

N’uko rero, bene Data, Barundi, Barundikazi, tugire inguvu zo kwegera umusaraba. Ntitwongere kuvuga imvugo z’uburyarya zivuga ngo « nakirijwe aho ndi » ziva mu kwizigitira ku madini no mu kwitiranya idini na Kristo. Ndababwira ko abanyedini bazohabwa umugisha n’idini, abene Yosefu bazohabwa umugisha na Yosefu, abene Mohamedi bazohabwa umugisha na Mohamedi, abene Mariya bazohabwa umugisha na Mariya, abene Migurumiko bazohabwa umugisha na Migurumiko, abene Beyonce bazohabwa umugisha na Beyonce, abene Kristo bazohaba na Kristo. Jewe mpisemwo Kristo twahawe, yanatubambiwe, uwavuze ati : Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Hitamwo nawe. Mwibuke uko Yesu yishuye abirata kuba abene Aburahamu : yababwiye ati : mwame ivyamwa bikwiranye no kugororoka gusa kuko n’aya mabuye noyakuramwo abana ba Aburahamu. Iryo ni ijambo ry’Imana, ntimuvuge ngo mbaciriye imanza.

Abezwa uko Yesu Kristo yavuze, baronka umugisha yabavuzeko, kandi ntawuvanga n’umubabaro. Birazwi ko Satani atanga umugisha, ariko, uwiwe uvanzwe n’amarushwa menshi kuko uwiwe uzanana i kuzimu. Ingo zatanze ibimazi kwa Satani, iz’abasuma n’abaraguza, zirazi ingene umugabo n’umugore batunga amazu meza, umwe wese agahindisha umuduga ashaka, ariko inyama nziza bakayirenzako inkoni zitari mu rutonde rw’ibitekwa, bakanamara imyaka irenga mirongwibiri umwe wese arara mu cumba ciwe. Mu manza bakagira uburyarya bwo gutamikana nk’abakundana ngo ntibahinyuke. Mbere abiyerekana mu ngeso bene izo zo gutamikana mu bantu no gusomanira mu bantu nabonye urukundo rwabo rumeze nk’impuzu yanduye, nk’inanasi yagonzwe n’umuduga. Ariko igishika cubakiwe ku muryango w’umunwa co kimeze nk’ubuki burimwo udusenyi duke gusa.

Abezwa uko yavuze, ubwa mbere muzogororoka bimenyekane. Ukugororoka kwanyu, kuko kurimwo ubushobozi, kuzokwirukana impwemu mbi z’inyatsi n’iz’ubugizi bwa nabi bunyuranye. Izo zigiye zizobisa uburumbuke, umugisha ugaragara winjire. Tuvuze umugisha rero mwumve ivyo bibiri : kugubwa neza mu mpwemu biva kukubaha Imana, no kubaho neza mu bigaragara biva ku Mana Nzima. Gire umwete wo kwegera umusaraba rero tujabukane. Uburundi ntibwagenewe ivyo muhitiye mubona vyo kurara musi y’ibiraro ku bana b’igihugu, kwicaranako mu miduga igenda irafumba imyotsi ibarabara ryose, kugira umwanda muto na mukuru mu bibanza vy’abantu benshi bitateguriwe ico, no guhonyanga amashurwe leta yateye ku mafaranga menshi bidahanwa n’uburyo na bumwe mu muji ufise polisi, n’ibindi nk’ivyo. Ivyo birarangiye. Si ubwome ku gihugu. Abezwa turabivuyemwo. Imana yatwemereye kuzobana nayo, ivyo bibi vy’umubiri navyo ntibinezerererwa namba. Umwanda utera Uhoraho ishishi. Ijambo ry’Imana rivuga ko aho uri Imana ihahunga. Gus.28:1-14 Imihezagiro n’imivumo. Ezwa, tujabuke. Amen

5Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

I. IGIHE UMUGISHA UZIYEMWO N’INGENE UZOZA

“Raba uyu musi mbashize imbere umugisha n’umuvumo: uwo mugisha muzowuhabwa ni mwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho, Imana yanyu, ivyo mbagera uyu musi; uwo muvumo muzowuvumwa ni mutumvira ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, mugakikama mugata inzira mbagera uyu musi, mukagendanira

izindi mana mutigeze kumenya” Gus.11:26-28

Uhoraho ati: “Nshenye Arusha, imigambwe na demokarasi”. Uhoraho arongera ati : “Je refuse les urnes ethniques”. Ni ukuvuga ngo : « ndiyamirije amatora ashingiye ku moko». Twihweje ingene isi itwarwa muri bino bihe, ntitworeka kuvuga ko amajambo nk’ayo atsitaza. Ariko atsitaza abanyamubiri bagumiza ubwenge ku vyo biyumvira. Muri ino si hari ubwami bubiri, bumwe n’ubw’umwe yikakisha ataco ashoboye ku batoranijwe, Satani, ubundi ni ubw’Uhoraho, umwe yakororera Satani i kuzimu. Ubwo bwompi burwanira abantu mw’isi. Abagize ya Pasika y’ukuri imwe yakorwa na Kristo Yesu mu kwemera ivyabaye ku mu saraba no mu kubatizwa mu mazi menshi bakagwatirizwa Mpwemu Yera, bakemera kuba mu burongozi bwiwe, ni bo bari mu bwami bw’Imana. Abo, ivyo baravyumva bakanavyatura mu bagararije no mu bitazi. Abo ni nabo bazi ubwenge kuko Bwenge ni Kristo, kandi Danieli yavugishijwe kuri bo ati : Abazi ubwenge bazobitahura.

Abagikora pasika nyinshi, zimwe zo kubaga amasake no kunywa amayoga mu tubare, Yesu yongeye gupfa, uko umwaka utashe, naho nyene tweho tuzi ko atazongera gupfa, ahubwo ari mu bwiza bwiwe, gushika igihe azogarukira, abo, barumva ayo majambo bagatangara. Kuko baguwe neza mu vyo ubwenge bw’abantu bwashizeho. Kuko bakiri mw’isi mu buryo bw’impwemu, naho buzuye mu madini atandukanye basengeramwo bahimabaza za Noweli, bakumvira umunezero mu birori bakora bakikuje wa mudayimoni Père Noël, ari abitwa ko bakijijwe n’abadakijijwe, baguwe neza mu vyo isi yashizeho. Ntituyobewe ko imigambwe, demokarasi canke intwaro ishingiye ku moko atari Abarundi babishizeho, ariko, akagwi k’abantu bafise inguvu nyinshi kuzuye umugararizo wo kuganza isi, ni ko kabitegekesheje isi n’Uburundi urwenge rwinshi, kugira bashikire ivyo bifuza vyo kugenzura canke gukontorora isi, bayikoreshe kandi banayisoromemwo ivyo bashaka. Mbivuze muri make ariko ni birebire.

Senge mwumve n’ivyo ntavuze. Iki ni igihe ku Mana co gufukura ivy’ayo mabanga isi imaze igihe itwarirwamwo, abantu bakibaza ingene ibihugu bitunze kurusha ibindi ubutare, agataka, amazi, ibiti, na peterori vyo muri Afurika ari navyo bikenye kurusha ibindi mw’isi. Ve mw’itiro musenge mubaze Imana ivuga. Jewe ubwanje nanje nigiye ivya politiki, International peace studies, mu kingereza, ariko ntivyampaye kubimenya, ntarasenga ngo Imana ivugane nanje. Iyo utarasenga, ibindi vyose, bagenzi, ni imana z’igiti. Abize n’abatize, ce bugufi musenge iyarungitse ba Daniyeli gusigurira inzozi umwami. Kwiga ni vyiza, mbere ni vyiza cane. Ariko Daniyeli nta MPhil, Msc, canke PhD. Yari afise. Ayo ni ama diporome abaminuje cane bafise bakibaza ko bari n’ico bazi.

Muti none ibi vyose bizoba Uburundi burongorwa na nde ? Ugiye kurongora igihugu sindamubwirwa neza, ariko Imana yaranyeretse ubwa mbere bamwe mu barongora batatu bakomeye bishwe. Haba uruhagarara, biboneka umengo ubutegetsi burakuwe. Ivyo bishobora kuba igeragezwa ryo gusengerwa kugira ngo urupfu rutari mu buryo bw’ivyo Imana ishaka ruveho.

6Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Uguhindukirira Yesu mu kuri kw’abavugwa gushobora guhindura ibintu nk’uko Uhoraho abivuga muri Yeremiya 26 :1-6. Kuko ikiraje ishinga Imana si uko abantu bapfa, n’uko bigarura, nayo ikareka ibibi iba yamaramaje kubagirira. Umuvugishwa rero arashobora kuvuga ko Bitumva azopfa agapfa, akavuga ko Ntezamatwi azohambwa nabi kubera ububegito bwiwe, ntanapfe kubera yihanye ububegito bwiwe. I Ninewe bihanye Uhoraho yarahagaritse ivyago yari yamaramaje kubagirira. Nimba rero Abarundi bimonogoje mu kibi bariko barihana, abicwa n’abibwa n’abafatwa ku nguvu, n’abafatirwa ubusa, n’ababesherwa, bazobimenya. Si Imana gusa. Iyo nayo ica imanza, izobaharira.

Ikinezereye n’uko nashoboye kuburira abo bavugwa, ukuri kwose bakaba bakuzi. Ikindi, nabonye Nyangoma aje mu Burundi akakirwa n’abagore babiri. Ivyo bishobora gusigura vyinshi, kimwe muri vyo kukaba ari ukwakirwa n’imigwi ibiri y’abantu batavuga rumwe, bakumvikana kubana musi y’uburongozi bumwe. Umugore ni ishengero, kandi ishengero ry’Uburundi, ubu riboneka ryiciyemwo kubiri : bamwe barumvira ubuhanuzi buva ku Mana bagakora ivyo isaba kugira ngo bajabuke, abandi baguma batoteza abakozi b’Imana ngo baragumura abandi kuko batariko bavugishwa ivyo bo bipfuza muri kameremere zabo zatewe n’ingese zo kutumvira Imana. Imana ifise umugambi w’ukutugira umwe. Kugira ibishikeko, igiye gukorora imvura nyinshi cane ivanze n’urubura kugira ikomvomvore mu mitima yacu ivy’idakunda vyose bidutera ubugarariji. Ivyo, uvyiyambura ubu, imvura ntaco izomugira. Ariko uvyigumizako, akabwira Imana ati : « N’utwiziguruke » nk’uko Abisirayeli bigeze kuvuga, bakavuga bati dufise imana zacu, niyo mafaranga, n’ibirwanisho, n’abapfumu bacu, n’abadushigikiye, abo, sinobasiga inkore ku maso, Imana ntindandurane nabo, iyo mvura irabahitana nta kabuza, ibahitanane n’ababatera akaborerwe, uko boba bakomeye uko ariko kose.

Jewe numva ikinfitiye ikimazi atari kumenya uwimirije gutwara uwo ari we ; icompa hakaza uwo ari we wese Imana yo mw’ijuru iriko iritegurira. Ahubwo igifise ikimazi ni uko iyo mvura ivugwa yoza namaze kwiyambura ivyankwa mu nyonga z’Imana. Nawe nguteye intege, wiyambure amacakubiri, ubwicanyi, ishari n’inzigo, ubusuma bwatabaguye Uburundi haraheze igice c’ikinjana, ukurya ibiturire n’ukubitanga, kuvugishwa ibinyoma (kuvugishwa ivyo bibiriya yera itavuga), kuraguza, kuroga, gukwegesha ubutunzi icubahiro n’ubutegetsi. Ivyo vyaboheye Uburundi n’Abarundi mu maboko y’umwansi w’ikuzimu. Ivyo ni vyo bitumye Uhoraho yisidukira.

Nfatiye ku barongoye igihugu bose kugeza uyu musi, batatu muri bo berekanwa nk’abimonogoje mu kuraguza, banatanga amaraso y’ibimazi vy’Abarundi kubera inyungu zabo. Bamwe muri bo narabandikiye. Mbateye intege ngo bihane, begere abakozi b’Imana bakijijwe atari ba nsumirinda kandi atari abanyedini, babafashe. Ikimazi Yesu yatanze gisumba ibimazi vy’ampfizi n’ivy’abantu abarondera ubutegetsi batanga, kandi vyoza ivyaha rwose. Banguka, ubwato bugira bwugare, niko Uhoraho yanyongoreye mu mpera z’ukwezi kwa gatatu 2016. Mbona umuryango uriko urugara. Soma Itanguriro 6: 1-14 na Itanguriro.7:10-12, hama mwinjire mu bwato vuba. Kuko, ehe, raba, Imana yashingiye ikintu cose igihe caco, niko umusiguzi avuga. Avuga neza na neza ati: « Hari igihe co kuvuka n’igihe co gupfa; (…) igihe c’intambara n’igihe c’impore ». Umus. 3 :2-8.

7Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Ubwato bwa mbere Nowa yabukoze igihe kirekire, ategetswe uko abukora n’ubwoko bw’igiti abukoramwo. Ubwato bw’ubu, Imana ishimwe, burakoze, buhinguwe neza mu giti cisa mu bindi vyose kandi ciza, catoranijwe n’uwaremye vyose. Utudirisha n’irangi, eka mbere n’ibiribwa muri bwo, vyose birateguye. Ubwo bwato ni Yesu Kristo. Amen. Umwe yabwira wa munyasamariyakazi ati: “Nyizera, nyina wanje” (Yoh.4 :21), ijambo n’uyu musi ritarumvikana. Uyo mugore yariko abaza Yesu aho kwinjirira ngo yemerwe. Iyo nyishu n’ubu yanse kubumba abantu, ni co gituma bariko bitunganiriza amadini ha kwinjira mu bwato, ari bwo shengero rimwe gusa mw’isi yose ryashizweho na Yesu, akarishirishaho kubambwa ku musaraba, yitanze wese. Itange mu vyanyu namwe muronke umugisha.

Manika ivyanyu nk’uko Yesu yamanitse umubiri wiwe, muronke umugisha uva mw’ijuru. Manika inka 20 mu nka ijana zawe usohore abarwariye mu bitaro, manika uruzu rwawe rugerekeranye, usomeshe nk’abanyeshure ama jana abiri ; manika inzu zawe utabamwo abakene bazibemwo ku buntu, manika imiduga yawo iparikinze mu rugo yunguruze abariko bavuga ubutumwa mu kuri mu gihugu cose. Manike ivyanyu, banyedini mwe, ivyo mwumiyeko mukizivya amatwi, Uhoraho amanure ivyo yasezeraniye abayikunda. Luka 18 :18-27 : Umutunzi.

Bakundwa ba Isirayeli ya kabiri, ibi biroroshe kuvuga kurusha gukora. Mvuga uku nanje nniha, nifuza ikinkura aho ngeze. Kuko Imana idahinduka, ico nzi ni kimwe : n’uko ico yabwiye urya mukuru w’isinagoga w’umutunzi, ari naco ibwiye n’umunyedini arongoye idini ry’uyu musi, n’uwundi wese yifuza kujabuka. Ico nyene nico akubwiye wewe uriko urasoma, kuko ijambo ry’Imana ari rizima ritavugana n’abapfuye, ariko rivugana n’abazima, ubu rivuganye nanje. Nimba udahajije unsengere. Ikibazo n’uko hari abitwa ngo barizera, basamye gusa barindiriye manu iva mw’ijuru, ariko bakanka kugira ico bamanika, ngo Uhoraho agire ico amanuye. Bene abo barangwa n’aya majambo y’abuzuye ukwifuza avuga ati:

Hewe vya bintu ni ryari? CNARED izoza ryari ? Naka azopfa ryari ? Twa dusore tumaze imisi tutumena amatwi muzoducira imitwe mu gasho ryari ? Naka azohabwa amasaha 24 ryari turonke amahoro ? Hewe, ntaco urerekwa ?

Bene abo ntibanyotewe kwihana kugira ngo Imana yishure, banyotewe ko hagira bamwe baca amazosi abandi kugira ngo bime. Ariko nimba mukeneye ico neretswe, ntikinabuze, neretswe urugi rw’ubwato ruriko rurugara. Injira muri Kristo, uve mu rusaku. Ibihe ni ivy’Imana kumenya. Abinjiyeyo n’uyu musi turi mu mugisha, kuko dufise amahoro ibibomborana bibomborana. None umugororotsi ntabaho umwansi atarinze gupfa kugira ngo ukugororoka kw’Imana guserurwe n’ibinoko ataco vyotera ubwoba ? Ikindi namenye, n’uko musi y’izuba twese turi ibumba mu kiganza c’Uhoraho (Yeremiya 18 :1-17). Kura ibinoko ku mwansi, Uhoraho akurwanirire. Rangamiza mu kirere wirabire ayo mafarasi atagira amababa ; ntasubira inyuma atakoze icayazanye. Mbega ko mu mburi ya mbere n’iya kabiri, nayabonesheje amaso y’impwemu, abakerebutse bakaruhira kubonesha amaso y’umubiri ibicu ashushanijwemwo mu kirere co mu Rwanda, abandi i Burundi, mbega izigaragara ntizije ?

8Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Ariko abihanganye múnezwe ico Imana ikora, atari ico abantu bakora (kuko ataco umuntu azokorera igihugu atagikoreshejwe n’ijuru), abatariko bihamagarira ikiza ngo ni kize (kuko atari umusi wo kurya no kunywa ariko ari uwo kugendera mu bitenga vy’amaraso), ariko baduze ku munara muremure bambaza iyimika abami ikabimukurura bayibwira bati : shitsa ivy’ubugombe bwawe kw’ihanga ryawe wahisemwo, abo, izuba ry’ubugororotsi rigira ribakire, inkota ya Ezekiyeli 21 ihéjeje igikorwa cayo. Umuco uraza abansi b’Imana bahunge igihugu, maze iterambere rirabishwa amaso rikurikire. Mube maso ntimubidibamemwo, kuko Umwami atazoteba guhwikira, ayandi mashurwe acama izindi mbuto. Ivyo bitaraba, ama urukundo. Amen.

9Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

II. UMUGISHA WO MU BURYO BW’IMPWEMU

« Kuko nzi ibikorwa vyabo n’ivyiyumviro vyabo. Igihe kigiye kuza nzokoranya amahanga yose n’ab’indimi zose ; bazoza babone ubwiza bwanje. 19 Kandi nzoshira ikimenyetso muri bo, abarokotse muri bo nzobatuma mu mahanga, (…) aho batari bwumve ko ndi rurangiranwa, ntibabone n’icubahiro canje ; maze bazokwiganira amahanga icubahiro canje. Nuko bazozana benewanyu bose babakuye mu mahanga yose kw’ishikanwa ryanje Uhoraho, bazoza bagendera ku mafarasi no mu mikogote ikwegwa na yo, no mu nderuzo no ku nyumbu no ku ngamiya, bashike ku musozi wanje wera Yerusalemu, ni ko Uhoraho agize (…) 21 Kandi nzorobanuramwo bamwe mbagire abaherezi n’abalewi, ni ko Uhoraho agize.» Yesaya 66 : 18-21

Ibiringo bitandukanye nsemerera, canke nandika imburi za mbere, canke mwumva n’ubutumwa mwumvise no ku bandi bakozi b’Imana benshi, mwarategereye cane ingene umugisha uva ku Mana, uko witwa uko ariko kose, uzanana n’ubugororotsi, nabwo bukazanana no kwakira Yesu nk’Umwami n’Umukiza mu kwihana ivyaha no mu kwezwa icaha n’ubuhumane bwose. Uhoraho yaravugiye kera mu kanwa k’umuhanuzi ati : Nta mahoro ku munyavyaha. Uyu musi abanse kwihana, n’abamaze guhagarikisha amasezerano amasengesho yabo apfuye, ni bo bariko barabaza bati : Vya bintu ni ryari ? Mbega abo inyishu yabo ni iyihe ?

Wa mutunzi (Luka 18 :18-19) yitwa ko ashaka kuja mw’ijuru, atemera ivyo risaba, ahamagara Yesu ati : « Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira ? Yesu aramubaza at’unyitira iki mwiza ? » Yesu, kuko atohendwa n’umwana w’umuntu, yamenye kare ko ivy’ubwiza vya Yesu atavyemera, kuko ivyo nyene vyavuga gutanga ivyiwe vyose, bikamuvuna umutima, aca amusamira hafi ati : unyitira iki mwiza, ko ibigushikana mu bwiza biva mu kanwa kanje, utavyemera maze ukanyita mwiza mu buryarya canke witiranya ubwiza bwanje n’ubwiza bw’ab’isi ata ciza kiri muri bo ? None yari iyihe mpamvu yo kwita Yesu « mwiza », ubwiza bwiwe ari ryo jambo rizana ubutunzi atari yiteze kuryakira ngo rimushikane mu bwiza ?

Uko niko ab’iki gihe batemera ivy’imbaraga Yesu agiye gukora mu gihugu cacu, mbere ariko aranakora, bagumiza amaso ku butunzi, n’ububasha bwabo, n’ibirwanisho, n’abapfumu n’imana zisha n’izimeneka zabo hamwe n’ivyiyumviro vyabo vyo kwiyegeranya mu moko n’uturere, baha umugongo iyirema ikanica, imwe ikenesha umuntu ikanamutungisha (1 Samweli 2 :6-7), maze bibacanganikiyeko bagafatwa n’ingwara zidakira, ubutunzi bubahezeko, abansi babakikuje giturumbuka umupfumu inkoni yiwe igacikamwo kabiri, bagatangura kubaza batavyemera bati : bimwe Imana yavuga ko izokora, ni ryari ga nani ? Ntiwoca bugufi ubu nyene ucumva bino, hagukomeza wikakisha ? Kuri abo bikakisha, Imana ihishura ibikomeye bitananyorohera no kwandika, ariko ngatangazwa n’ingene iyo batontoma barusha intambwe yisangije ikibira iyo batontomeye ku mugororotsi. Mbahanure ? Ntibikenewe uyu musi ko abasumvya ibitugu abandi tuduza ijwi cane kurusha ibicu, kuko igihe kiza, ijwi rizoduga tutanabishaka. Nimwībîke. Uwiruka agîye gufata intungane, vuba baramwirukako. Itekerereze kuko ibisa n’ivyo mu buzima tunamaze kubibona. Nabonye musi y’izuba hari igihe co gucokora n’igihe co gucokorwa.

Manura ibitugu, umugisha kubaca bugufi, bakihangana ni mwinshi.

Mu mburi zabanjije mwumvise vyinshi bizoba mu buryo bwagutse. Ubu turegeranya gusa kugira dutambukire mu vy’umubiri vyo kwitonderwa, kuko vy’ukuri uwutasomye imburi za mbere z’ivy’impwemu, tubisubiremwo, nta kamaro ko kwidigadiga asoma ibi. Kuko umugisha ni uw’uwejejwe. Nditeze ko mu mugabane w’ivy’impwemu Uhoraho atazobura gukora ibi bikurikira:

10Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

1. Ishengero rizokwezwa rikurwemwo abungere b’amabingira. Yobu 18:5-7. Abo ni abakora ivyo kuzimiza abantu ibigirankana, canke bafise ibanga rya Satani bakiriye, bakarikorerako mu kugwiza abanywanyi mu buryo butarimwo umuco. Abandi nabo birazwi ko babikora mu kutamenya kuko bazimijwe n’abo ba mbere. Kuri abo, niteze gutabarwa kwabo kuva ku Mana igororoka ni baca bugufi. Ariko n’aba mbere baciriye Satani bemeye, bokwakirwa n’umunyembabazi yababambiwe kuko umuririmvyi ari muri mpwemu yavuze ngo imbabazi ziwe zishika n’i kuzimu.

Abo bungere bagira bati : n’utwiziguruke, bazokwambukanwa babe inyagano mu yandi mahanga nk’uko nabibandikiye kera bikaba vyaranatanguye kuba, batemeye kuburirwa. Naho bakomeje kwizera abahanuzi b’ibinyoma badutse, bavuga ko tudakwiye kuburira abanyavyaha ngo bihane ng’ubuntu bwarabonetse, bazobona ibara. Kuko ijambo ry’ubwo buntu bw’Imana ni ryo riduhamagarira kwisuka mu maraso ya Yesu twatura icaha cacu, ubuntu bukabona kutugirira akamaro. Ariko abazigiriza abantu b’Imana hanze, bari mu buntu bwa none, ubuntu bw’Imana nzima babugize ikiririmbo co kwiririmbira gusa canke icivugo co kwatura, slogan, nya buntu bukakubako. Si ugusubiramwo amajambo gusa, bene Data, ngo “Ndakiriye Yesu nk’Umwami n’Umukiza”. Ahubwo n’ugukora ico ijambo ry’ubwo buntu ridusaba. Kuko, ehe ibintu bitatu vyo kwitondera: Uyu Yesu nyene atanga ubuntu yadushize imbere urupfu n’ubugingo, aduha ubwenge bwo guhitamwo. Ica kabiri: uyo Yesu atanga ubuntu niwe yanavuze ati : “Ushaka kunkurikira, ni yikorere umusaraba wiwe ankurikire”. Ica gatatu, Uyo Yesu yatanze ubuntu si nawe avuga ko ari we rembo akanongerako ko iryo rembo ripfunganye? Ntaco umuntu yoronka ataco atanze, mureke guhenda ishengero ry’Imana.

Ababikora mu kutamenya, muce bugufi mwemerwe. Ego twese twaracumuye. None kwatura ubuntu, ata kwihana, ata kwatura icaha, bidushikiriza ubuntu gute? Erega mvuze kwezwa, turetse ko mba mvuze ico uwatanze ubuntu yavuze (Ivyah.3:17-19; Ivyah.22:14), simba nguciriye urubanza ngo wezwe use nanje, oya. Mba nkwakuye ngo twezwe duse n’uweza, ni Yesu. Ivyo navyo, kuw’ihanye akabatizwa mu mazi menshi, bica mu kwatura ivyaha no mu gukorera Imana ivyo ijambo ry’Imana ridutegeka. Naryo rivuga, kwihana, kubatizwa mu mazi menshi, gusoma ijambo bifatanye no gusenga, kwatura icahe ari kwo kwiyeza ibihe vyose, kuko hagwa uhagaze kandi utejejwe atazoraba umwami.

Uvuze ko wejejwe n’ijambo? Uvuze neza. Iryo jambo, kubera ko rivuga kwatura ukaba wibera mu busuma n’ubusambanyi n’irementanya n’ubwibone, ivyó nanje vyari vyarambase iyataba amaraso ya Yesu, ukanka kuvyatura, reka kubeshera ijambo.

Ku mabingira, si ukwambukanwa gusa, abandi bazopfa, abandi bashirwe mu mwanya wo kudashobora kurangura igikorwa c’impwemu na kimwe. Bimwe muri ivyo ababikurikirana mumaze no kubibona. Hari abagiye mu mahanga umengo n’umugisha bahawe, ariko kwari kwigizwa kure y’ishengero ryo muri Isirayeli ya kabiri. Iyo bari, bo nyene boba bamaze kubona ibimenyetso vy’ivyo. Icompa bakihanirayo. Hari n’abakozi b’Imana, bamaze kuburirwa bakanka kumvira none batanguye ivyaha bahevye kera, bizira rimwe. Batangura gusambana no kwinywera no kuranga abicwa, n’ibindi nko kurwanira imbere y’abana ari umugabo n’umugore bavuga ko bakijijwe canke mbere ari abungere. Uko nakwo, naho batabitegereye, ni ukwigizwa hirya y’ishengero ry’Imana canke hirya y’ubwato. Ubwo ni uburyo bumwe mu bundi. Bibiriya yo yatubwiye uku: « N’ukuri urumuri

11Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

rw’umunyakibi ruzozima, kandi urubeya rw’umuriro wiwe ntiruzokwaka. 6 Umuco uzocura umwiza mu nzu yiwe, n’itara rimanitse hejuru yiwe rizozima. » Yobu 18 :5-6

Abo bo mu mabingira Imana irondera bari mu migwi myinshi twovugamwo imwe imwe bafitaniye ibanga na Satani ryo kugirira nabi ishengero kubw’ivyo yabemereye. Si abahenzwe kuko natwe, cane cane jewe, duhendwa muri vyinshi ariko n’abakorera kw’ibanga bazi ibigirankana:

Abungere babaye mu mubiri mu buryo bw’ubusuma bufatanye n’ingene basanzwe bakora, atari ubusuma bw’ivyaduka canke bw’intege nke; Abaciye i ruhande ijambo ry’Imana bakorera ibizira mw’ishengero bibiriya itavuga,

nko kwemeza abantu ko Yesu ashobora kuba mu mukate canke mu bugari wese mu vyo bita isangira ryera kandi Yesu yaravuze uburyo butatu azoza ([1 ] Luka2:10-12; [2 ] Yoh.14:18; [3 ]Ivyak.1:11 na 1 Tes.4:16). Abemeza ishengero ko Yesu aza mw’isahani canke mu gikombe ca vino (soma imburi ya 3: Ingaburo Yera) naho yivugiye we, ko azoza mu mutima w’umuntu nka Mpwemu Yera, ntibobura no kuzomukororera mu macupa, mu bibido n’ibivumvu canke mu makoti n’imishwaro y’abakozi b’Imana “rurangiranwa”, abakristo bakamuronka batanze amahera. Kandi ni nako biri, kuko abantu baja mu misa kubera ivyo bita ukaristiya ikorwa mu buryo bibiriya itavuga, bakaja mu makoraniro y’abakizwa kwakira akavunguka k’umukate karimwo Yesu, wa wundi yivugiye ati: “Ni jewe mukate waje uva mw’ijuru”, akabivuga kuko yarazi ko hari abazozana imikate ivuye ku mbabura, no mu mabutike bakavuga bati: “Akira Yesu”, bamaze gukora amareba yo kumushiramwo. Si abatanga akavunguka k’umukate canke umuhwi ngo vyahindutse Yesu ubwiwe, na bamwe nyene batanga akamenyetso k’izuba kaba mu gikoresho kimeze nk’izuba, ostensoir, ku mvo zari zarahishijwe zikamenyekana, bakongerako amaraso yo mu muvinyu uborera, bose batsindwa n’ijambo Paulo yabwiye ab’i Tesalonike, yuko we nyene ubwiwe azoza, amanutse ari kumwe n’abamarayika (1 Tes. 4:16). Bibiriya ikemeza gose mu vyahishuriwe Yohani ko amaso yose azomubona.

Ni we nyene “ubwiwe” azoza, bitavuye ku nama nkuru y’abasenyeri canke abavugishwa n’Imana canke itegeko rya Papa (umwe Nyenubweranda wo mw’isi!), canke ry’umwungere asenze ngo Yesu yururuke mu mukate canke mu kinyobwa ico ari co cose, ivyo n’ubu bariko baragurisha mu mashengero amwe amwe ngo birahezagiye. Ivyo twizere ko ubu ho vyumvikanye. Abashaka kumenya vyinshi kw’isangira ryera basome imburi ya gatatu yasubiwemwo kw’itariki 20/04/2016. Muri iyo mburi sinari nasobanuye neza ingene isangira ryera rikwiye guca rimera, nihatiye mu kugwanya imana y’ikigirwamana ija mu mukate no mu kuvuga ivy’urukundo rwa Kristo rworanga abasangira mu kuri. Kutabishitsa neza vyambereye agasembwa canke mbere ubuyobe, kuko ico gice ari co umuntu yari akwiye gufashirizwamwo neza. Mubimbabarire n’Imana imbabarire kuko ibikorwa vy’urukundo bisanzwe vyohava vyumvikana nk’isangira ubwaryo.

Mumenye rero ko mw’isangira ryera, abari mw’ishengero rya Kristo, bisigura abizeye, abizeye nabo bakaba baba barabatijwe bácizera, kandi biteguye mu kwiyeza, barakorana, bazanye umutsima utambiwe n’umutobe utarimwo arukoro, bakazana ibibakwiye. Tuvuga ababatijwe bacizera dushatse gukebura amadini amara amezi atandatu canke mbere na cumi n’abiri adindiza abizeye mu kurinda kubajana mu ma teolojiya maremare no mu kubigisha akarangamutima k’idini arivyo bita “igice” hakwiga akarangamutima ka Kristo. No kudubura baradubura gushika aho bamwe Satani abakwega bakabivamwo. Ariko tuzi ko kwizera kuri hejuru y’ivyo vyose kandi ko umaze kwizera akabatizwa aguma yiga vyinshi kugeza igihe azovira mu mubiri. Naho ari vyiza gusuzuma

12Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

igihe kirekire ingene umuntu yizeye imbere y’uko abatizwa, ntivyokwitiranwa no kurera umuntu mu gakiza, kuko ivyo bimara igihe kingana n’ubuzima bwiwe bwose. Naho nonagira ico nihenze, numva Mpwemu turonka tubatijwe akongerekana muri twe uko tugenda turiyeza dusoma kandi dukorera Imana mu gusenga mu kuri, uyo ni we atwicarika mu kwizera gushikamye. None ukwizera kwacu kwogarukira he tutaramuronka, ko mbona hari abibaza ko hobatizwa abizeye nk’intumwa za mbere? Gusuzuma ingene ubatizwa yizeye ni vyiza cane kugira, mama wanje ntubatize icaha(?), ariko idini ritaravye neza, ryohava ryinjira mu bwenge bw’umubiri rigashaka gusubirira Mpwemu ubwiwe asesa imitima, rigahinduka umucamanza kuko uyo Mpwemu ni we ahanagura icaha burundu kandi ni we asesa bidasubirwamwo.

Kumwe Yesu yabikora, akabira umutsima akawushimira Imana, akawumanyagura akawubaha, ati: uyu ni umubiri wanje ubatangiwe, murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje, namwe ni ko mukora: murashimira Imana umutsima canke icapati canke umukate mwaronse, canke mukawusengera mukawumanyagurira abakoranye ngo bawurye bibuka ingene na we yitanze ku musaraba akahafatirwa nabi nk’umutsima uriko uramanyagurwa. Mubahereza muvuga muti: iki ni icibutso c’umubiri w’Umwami wacu Yesu yatwitangiye ku musaraba. Mwonavuga muri make, mu gusangiza, muti: Akira icibutso c’umubiri wa Kristo. Uko nyene niko bica biba no ku mutobe. Umukozi w’Imana arawusengera akawugaburira abakristo avuga kwa kundi: akira munywe, iki ni icibutso c’amaraso ya Kristo yabasesewe. Kuko iyo umukate n’umutobe bisengewe bihinduka ivyibutso vy’umubiri n’amaraso vya Kristo. Ni ivyera rero.

Twibuka ivyo Yesu yakoranye n’intumwa azisigurira ibigiye kuba ku musaraba muri ico kimenyetso, anazisigarana icibutso c’urukundo rwiwe mu gusangira. Kuko muri ico kiringo, no mu bihe vyose, ivyo vyompi ari vyo vyo kwibukwa, ahanini kugira ngo bituviremwo ibikorwa bigaragara vy’urukundo. Abasangira mu kuri muri iryo sangria ryera, barangwa n’uko basangira n’ibindi vyose mu buzima bwabo, bakama ivyamwa vy’urukundo, kugira bigaragaze ko ari Kristo aba yarabakoranije, batakoraniye ikibi, nk’uko Paulo yagaye ab’i Korinto bazanwa n’inda gusa. Abandi bazorakirwa n’Uhoraho ni abungere bagitanga ibimazi biva amaraso vy’amasuguru (Yesaya 1:10-15) nk’aho umengo ikimazi kimwe kizima cavuye mw’ijuru, Yesu, ataco camaze. Abo batatuye bakezwa mu maraso ya Yesu bazohindwa. Mbere ivyo bakoze ubwavyo vyarabahinze. Baniravye bobibona atawubaciriye urubanza. Mu mugabane wo gutanga ibimazi bitagira ikimazi harimwo n’aba saserudoti canke abahereji bakora misa, mw’i konsekarasiyo, bakongera gutanga ikindi kimazi bita Yezu, bigana ivyo Yesu yakoze kandi we yabikoresheje intoke zera, agatanga ikizima cera, ari co we nyene. Soma Heb.7:11-28, Heb.10: 25-28, ubone ingene Yesu atashikanwe Ahera cane no kwitanga kenshi nk’uko abasaserudoti b’ubu babikora mu nkuka z’imisa zose bakavyita mu gifaransa ngo “renouvellement du sacrifice”, unabone ingene uyu musi ata musaserudoti yemerewe kubaho atari Kristo, yabaye umusaserudoti w’ibihe bidashira. Kandi i ruhande y’uwo nta wundi yongerako. Bene abo bahereji, batumviye imburi bakihana, bakava mu butunzi n’ivyubahiro bibateye akaborerwe, barirukanwe. Abo nyene, Paulo nibo yeretswe kera ko “baziza kwabirana”, ugusenga ibigirwamana kwabo kukabatera gushakana hagati yabo (Rom.1:24-28), kandi ko n’aho banarusha abandi kwiga, ubugarariji bwabo butabemerera kugira ico bamenye. Iyo ntumwa idasanzwe, kuko itari yariyegeranijeko imirima n’amazu n’ububare n’utuguriro ihûmba, yavuze iti : “bama biga, ariko nta ho bashobora gushitsa ku kumenya ukuri” (2Tim3:7)

13Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Abungere bakora canke bakingira ikibaba ivyo kubaza, gucura canke kubumba imana canke mu gukoresha ivyo bigirwamana nk’ivyibutsa Imana, naho yo yivugiye (Rom.1:20) ko tuyibutswa n’ivyo yaremye atari ivyo duhinguye ; Abarozi n’abakozi ba Satani bari mw’ibanga ry’umugararizo ryo gusaba imbaraga i kuzimu kugira bashorere benshi babajana i Gehinomu mu kwigisha mw’ishengero ibinyoma babizi, mu gutoza amahera mu bugunge, mu kwononesha abantu b’Imana ubuhumane bwinshi nk’ubusambanyi, canke bakabarekerako bimwe bisiga ku minwa n’inzara n’amaso, n’amahereni n’ibisuko n’ibimeze nk’ibisharizo bidakenewe vyavuye i kuzimu bikabera aba dayimoni ibibuga bururukirako baje kwononesha ababikora ubusambanyi n’ibindi bibi vyinshi nko kubasinziriza no kubaziba amatwi iyo Imana y’ukuri iriko iravuga. Buzuye impari nyinshi n’ubwibone no kutihangana vyururukira kuri vya bibuga nyene. Abo ba satanistes bashigikira kurongorana hagati y’ibitsina bimwe, kurongora abagore benshi, kwahukana, no kwicira abana mu nda bakoresheje utugenegene Satani yaterereye isi: inshinge, udukingirizo, ibinini, udusandugu tuba mu bitereko n’udukoni tuba mu maboko bitwaje ko ubutegetsi bw’isi ari vyo butegeka, naho tuzi ko bwobwo ivyo bwiyononesha bitagarukira aho gusa kandi bigiye kurushiriza mu kwemerera izindi mana ko zitwa Imana. Ariko abatemera guhamwa mu gihe cavyo ntibazorunguruka mu nyonga h’Imana. Ivyo vyose ni ivyo gukosora Imana kuko yo yoba yaremye umugore adakwije ivya ngombwa, naho yo, imaze kurema vyose, harimwo n’umuntu, yabonye ko ari vyiza;

2. Amabingira akuwe mw’ishengero, nk’uko bibiriya ibivuga, intama zizosubira zikoranirizwe mu canya kimwe (Yoh.10), ni ryo shengero rimwe rya Kristo, kuko atashizeho menshi, ariko yashizeho rimwe, iryo yabwiye wa munyasamariyakazi (1) mu buryo bw’iriba ritanga amazi y’ubugingo, (2) mu buryo bw’umugore (ishengero) rifise umugabo umwe (Kristo), no (3) mu buryo bw’inyifato y’ukutaronderera Yesu ahantu hatungishwa urutoke (mu misozi canke i Yerusalemu), ahubwo mu kwizera Yesu “Nyizera, nyina wanje”, ugasenga mu kuri no mu mpwemu. Ivyo bicumita mu mutima aba nya teolojiya bavuga ngo église locale bashaka gukingira ikibaba twa turûri biyubakiye ari nayo madini akorerwamwo bimwe vyose mumaze kwumva. Kuko ehe raba, Yesu ntawe yatumye gufonda ishengero ngo arihe izina yishakiye, maze ace anariganza uko ashatse. Ntiyogira ubusa ivyo we yivugiye ngo bazoba umukuku umwe muri Yohani 10. Abatari muri uyo mukuku bari ahandi, si mw’ishengero rya Kristo.

Mu gihe kiza umve rero, bwoko bw’Imana, tuzoba umukuku umwe twitwa ishengero rya Kristo gusa, dukundanye mu gihungu cose, ihema ryo mu Rumunge ritwawe n’umuyaga w’igihuhusi rigashingwa hakoreshejwe uburyo bw’umunyabuntu wese abishoboye ari uw’i Muyinga canke i Muramvya canke i Bururi. Ntihazongera kuba aba Kivuye, aba Gitwaza, aba Ntamwana, aba Denise, aba Eric, aba Pentekoti, aba Yehova, aba Isilamu n’abandi, kuko iyo ari imikuku y’abungere benshi. Ikivyerekana ko atari imikuku y’umwungere umwe, n’uko umwungere umwe acumuye abandi baritwengera. Ihema rimwe risambutse rikagwa mw’i parasela y’uwundi, nimba uyo wundi atorikoresha mu kwagura imbago ziwe, yobura arimuhisha akanavuga ati : Awa ! Wari waje kunsita no kuntwara aba « kiriya » ! Imana iraguhanye! Ikitibagiwe co ni ukwihenda ngo umwubakire. Aho twirengagije ivyo kurogana, kurasana, kwikoreranira intebe ishushe muri ibi na biriya kugira ntiturenze urugero ngo tubabuze kwivugira ama église locales yanyu.

Ariko Imana yo, indavyi, irafise uko ibita, n’usenga ubanje kwatura uzomenya izina ikwita. Ari jewe mvuze ko uri boîte de nuit canke kabare y’ijoro, butike, ubwami bwawe, n’ibindi,… nkakwita

14Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

umu lifer canke uwidibamiye mw’isi, noba nguciriye urubanza. Mumbwire rero: mbega abo ni ab’umukuku umwe? Ni ama shengero nk’uko mubita? None Yesu mwitirirwa, si we yavuze ati ikizobabwira ko muri abanje ni urukundo muzokundana? Naho urwo rukundo rudusaba kumanika ivyo dufise mu kubisangira, nk’uko na we yimanitse wese ku musaraba, ariko twagize uburyarya bwo gusangira akavunguka, kugira amararo y’inka yacu agume akwiye, none ehe raba aranakeshe, arîwe na ba ruburakigongwe baturitse mu Bamori n’aba Peresi n’aba Filistiya, kugira ngo amazu yacu abe ari twe twenyene tuyabamwo none ehe raba, ya puderi igira iyaturire, nta nico kwokora, nawe ugiriyemwo.

Nimba hari ikintu gitsitaza yemwe, ni kubwira abungere bo muri ino si ko boba umukuku umwe. Umwe wese akwiye kugumana agaseke kiwe n’aba diyakoni bakuzuza, ariko “bakubahana”, ijambo ry’uburyarya, kuko ukwubahana kw’abadakundana ntibemerane turazi ikirimwo. Jewe simbahanuye ngo emerana, kuko mwahishuriwe ko mutari aba wa mwungere umwe, mukaba mutaciye mw’irembo rimwe. Noba mbagizeko uburyarya. Hari abiyizi ko babaye abungere babanje kuvugana n’abungere b’abarozi bo muri Uganda, Kenya n’ahandi bakabavugutira, maze bakaza kugurura amashengero bavuga mu ndimi. Abandi baja mu nzuzi ndende bakurayo ubwungere. Abandi batanga amafaranga barambikwako ibiganza bironkera ubwungere. Abandi bahurira mu kabare batekerayo imitwe bumvikana ingene bakwiye kubaho muri kino gihe kigoye, barimikana. Yemwe, abantu bahamagarwa kwinshi!

Abo bahumanisha igihugu ivyo bintu bagiye bandavura iyo bacishirije, bakemerwa kuko, ubwa mbere, Leta yabemeye, ubwa kabiri kuko biyise pasitori biciye muri izo nzira, ubugira gatatu kuko banaciye batezwa imbere n’ibisigo vyabo baterekera bakubaka vuba ibihambaye bagashiramwo ivyuma bizimvye, ntibagume ari “utudumbidumbi” mama wanje! Bibiriya irambwira iti : “Hahirwa usoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo: kuko igihe kiri hafi” (Ivyah.1:3).

Abo bibiriya yise abazezwa shengero, baciye biyita abungere, bumira kukuba “Révérend” Pasteur (umwungere adasanzwe, Nyenicubahiro Mwungere), abasenyeri (Monseigneur mugifaransa gisigura: Mukama), na kaminuza rero: Nyenubweranda, Sa saintete mu gifaransa: umuntu wo mw’isi, arwara, agira igisida, acumura, yihenda, apfa akanaba Nyenubweranda !!! Ariko Yesaya yavuze ko Nyenubweranda ari Uhoraho, nawe ni umwe (Yesaya 6:3). Ubu rero mw’ishengero hari aba pasitori n’aba Réverend pasteur, ibitanditse ahantu na hamwe, bizanwa n’impwemu z’ivyubahiro gusa. Ariko jewe nzi ko umuzezwashengero ari umuzezwashengero gusa. Uwushaka kuba umukuru w’abandi nawe mgo n’ababere umusuku, niko Yesu yishuye umwe mu bamubaza uwuzomusubirira kuganza izindi ntumwa asubiye mw’ijuru.

Harageze ko Imana yishira hejuru y’izi mana zo kw’isi. Vyari vyarenze ihaniro, kuko, turetse abo biyise imana mu rwenge, ubu ho abantu baravyemanga bakiyita imana. Njanye n’abo, kuko bobo nta buryarya barinda kubicishamwo. Migurumiko wo mu Burundi, Beyonce imanakazi yo muri Leta zunze ubumwe za Amerika, Kimbangu muri Kongo, n’abandi banye Kongo nyene bariko baza ubu n’abandi bo mu bindi bihugu tutaramenya bariko baraza, ivyavuzwe muri Matayo 24 birashitse. Kuri abo, Ekereziya katorika yongeyeko Mariya Mweranda nyina w’Umwami Yesu, bamugira imanakazi kuko bamwise “Umugabekazi w’isi n’ijuru” bakagirako bakamusaba naho bazi neza yuko Yesu mu kanwa kiwe yabwiye Satani ati: “Imana yawe abe ari yo usenga, kandi abe ari yo usaba 15Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

yonyene” (Mat.4:10). Kubera ko bizwi ko umukundwa Mariya atari umugabekazi w’isi n’ijuru, imanakazi yabo yo ntibuze. Iriho.

Musenge mumenye ibikwiye kumenyekana kino gihe.

Kandi iyo, kuko itoba mw’ijuru, sinkekeranya ko iri i kuzimu. Yokwitwa Yezebeli canke Semirase ateruye Nimurodi, ikizwi gusa n’uko uyo mugore bagereranije (Assomption) ko yurijwe mw’ijuru muri kino kinjana nyene ariko Yesu we yaduze kera (Ascension) babona, atari imanakazi iri mw’ijuru, kuko iyo, bibiriya ataco iyivugako.

Injira mu bwato mwabwiwe, ubwanyu bubasabiyeko. Reka kwiyumvira ku biti n’ivyubahiro n’amafaranga vyanyu mwegeranishije ubwo bubeshi, kuko ehe birayongeye mu ntoke musigare mufashe umuyaga. Ko ivyo mufumbatiye munazi iyo vyavuye, mushatse mwoca bugufi mukemerwa. Yesu ni umunyembabazi naho biri uko. Ce bugufi abeze.

Iri shengero rya Kristo ryari ryatanguriye muri Isirayeli ya mbere, riragwanywa gose na Herodi mu bwicanyi, Konstantino aravyunyura akoresheje urwenge ruhanitse ruciye mu kwegeranya amashengero arivyo bita oeucumenisme mu gifaransa. Urwo rwenge nirwo nyene ruzokoreshwa mu gihe canyuma, amashengero yegeranirizwe mu ntoke z’umuvugishwa umwe w’ikinyoma ku ntwaro ya Antikristo. N’ubu nyene iryo banga ririko rirakora. Yesu birazwi ko azoza ata madini menshi ahari.

Ha gushinga amashengero yitirirwa abantu, aha muri Isirayeli ya kabiri hari hakwiye kuboneka amahema yitwa ishengero ryitiriwe intara n’uturere nk’uko vyahora kera ku ntumwa za mbere, aho havugwa ishengero ry’ i Korinto, Efeso, Antiyokiya, n’ahandi. Gutyo hakaboneka Ishengero ry’i Bujumbura, ryo mu Ruyugi, ry’i Bururi, n’ahandi. I Bujumbura hakaboneka ishengero ryo ku Musaga, ishengero ryo Kamenge, ryo mu Gatumba … Bitagenze uko, kuko Imana ishobora guhindura urutonde, amashengero yitiririrwa umuhamagaro kanaka (ubushobozi bwa Kristo, ubuntu bw’Imana, kwihana, pentekoti…) akabaho yubaha Uhoraho yuzuye Mpwemu Yera arongorwa nawe bikagaragarira mu rukundo no mukwemerana. Mvuze « amashengero » nshaka kuvuga amahema y’ishengero rimwe rya Kristo. Abantu bazokuzura umunezero wo kuba mu mashengero arongowe n’abazezwashengero batabaronderamwo ama jeep n’amazu n’ivyubahiro, ariko barizwa no gusanasanana mu rukundo no mu kwitanga. Tubikorere. Ya marembo ya mbere Yesu yanka azoba akuweho.

Ivyo bita ama ministeri, ni imihamagaro yo gukorera mw’ishengero rimwe ry’Imana, si ayandi mahema atandukanwe n’ishengero. Mpwemu w’Imana akorera mw’ishengero agenda ahamagara uko ashatse, atanga imirimo yo kurongora ihema, kuvugishwa mu mahanga, gushinga amahema nk’intumwa, n’ibindi, abantu bakagenda bumvira Mpwemu abemeza akanemeza “Eli” wabo ari we muzezwashengero. Iki gihe abantu baravuga bati: jewe Imana yantumye ishengero, abandi bati: nanje yantumye gushing ministeri. Aba mbere (ishengero), bakagenda bakora bimwe vyo kuzana imana mu mukate, abandi (ministeri) bakigisha gusa, ariko bafise ihema ryabo. Ishengero rikabatiza, ministeri ikareka, ibikoze naho ikabituma Pasitori wo mw’idini. Ivyo vyose ni irementanya ryo muri buno bwami bwo mw’isi, kuko atari vyo ijambo ry’Imana rivuga.

16Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Mbega ni iyihe Mana yokwemera gutuma umuntu w’inyama n’amaraso gushinga ishengero ikamuha n’izina n’ikimenyetso yisangije (logo), agaca anaribera umukuru akaryitirirwa ngo ishengero rya Erike? Ryoba ari iryiwe nyene ! Ivyo Paulo, intumwa, yabivuzeko ibikwiye. Ubwa mbere ho ishengero rirahasanzwe; ubwa kabiri, ikimenyetso kiriho, ni Mpwemu Yera. Si logo. Ubwa gatatu, Yesu aribereye umutwe ni we aryitirirwa, si umukozi w’imburakimazi. Ntimwongere guhendwa. Ico ijambo ry’Imana rivuga na co, ku vyerekeye ministeri, si ikindi uretse ko ministeri ari umuhamagaro. Raba Yeremiya 1 ubone uko yahamagawe n’ico yahamagariwe. Raba Paulo mu vyakozwe n’intumwa, urabe Ezekieli2-3, urabe Yesaya 6. Mw’ishengero ry’Imana, kuko abantu bose batokora bimwe, Imana iratanga imihamagaro itandukanye, bayikoze mu kumvira no mu bugororotsi, bose bakubaka umubiri wa Kristo, ni ryo rya shengero. Mw’ishengero rero umuntu akwiye gukora ico yabwiwe n’Uhoraho canke ico yatumwe gishingiwe intahe n’icabona kimwe canke bibiri bivuye ku Mana. Ntawahamagawe abimenya ari umwe, Imana yama yemeza abariho ico yirobanuriye, naho abapinga nabo bafise umwanya wabo. Ariko, kuko umucamanza ariho, ntaco bitwaye ko hariho abavuga ko ari bo bonyene bahamagawe naho bibiriya itavuga ngo mpamagaye abanaka. Yoyo ivuga ko abubaha Imana bagakora ivyo kugororoka bose ibemera. Yongerako ngo muzobabwirwa n’ivyo bama. Bisigura ngo abama ishari n’inzigo n’urwanko rw’akazikira n’ubwicanyi n’ubusuma, bagahana amasumu bagategana imitego nk’abanyepolitike, iyo barata ku mambe ngo « urushengero rwa Mpwemu Yera » bokwibaza neza, kuko ivyo Mpwemu yama bizwi. I ruhande yo kwirata ko twahamagawe na Mpwemu rero, vyari bitubereye kuronka ico twirata mu buryo twitavye.

Intumwa rero zarigisha maze zigashinga amahema ahabonetse abigishwa, mw’ihema Imana igahamagaramwo abavugabutumwa, abavugishwa n’abandi. Iyo vyose biba mu kumva neza iyivuga, mu kuyumvira, no mu gukora mu rukundo no gutinya Imana, ingingo zose bikoraniriza hamwe kubaka umubiri wa Kristo ariryo shengero rimwe ry’Imana.

Ariko iyo hamaze kuvuka umuzi w’urwanko n’ishari, n’ubwibone, habaho gukora ikintu kanaka ngo umenyekane canke urute abandi, ubwami bwawe bukaba butanguye. Uko ni ko amadini yaje, n’ama ministeri yose akaza na yo nyene mu mpwemu y’idini. Wagirijwe kuba uriko wubaka idini na Mpwemu akoresha umukozi w’Imana, ukivugira uti: “Oyaye, muntu w’Imana, ivy’ama dini si vyo ndimwo, jewe ndiko nubaka Ministeri”. Ivyo akabivugishwa n’uko impwemu y’idini (kwiyubakira ubwami bwawe) ari ivy’abari mw’ishengero gusa, ntamenye ko vyose ari bimwe, kandi ko Ishengero ryo ari rimwe.

Ikindi, mw’ishengero ry’Imana intumwa yatumwe kwigisha niyo ibatiza. Umuntu wese Imana ishobora gukoresha gushika umwigisha yizere Yesu, yobuzwa n’iki kubatiza? Mbega umuntu yizeye, si Imana iba yashimye kugukoresha ivyo? Bibiriya ntivuga iti: mwigishe mubahindure abigishwa banje, abizera mubabatize? Mbega aho kubatizwa corinda kuba nk’igihambaye c’amareba, kwigisha umuntu yabaswe na Satani akizera Umwami Yesu ni vyo bito? Ariko nk’uko nabivuze, igihambaye ni iki: vyose bikwiye kuba mu rukundo, mu kwumvira Imana, mu gutinya Iyaremye isi n’ijuru, mu rutonde rwa Mpwemu. Si ibintu vyo kuvuga ngo nanje ndirutse kubikora. Muri vyose hakwiye kwubahwa urutonde ishengero ryashize imbere y’Imana, ariko mu gukora urwo rutonde, abakozi b’Imana babijejwe barakwiye kwisunga ico Mpwemu w’Imana ashira imbere kugira ngo Imana ntibabise ngo basigare batamba birorera.

17Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Noneho rero ababihamagariwe babikora nk’abacungura agatwe kabo. Paulo yavuze ati: Ntavuze ubutumwa nopfa. Ntibabikora ngo barushanye abantu mw’i paruwasi nk’aba nyedini basigaye bahayanwa bati : Jewe maze kubatiza abantu 1000 abantu 1600. Vyose bigaruka kuri rino ngo : “Abarongorwa na Mpwemu w’Imana ni bo bana b’Imana”. Ivya zuguru zuguru vyo gusubira muri paruwasi kurondera Pasitori ngo barinde kwandika no kwiga ibice no gutegura “imisi mikuru y’ibatisimu”, ni uburyarya bw’amadini bwo gushira umutima ku birabishswa n’amaso vy’impapuro zerekana ko wamenye (impwemu mbi za teolojiya), uburyarya bwo gusuzuma ko uri umuyoboke mwiza w’idini, umaze kwihwezwa ko utararihemukira mu kwinjirira ahandi; ni n’impwemu mbi yo gufata igikorwa c’impwemu ukakigira ic’umubiri mu kuja kuringaniza mu ntonde z’agahebuza umusi mukuru w’ibatisimu kuri benshi, abayoboke bababone ko mutari abasanzwe, n’uwabatijwe nyene abone ko atari umusi usanzwe, yisope amahera yo kubagira abashitsi no kwambara ibidasanzwe. Ivyo vyose, ni ibicerereza umugisha w’Imana ukwiye kuza wihuta, uwubatizwa yizeye neza Umwami Yesu, akadwibikwa vuba mu mazi nk’uwukuwe mu munwa w’idubu. Uwubatijwe ashobora guca aza mw’ihema ukoreramwo arongowe gutyo, ariko si vyiza ko umubatizi arwana intambara yo kuzana uwo abatije mw’idini ryiwe ku nguvu kiretse yamubatirije inyungu ziwe bwite. Iyo niyo ngwara iriho, inabuza ko abanyeshengero baza gusemerera kure yaho bakorera kuko boca babura ico bakoresha abo bimbuye. Ariko turakwiye kumenya ko Imana ikunda cane kandi yitayeho ababatijwe kurusha uko uwababatije abakunda. Ntimurwane ishaka ribi rero Paulo yabwiye ab’i Galatiya 4 :17.

Yohani umubatizi, kuko ivyo we yabitegera, abwira ishengero ryari rivuye iwabo rije kubatizwa nawe, ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake buzoza?” (Luka 3:7). Ubatizwa abikora nk’uhunga, kandi koko aba ahunze umwobo w’inzoka. Izo mpwemu z’imisi mikuru rero, bene Data, n’izizigiriza ishengero hanze, biciye mu rwenge rwa Antikristo rwitirirwa “urutonde”, ababikora badatahura.

Ni vyinshi bizohinduka mw’ishengero ry’Imana tutomarira hano. Turabararitse ngo musome neza ijambo ry’Imana munasenga, mumenye neza ico Imana ishaka mukirwanire. Maze mudusengere, tuvuge uko Kristo agomba, namwe mwisengere.

3. Uku gusenga mu kuri no mu mpwemu kwo mw’ishengero rya Kristo, guhereye mu Burundi, kuzokwiragizwa mw’isi n’Abarundi, bikwire mw’isi yose. Uku gukwiragiza ubutumwa bwiza bwa Kristo, dushinga amahema atarimwo uburyarya ariko aganzwa no gusangira mu rukundo, ni wo mugisha wa gatatu w’Abarundi, tukiri mu mugabane w’impwemu. Uko kugororoka mw’ishengero ry’Imana nivyo bizokwirukana ibisigo n’impwemu mbi, ikibi gihunge, amahoro adusage, ubutunzi bugaragara budusange, kuko abakozi bazoba ari intungane, uburyarya, kurementanya, ubusuma, kuraguza, ubwicanyi n’ubugambanyi vyaduhunze, amahanga akatwifuza, akaza gusemberera iwacu, no kudukorera no kudusaba. Tubikorere, mu kwihana.

18Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

III. UMUGISHA UGARAGARA WO MU BURYO BW’UMUBIRI

« Inzira z’umuntu iyo zihimbaye Uhoraho, atuma n’abansibiwe buzuranawe » Imigani16 :7« 1Ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mukitondera ivyagezwe vyiwe vyose mbagera uyu musi,

mukabishitsa, Uhoraho Imana yanyu azobashira hejuru kurusha amahanga yanyu yose yo mw’isi. Kandi iyi mihezagiro izobazako, ibashikire, ni mwumvira Uhoraho Imana yanyu. Muzogira umuhezagiro mu bisagara, muzowugira no mu matongo…15 Ariko ni mutumvira Uhoraho Imana yanyu, ngo mwitondere ivyagezwe vyiwe vyose n’amabwirizwa yiwe yose mbagera uyu musi, iyi mivumo yose izobazako ibashikire» Gus.28 :

Tumaze kûbahisha Imana imitima yacu yose, n’ubugingo bwacu bwose, nk’uko Mose yabibwiye Abisirayeli, Uhoraho ashaka kuduhezagiza n’ibigaragara kuko azobanza guhinda abahitiye batununuza ngo bariko baradufasha. Abo nyene bo mu bihugu biteye imbere, batanga amahera avuye mu vyavuye muri Afirika, bakongera bakaba no mu mikorere yihishije yo kuduteranya. Ha gufasha imigambi y’iterambere nko kwubaka amabarabara, bihutira imigambi igamije gukontorola intwaro z’ibihugu bashaka gutegeka no gukama. Abo bagiye gukosorwa babe abadukorera tubaha ingero nk’uko ijambo ry’Imana rivuga ku bubashe Imana. Mweho muze mubafate nk’abantu, ntimubasubirize mu ndumane Uhoraho atabibahora.

Ng’ibi ibikwiye gukorwa n’Abarundi. Hari ivyo Imana yavuganye nanje nk’uko mbivuga, hari n’ibindi, umutima wanje ubakangurira, wisunze ibibereye, bihimbara n’Imana, ukanisunga n’ijambo ry’Imana. Muvyumve neza, ko atari ibizokoroka biva mu muyaga, oya. Ni ivyo Imana ishaka ko Abarundi bakora bakibera mu mugisha, kuko Imana ikoresha ubuntu bwayo burangukira mu gushaka kwawe. Si imikate igira itsindagire ku nguvu mu kanwa k’Umurundi wese, oya, kuko uwanse kujana na yo ntakore ivyo ishaka, azokena apfe nta gisivya. Ni ko vyagenze kubanya Isirayeli yari yarasezeraniye bakiva muri Egiputa. Biyubakira ikigirwaamana mu nzira Mose amaze imisi mirongo ine ku musozi. Aba arico asanga bikubise imbere nk’uko n’ubu ariko bimeze kuri Mont Sion Gikungu, ku ntatemwa ya Rwagasore no kwa Ndadaye na Ntaryamira mu misi imwe imwe, n’ahandi henshi, abavuga ko bakijijwe bakira Bishop wabo bakamuririra, canke bakamunezerererwa nk’imana yabo. Canke bakiyubakira umunara, bakawukikuza bati: Hano hazokwinjira abantu 15,000! Bikabanezera nk’aho umengo mu kuja mw’ijuru bazowurirako babandanirizeko, ubugunge n’ishari n’urwanko no kurogana bikiri vya bindi mbere mu barongora abandi. Abakora ivyo, n’ibindi vyose vyankwa, ivyo nanje ubwanje ndiko ndiyambura, ntibazobura kurwa mu nzira nk’Abisirayeli, sinoja aho ngo mbaremeshe.

Jewe ubwanje nandika nfise ivyo Imana inkarirako, ndiko nandika mpinda umushitsi mwinshi, nta buryarya burimwo, kuko, bene Data, Imana irera cane; bibiriya ivuga ngo muri yo ntihagira umwiza na muke (1 Yoh.1:5). Umugore dukorana ibikorwa vy’Imana ni we yabajijwe na Mpwemu ati: None ivyo bisuko uzovyinjiza muri Isirayeli ya kabiri?” Mbega ko jewe nkariwe ku gucêreza imirimo y’Imana myinshi yantumye n’ubundi busembwa bwo kutihangana, weho wumva ari “Amen”? Uwokwasamira ibije yokwasama kuko biriho, nfise ubwoba gusa ko k’uwutiteguye, mu gishingo c’umugisha mu nzu azobona umugina; yasamiye amagara ariko azotamira amakara. Hari n’abataye imirimo y’Imana baja kwisabira amhera i kuzimu; ico bazotamira kizova mu kanwa k’uwo basaba. Ariko, nimba uhinze umushitsi, numvise umuririmvyi aririmba ati : Urukundo rwayo rushika i kuzimu. Amen.

19Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

2. Amazi yo mu masoko « Umudamu umwe, incuti yanje dukunda gusangira ijambo ry’Imana arambwira uko yumvise : mbega ni kuki Abanya Bujumbura mukunda kunywa amazi yo muri Tanganyika knadi imisozi yanyu ifise amasoko menshi afise amazi meza cane ? ».

Yemwe, niyo atorinze kumva ijwi ry’Imana, si vyiza, mbega, ko tunywa amazi yo mu musozi kurusha amazi bogamwo atabwamwo imicafu y’uburyo bwinshi, n’ibikoko bibamwo, naho yoba arinda guhingurwa ? Noneho rero abayanwa, turetse ivy’iyo micafu bidasubirwamwo, baramaze kumva ingene apfuse, kandi aryoshe. Sinkekeranya ko Imana nayo ikunda ivyo vyiza.

3. Energies renouvelables canke umuyagankuba usubirizwa. Uyo ni nk’uw’izuba, biogaz, … Ntembererewe mw’iyerekwa rya 17/03/2015 numva mbwirwa ivy’uyo muyagankuba wo muri ubwo buryo. Abo biraba mujeko mukore ama poroje musenze, ukuboko kw’iyavuze kuzokwivangamwo.

4. Quartier social muri Bujumbura Rural: Nabonye aho mu misozi, hakurya ya Mutanga Sud, hubatse amazu meza cane yose areha, afise nivo nka 5 canke zirenga, zimeze nka ziriya nshasha za INSS zo mu Kinindo. Hari hateye igomwe cane, biboneka ko hubatswe n’i sosiete imwe. Zava harya zibandanya Isare. Twihweje ivyagumye bivugwa ku kiyaya kimera ca Bujumbura, biboneka ko, mu bihe biza, ivyo kubandanya barondera gutunganya ibibanza vyo kwubakamwo muri kino kibanza co kurimamwo, bizovanwaho burundu, kugira hubakwe amazu akomeye ya benshi mu misozi ya Bujumbura. Iyo nayo izoba yaciwemwo amabarabara ya kijambere, bishoboka ko amwe azoba aca mu kirere ayandi musi y’umusozi.

Numva nohanura ababijejwe ko bokwiga neza aho umuji uzogarukira, bakawagurira mu misozi, batibandira mu biyaya ho kurimwa imiceri n’ibindi, bakiga ivy’imiyagankuba neza, maze bagatanga amasoko ku bantu canke ama sosieyete yubaka inzu nininini nyinshi ku mafaranga yabo abantu bakazopanga ku biciro vyizwe neza hagati ya Leta na ba nyene inzu. Ivyo birakenewe gose kuko mu bihe biza, hazoza ama sosiyete menshi acukura ubutaka, abigisha, abakora mu mahinguriro n’abayashinga, hamwe n’abarimu ba kaminuza. Inzu zubatswe kijambere zizosabwa cane.

Nongeye mbona mu gihugu cose hubatse bene ayo ma quartiers sociaux, canke ayo mazu ya kizungu yubatzwe kumwe, agerekeranye, agahabwa abanyagihugu ku buryo buke cane abandi kuri gusa, kugira bave mu matongo arimwe kijambere, nabo begeranirizwe ahantu hamwe. Ivyo bizokwigwa n’ababijejwe igihe cavyo kigeze. Itariki 8/12/2013 niho nabonye igihugu c’Uburundi cubatswe neza gose.

5. Ibikorwa rusangi :

Biramaze kugaragara yuko ibikorwa rusangi ari ikintu ngombwa, nkenerwa mu gihugu kugira gitunge, citeze imbere. Ibihugu vyinshi cane cane ivy’aba komunisa, vyarakeneye guca aha, mu kwiteza imbere. N’Urwanda ni ko vyagenze. Mu Burundi, igihe cose vyakozwe vyaba vyitiriwe umugambwe. Kera hari ku mugambwe umwe UPRONA, wahimiriza bose. Bisubiye kugaruka muri demokarasi, intwaro y’imigambwe myinshi, ariko nahone, abantu bidoga ko ibikorwa vyitirirwa

20Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

umugambwe uri ku butegetsi, bigatuma abatawukunda umengo ntaco bakwiye gukora, naho bataba bariko bubaka ingoro z’umugambwe wabo.

Birakwiye ko hatangwa isoko ku bahinga bigenga biga ingene ibikorwa rusangi vyokorwa n’igihugu cose bikagira ico biterereye mw’iterambere. Abahinga bogerageza kuvyambura ibara rya politiki bakaryambika ibara ry’ubuhinga. Hakerekanwa uruhara rw’ubushikiranganji bubijejwe, uruhara rw’abahinga bahenbwa na Leta, n’uruhara rw’abanyagihugu, ku buryo bose banezerererwa gukora ibikorwa bigamije guteza imbere igihugu ata rwenge no gutakaza umwanya n’uburyo birimwo. Kuko bimaze kuboneka, ko ingendo z’umukuru w’igihugu n’abamuherekeza isinzi gukora ibikorwa rusangi mu ntara kanaka, bitwara uburyo bwinshi, kurusha kuriha akarwi k’abahinga kavyishinga, kakiga n’ingene ivy’ukurarika bigenda mu ma komine no ku mazone. Iporoje yuzuye yerekana neza ibivamwo canke akarusho gaharuye yotegerezwa kwerekanwa, tukogorora. Ivyo ni navyo vyotuma umugambwe woba utwara wemerwa. Ariko mbona umengo ivy’imigambwe biraheze.

6. Gukorera hamwe

Abarundi kugira biteze imbere bategerezwa kwiga gukorera hamwe, bagateranya inguvu zabo, n’imitahe. Ivyo bisaba kwizerana n’urukundo. Uhoraho yanyigishije ikintu abantu womenga bose barakizi naho benshi, cane cane Abarundi kibagora gushira mu ngiro : umwenegihugu mutomuto umwe arashobora kugurura aka butike kamwe muri Karitiye akoresheje amafaranga 500,000. Ariko ari abenegihugu 20, bagiye hamwe bagashira iyo imitahe hamwe, bagashinga poroje abantu babiri bahembwa n’aga komite kabo, bokugurura Alimentation idasanzwe mu muji ya 10,000,000 Fbu. Mu myaka icumi barashobora kuba ari umugwi w’abagwizatunga rutumwako, userukirwa mu bintu vyinshi bikomeye. Ariko Imana yambwiye ngo abantu babuze urukundo bikababuza kwizerana. Kuko ufise urukundo, uremera kuzokorera abandi, uranezerwa uwundi ateye imbere, naho wewe vyoza vyitonze, ukanemera ko ivyawe vyoshobora guhomberayo, biramutse bishitse ntuterane amacumu. Umugisha wo kugororoka uzobonekera mw’ishengero rya Kristo uzozanana n’urukundo, urwo narwo ruzoshoboza abene mugabumwe, Yesu, gukorera hamwe.

Ehe, Amerika yubatswe n’Abanyaburaya bo mu turere dutandukanye bagiye hamwe bubaka kirya gihugu gitinywa n’amakungu. Ama sosiyete menshi muri Amerika na Buraya agizwe n’abantu bagiye hamwe bateranya imitahe ; tumaze kumva ingene ama kompanyi y’indege yagiye hamwe kugira atsinde abandi ; i Nairobi niboneye ingene abantu bagiye hamwe bashira imitahe hamwe basaba itongo rinini Leta bubaka quartier social niboneye, ubu ni abatunzi.

Ndemeza gose ko mu Burundi, hari abantu nka, Hon. Dr. Jean Minani, na Perezida Ir. Domitien Ndayizeye, na Perezida Petero Buyoya, Perezida Bagaza J.B, Perezida Ntibantunganya S., n’umushingantahe Siyoni, na Nyakubahwa Perezida Petero Nkurunziza na Gen. de Brigade A.G.Bunyoni, n’abandi bakuru (noshimye kuvuga abandi batunzi, ariko kumbure abo navuze barikeneye) nka bane bafise amahera bativye – nfashe ko na bo nyene boba bafise ubutunzi bwera ariko ukuri ni bo bakuzi – bateranije imitahe yabo, bakabura bagurisha ivyo bafise, nk’amazu yabo n’imitahe imwe imwe bafise mu ma sosiyete kugira bakwize imiriyaridi 100 z’amarundi, urabona ko bosaba mu mabanki amahera make kugira bubake uru sosiyete runini rw’indege ishobora gupinga ama kompanyi y’indege yo muri Afurika. Bokura mu bushomeri abarundi benshi bakora

21Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

muvy’indege, amahoteri, ubudandaji, umutekano n’ibindi vyinshi. Icompa Imana ikaba ikunze ko mbivuga kugira ngeze urukundo rwabo ko ari rwinshi cane ku Barundi. Kandi ibimeze gutyo, kuri abo canke ku bandi, ndumva bizoba. Ivyo vyambayemwo kuva kera ndi muto, mbona nkoresha inama abobikora atari je ndi umunyamutahe. Ivyo si Imana yabimbwiye, oya. Nije numva ndavyibwira, ariko Imana ivuga kwinshi. Ariko ico yo yambwiye n’uko Abarundi babuze urukundo rwo gukorera hamwe botunze cane kumbure kiretse abo navuze, bagira bakore ibitandukanye n’ivyo bibuze. Birababaje ko abanya Cankuzo ngo babuze urukundo kurusha abandi nk’uko Mpwemu yanyemeje.Tubirindire.

7. Muri 2013 nabonye Tanganyika igira amafi menshi cane yisesa ku kiyaga nkabona abantu boja kuyitorera kuri gusa. Ndizera cane ko tumaze kwiga gusenga mu kuri mw’ishengero rya Kristo, tuzozunguruka Tanganyika tukayihumanuza udutwe tw’abantu b’ibimazi abarovyi b’abarozi bahaye Satani ngo baronke amafi menshi, ahubwo baba bararoze urwo ruzi, baruha kuganzwa n’abadayimoni. Twubashe Imana tugasenga izo mpwemu zizohunga, imbaraga z ‘Imana zongere zikore, amafi aboneke. N’abandi bose bose ku nkengera z’ico kiyaga bakoresha imbaraga z’abadayimoni mu kwubaka, hamwe n’abubaka amazu agerekeranye mu gisagara bakibera muri Tanganyika, bazonyiganyizwa n’izo mbaraga z’Imana Nzima kandi ntibizobura kumenyekana. Abakozi b’Imana batonda mw’ishengero bavuye iyo, nabo bazoba bariko barahunga igihugu, ni batakizwa kubera imbaraga za Mpwemu zizobaturira bagaca bayanyaga. Abo twita abanyacubahiro uyu musi, kuko bafise amashengero manini n’abayoboke benshi, bakaba batunze n’ibitayega, ico gihe bazomenyekana neza abo ari bo. Tanganyika izoca iba agahore, amafi yisuke.

8. Gutera ibiti vy’inkwi n’ivy’ibidukikije :

Mu ntango za ndamukiza 2016, mbwirwa ko jewe ubwanje nzoteresha mu gihugu cose ibiti vy’inkwi vyo gucana hamwe n’ivy’ibidukikije. Ivyo bishobora gusigura ivy’impwemu, ariko no muvy’umubiri nyene, tuhibandire. Imana mbega yo ntiyohimbarwa, kuri vyinshi yampaye vyoyihimbara mu gihugu, hiyongeyeko gushariza imisozi n’ibiti vyinshi vya Leta binafise n’ubumaro mw’iterambere ntorinda kwigisha muri runo rwandiko ? Ego. Imana yo rero iratandukanya ivyo biti bishobora kuva mwo imbaho, hamwe n’ibindi biti vyinshi vyo gucana mu ziko, inkwi ntizizobure, kandi ntizizorondererwe mu mashamba y’ibidukikije. Ababijejwe babifate nka nkama, kandi umwe umwe wese avyiteho kubwo kugororoka, kuko n’Imana yaturemye ivyirayeho kandi ari twe bizoha imvura. Ng’ico rero kimwe mu bikorwa rusangi bizana iterambere wa mugwi wotwigira.

9. Numvise mbwirwa ngo : « ibiti umukuru w’igihugu aheruka gutera biraroze» : Kumbure ni ivy’amavoka kuko ari amavoka y’ikizungu yavyimbishijwe n’ubuhinga bw’abantu buri muri bimwe vy’ubuhinga bugoye kuvuga mu kirundi, mutations génétiques, navyo bihaye bivugwa n’abahinga ko bifise ingaruka mu magara y’abantu. Canke n’ibindi yoba yarateye nimba hari ibindi, kuko turetse ico nongorewe, ntavyo nagiye nkurikirana cane ngo ndabimenye ido n’ido. Ariko ku basenga murumva ko ico gusengera co kiriho. Gusenga kwanyu kwerekana ukuri kw’ivyo nabwiwe, mukanamenya n’inzira z’uburozi izo ari zo, kubera cloner n’imihamuro n’ibindi vyose bishoboka.

22Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

10. Uburimyi mu Burundi : Ubuhinga bwo muri Maleziya .

Nditeze, mu bihe biza, kubona abahinga bo mu bihugu bitandukanye baza kudufasha gupanga uburimyi neza. Jewe neretswe ari abahinga bo muri Malaisie baje biga uko bateza imbere Uburimyi bwacu. Kandi muri ico gihugu, boba ari abahinga mu vyo kuvomera, irrigation mu gifaransa.

Mu burimyi Uburimyi bufise ingorane zine zo kwigako :

1) Kuvomera : Uburundi buri mu bihugu bike cane mw’isi bironka amazi menshi cane y’imvura, eka mbere n’ayo mu myonga, ariko barumisha imirima ntibatege amazi ngo bige ubuhinga bwo kuyabika bayakoreshe igihe kigeze, ku ruzuba. Barakwiye kwiga gukoresha imihora yo kuvomera canke canaux d’irrigation ;

2) Isi ndimwa : Abarundi bibera muri ya matongo yo kurimamwo, bakabura aho barima3) Imitahe yo kurimisha ntayo bikunyurwa n’uko abantu badashobora kuja hamwe ngo

begeranye imitahe yabo. Abafise imitahe ntibarategera ko kurima ari inkomoko y’iterambere ngo bayikoreshe nuri ico gisata ; Leta ubwayo ntirerekana ko uburimyi bukwiye guhabwa uburyo bwinshi n’aho izi ko Uburundi butunzwe kubirenga 70% n’uburimyi ;

4) Angere shimike : Imigenzo mvamahanga ya kera yo kuroga isi : Ndahanura ko mu mugambi w’Imana, nisunze iryambo ry’Imana (Gus.11 : 16-17), Imana yo nyene ihezagiye isi ndimwa yayo kubwo kuyumvira kwacu, ata ma angere shimique twokwongera kurogesha isi yacu ngo yimbure. Ababikora barabigumana, twebwe tuzokoresha amase yacu, nabo baze kuyatugurira.

11. Politike y’ubutunzi yitaho kuzamura abakene, Politique pro-pauvre :« Idini itunganye itagira agasembwa imbere y’Imana Data wa twese, n’ukuraba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’isi » Yakobo 1 :27

Ayo majambo yo muri Yakobo numvise asunikiwe mu mutima wanje nk’inkota mu rubavu rw’idubu yinjiye muri karitiye. Emwe, kumbure si mwebwe ni jewe agasembwa kabonetseko, ariko nawe usoma urabe neza. Ico ntakekeranya co ni agasembwa ko mu ruhande rwanje, ariko nawe mwiza wezwe gose. Binteye kuvuga nshize amanga ko Leta y’igihugu cashizwe hejuru n’Imana idatora ku butoni, ikwiye gutondeka indinganizo zayo zose z’ubutunzi mu buryo bwo kuzamura abakene. Ivyo bica vyumvikana ko mu kazi kamwe hatoboneka uwuhembwa imilioni cumi, hakabaho n’uwundi ahembwa ibihumbi mirongo itanu!!! Naho yoba ari umu planto ahembwa ibihumbi ijana, Umukuru wiwe ahembwa imiliyoni cumi, ivyo Imana ntiyovyihanganira na gato naho wokwitwaza ama diporome n’ibindi. Kuko abantu bose bararya bakavuza abana n’abo batunze, bakabigisha bagapanga inzu. Umuntu wese akora, tutaravye diporome afise, ariko akaba akora gusa, akwiye gushingirwa amahera ataja musi kugira, n’imiburiburi arye neza kandi apange inzu y’ivyumba bibiri n’uburiro. Imigabane yo kwihwezwa mu gukemura ikibazo c’ubukene bukabije:

a) Agahembo ku bakozi bato bato (politique salariale): Umuntu amaze kwitwa umukozi wa Leta uwo ari wese, naho yoba agira isuku mu nzu, kuko ategerezwa kubaho, ategerzwa gushingirwa amahera atazoja musi na rimwe, bita SMIG (Salaire Minimum Interprofessionnel Guaranti) mu gifaransa;

23Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Iyo mpembo yokwisunga igiciro cizwe na Komite ibijejwe c’infungurwa nziza z’umuntu wese ku musi no ku kwezi, igiciro c’inzu y’icumba kimwe n’uburiro yubatse neza muri karitiye zizoba ziriko zirubakwa, hamwe n’amafaranga yo kwiyunguruza, kongerezako ic’icumi c’ayo mahera ku tubazo tw’i ruhande; Iyo SMIG ivuzwe ku bakozi ba Leta gusa. Umugwi ujejwe ivyo woshira abakoresha bose mu migwi bivanye n’uburyo bwabo, categories d’amployeurs, mu gifaransa. Akarorero k’iyo migwi: Amashirahamwe akomoka kuri ONU n’ama leta y’ibihugu vyo hanze (Organisations onusiennnes et etatiques etrangeres), Amashirahamwe Mpuzamakungu, ama sosiyete y’amahinguriro n’urudandaza mvamahanga, ama sosiyete y’urudandaza n’amahinguriro vyo mu Burundi, amashirahamwe y’Abarundi, …Bivanye n’umugwi uwo ari wo, kuri iyo SMIG hakiyongerako kuva kuri o%, 30%, 100%, … Umukozi abanye n’uwundi (umufasha bubakanye, umwana ataragera mu bigero,…) akongerwa % ya SMIG yokwigwa.

Imana ntizobura kuduhanira abakozi bamwe bamwe usanga bamaze nk’imyaka 25 bakorera Leta, ugasanga ni umu planto afise nk’abana 7, canke barenga, apanze inzu, agaca ahembwa amafaranga ari musi y’ibihumbi 50 ngo n’uko ata diporome afise. Ivyo ntiwobibwira Imana, ni abantu gusa bavyumva. Wemeye ko umuntu agukorera wemera no kumubeshaho; ivya diporome bibanza guhagarara, bikavyuka hageze kwongera imishahara.

b) Leta ikwiye kwiga neza ivy’abatagira akazi ku mvo zitabavuyeko. Bivanye n’aho igihugu coba giteye mu butunzi mu kiringo kanaka, abo barakwiye guhambwa

n’imiburiburi inusu ya SMIG ya LETA iva mu makori y’abahembwa bose kugira ngo bakemure ibibazo bimwe bimwe, cane cane kurya no kurondera akazi.

c) Abasezi :Kirazira kikaziririzwa ko mu Burundi Isirayeli ya kabiri, haboneka abantu bahagarara ku

mabarabara no mu masoko n’imbere y’amashengero gusega. Ndategetse, mw’izina rya Yesu aganje, ko ivyo bitazosubira mu gihugu c’Uburundi. Natuye urukundi muri kino gihugu mw’izina rya Yesu. Ivyo vyunkane kuruta uko ndabivuze.

KIRAZIRA gusega mw’ihanga ryarobanuwe n’Uhoraho, ku mvo izo ari zo zose. Ubwa mbere ho ni umuvumo kuwusega kuko uwemewe na Kristo asenga yihanganye yiteze igitangaza. Ndazi neza ko abihanganye barara ubusa, abirukanwe iwabo, abagwaje babuze icepfo n’ica ruguru, boja mw’ibarabara gusega, hoba uruhagarara, bikaboneka imyiyerekano. Benshi cane rero birabagoye ariko, bamwe basenga bihanganye, abandi bibatera isoni bagasaba mw’ibanga, abandi bagakora ukundi.

Ikitibagiwe n’abarozi baza gusaba mu buryo bwo kuroga canke gutunga ku nguvu batungishijwe n’amareba mwibaza ko ari ugusega. Bene abo n’aho boronka ibitayega baguma bambaye ubucocerwa n’imvyiro zikabagumako kuko ivyo bibafitiye akamaro. Uwundi mugwi w’abasezi, ni abadayimoni bari mw’ishusho y’abantu, baza mu masoko no mu mashengero cane cane no ku mayira abiri, kugira bahumanye abantu. Iyo migwi ibiri ya nyuma yompi ihumanisha ababaha amafaranga mu kubateza inyatsi n’ibindi vyago. Ku gituro c’ama bisi ya Kamenge, haraheze imyaka nk’ine ivyo vyarabaye, aho umupfasoni yagiriye impuhwe ikimuga c’umugabo, agiha amahera, bica biranka ko ava hasi ngo yinjire muri bisi, ico kimuga kimusaba kumusoma,

24Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

bamuzomerera rimwe, ngo musome. Abikoze baciye bamanukana i kuzimu bose, abantu bariko baravyihweza ku mutaga. Ivyo naho mwoba mutabibonye mwumvise ibindi bimenywa cane cane n’abatwara ama tagisi mw’ijoro, mbere no ku murango. Kenshi batwara abadayimoni bavamwo imodoka itiriwe irugururwa. Bibiriya ivuga iti: Abazi ubwenge bazobimenya; ikongerako iti: Abarongorwa na Mpwemu nib o bana b’Imana.

Be mu mpwemu rero kugira ngo mumenye abo mukorana. Ni izo mpamvu zose zituma ata gusega gukwiye kubaho, igihugu kikitaho abaco bigoye. Amakori akwiye gutangwa mu buryo bw’uko kizira ko hagira umuntu atagira ikintu na gito kimufasha. Abasezi bose bariho bakwiye gushirwa mu mirwi, ivyabo bikigwa, umwe umwe ukwiwe, abarerwa bakarerwa, abigishwa bakigishwa, abavugwa bakavugwa n’abahanwa nabo bagahanwa, maze binjire mu buzi bubabereye, igihugu kije ku murongo, Imana ice iduha umugisha.

Umve neza, ivyo si ivyo gukora twatunze, oya. Gukura abakene mu nzira, ni uyu musi nyene, ahubwo kugira ngo kwitaho ico Imana yavugishije Yakobo neza, kiduheshe umugisha. Kandi ivyo tudashobora ubu, kubera bitari mu mitima y’abatware, no mu gihe c’itunga ntavyo twoshobora. Kuko, iryo tunga ryozana izindi ngorane. Noneho rero ntibikorwa n’amafaranga, bikorwa n’umutima ubwa mbere. Nteye akamo wewe uriko urasoma, ugire ico ukoze ku giti cawe, wijabukire.

Mu gihe kiza, kandi kiraje, impfuvyi zizoba ari nyinshi kubera imvura nyinshi yoshobora guhitana abavyeyi. Mbibabwiye hakiri kare kugira musenge murindwe, kandi kugira abazorindwa mwitegure kurera impfuvyi mutavyaye. Si ukubatera ubwoba, ni ukubaburira. Aho ni ho muzokurira umugisha wanyu.

Ndabasubiriyemwo, kirazira gusega muri Isirayeli ya kabiri. Leta ikwiye kuzokoresha uburyo bwose bwavuzwe, n’ubutavuzwe, hatabuzemwo n’ibihano, kugira ico kibi ntikibe. Ishengero rya Kristo rizobazwa ivy’abo bakene, kuko n’abadayimoni bihinduye, n’abarozi, abanyeshengero b’impwemu nibo bo kubamenya, bakabwira Leta ikibereye.

d) Abatama n’abatamakazi n’abapfakazi batagira ababoLeta ikwiye gukorana n’amashirahamwe kugira ntihagire n’umwe muri abo yibana. Ishengero rya Kristo cane cane rirakwiye kwitaho bene ivyo bibazo. Abo babikora k’ubwo kugororoka, Leta nayo ibikora nk’ibwirizwa ku bana b’igihugu.

e) Abafise ubumuga bwo mu mutwe canke bw’umubiri: Abafise ababo bishoboye, abo bazobitaho. Abatagira ababo bishoboye, Leta, mu makori y’abanyagihugu, itegerezwa gukorana n’amashirahamwe, ikabavuza, ikabashira ku rugero rwo kugira ico bimariye. Leta ntishobora kurera amaboko imbere y’ikimuga kitagira abaco, muvyumve ivyo vyozana umuvumo mu gihugu. Abatararonka ico bakora, ntibanagire n’ababarera bategerezwa kuba mu marerero kuri gusa.

f) Kwiga gutanga: Naraye maze gufata ingingo yo gutangaza iyi mburi, mbere imaze kuja ku rubuga facebook, nongera kuyisengera kugira Imana ikore ibindi biyihimbara kuri yo, ari mu buryo bwo guhindura kwongera, gukosora n’ibindi. Iryo joro nigishwa ingene umurundi akwiye kwiga gutanga, canke mbere kwitanga kubw’igihugu. Umuntu yokwitanga mu buryo butatu:

25Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Gutanga amafaranga : hari umugenzo mubi winjiye mu Barundi wo kwibaza ko ari abakene cane, bikabatera kuba abasezi, gushika aho, umuntu umwe yitunze agatunga n’abiwe neza yikengera, hakwiyita umurundi yitunze, akiyita “Abarundi” bakenye, mbere bakwiye gufashwa. N’umutunzi ruhebwa mbere ugasanga yifashe uko. Gutunga biri mu mutwe imbere yuko biba mu “ngodo”. Wiyita umukene uba uri umukene naho woba ufise ibitayega. Kuko unifata uko wiyita. Bikitwa gutuka Imana. Ivyo ntibikwiriye abana b’Imana biswe n’Imana “imana”. Imana irashaka rero ko nk’abagwizatunga bakamata vyinshi mu vyo bafise bagafasha imigambi y’igihugu ku giti cabo ata kagobero. Nk’umuntu akora ibikorwa ashobora kunguka imiliyoni 50 ku kwezi agafata inyungu yiwe y’ukwezi kwose akayifashisha nko mu kugurira ibitabo amashure 10, rimwe rimwe akarigurira ibitabo vy’imiliyoni 5 ata kagobero. Ndashaka mumenye iciza co gukora uko. Nimba mw’isi iciza citurwa ikindi, mbega Imana yo mw’ijuru niyo yishura inabi abagize neza? Ntimuzi ico bibiriya ivuga kubatanze isabagire? Ndemezwa cane ko abafasha imigwi minini y’impfuvyi, n’abapfakazi n’abatiga, bagaterera Leta mu kubaka amashure n’amavuriro batazosoromamwo amahera, abo Imana ibishura umurengera, muri buno bugingo, no mu buzokurikira babikiwe ibitsibo. Abo bagira umugisha mu vyabo, uwo Malaki yavugishijwe ku batanga ibigiracumi n’amashikanwa. Ariko tweho ubu kuko tutarongorwa n’ivyagezwe nk’abakera, ariko turongorwa na Mpwemu w’Imana Yesu yatugwatirije, ntidutanga ikigiracumu gusa, twitanga uko tungana, nk’uko Paulo abivuga, turongorwa n’ukugira neza nk’uko natwe twagiriwe. Sinibesha ko ico abo mu bihugu vyateye imbere bakiturusha, mbere coba kibatera umugisha mu bigaragara. Mumaze kubona bimwe bita ama Fondations y’I Buraya mu bihugu bitunze, vyashizweho n’abatunzi bafashe ingingo zo gukoresha amafaranga yabo ubwabo ngo bateze imbere abakene batanazi. Ntituyobewe ko bamwe muri bo babikoreshwe n’imvo kumbure zitari nziza, ariko tweho twiteho kugira neza tube turaretse imanza. Harabuze abarundi barenga 10 umwumwe muri bo yokubaka ishure rya 100,000,000Fbu ibikorwa vyiwe bigakomeza neza, mbere akaharankera umugisha? Harabuze uwokubaka inzu ya 100,000,000Fbu abarimu 10 babamwo, kumbure bakariha ishure 1/5 c’amahera borishe? Harabuze abgwizatunga 100 boteranira ama orodinateri 1,000,000 abanyeshure bari mu myaka ibiri ya nyuma barusha amanita abandi bakayahabwa ku buntu? Umugwizatunga umwe gusa ntiyogurira ama orodinateri abashakashatsi ijana b’abarundi bandize ibitabo ku bintu nkenerwa ku gihugu, kugira baterwe integer zo kuguma bakora ubwo bushakashatsi? N’ibindi. Umunyabulaya yibeshejeho bisanzwe, arazi mu mutwe wiwe ko atunze amerewe neza kurusha umunyamahanga abonye. Bikamutera kwitega kumufasha aramutse abisabwe, atarinze kwibaza birebire. Ariko naho mvuze uko, n’ibitandukanye n’ivyo ntibibuze.

Ubuhinga : Imana yanyeretse ko n’abatagira amafaranga n’ubutunzi bugaragara, bakaba bafise ubuhinga budasanzwe muri ibi na biriya, bobutanga babikunze, batagoberewe kugira bubesheho bene Data. Ubikora abikore gusa, ata biharuro vyinshi akoze vy’ukwibaza ico bamurusha. Umugisha wiwe uzozira aho nyene, yirurwe mu vyo yarenganijwemwo, canke yirengagijweko. Umwigisha afise imyiga yigisha asange abiyungunganije ataco bazi abigishe ataco asavye, bakironse bamuhe, batamuhaye, kubera inda mbi, canke kutakironka, yigire ashima Imana. Iyo na yo hari ico izokora.

Inkuru nziza ya Kristo : Abandi basanzwe bitanga mu kuvuga inkuru nziza ya Kristo. Yemwe ntimudandaze ivyavuye mw’ijuru, uburake bw’Imana ntaho mwobuhungira. Bamwe badandaza ama CD n’ama kaseti y’ubutumwa bwiza canke indirimbo z’Imana amafaranga y’umurengera, abandi bagakonganiriza abantu mu nzu zidasanzwe zo mu muji nk’amahoteri, mw’ijoro ritagendwa n’abakene, kugira ngo babaririmbire indirimbo nsha zavuye mw’ijuru

26Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

babatangishije amahera ata mutunzi yoronka. Murabona gufata i jeep kugira ufate urugendo rw’ijoro ugiye gutanga 30,000Fbu ko mu Burundi atari ivy’umurundi asanzwe. None Imana yatanze indirimbo ku batunzi gusa? Mubona ivyo Mpwemu w’Umwami Yesu yatwitangiye ku musaraba yovyihanganira, canke ni ayanje ngo munsengere? Nomba ari ayanje nyene. Ariko iyivugana nanje imbwira ko izobihana. Ababikora muhunge mwinjire mu bwato.

Bene ivyo bikorwa vy’inda nziza, bagenzi vyirukana impwemu z’inyatsi n’iceyi, kuko urukundo rwa Rukondo, Yesu yitanze, runyiganyiza ivyagwanya Imana mu w’itanze. Ivyo umuntu ntabitegekwa, munyumve neza. Abikora abikora kubwo kugirira abandi nk’uko Imana yamugiriye, nk’ikimazi c’ishimwe. None, ninde asanze atafise ico atanga ga bene Data? Jeho nsanze ndi umutunzi yagararije kuva kera, Imana infashe. Mbere kumbure Imana yashatse gukebura jewe, ariko rero, nawe, mugenzi, bonerwaho. Rero nanasomye ngo umusukoni ntushobora kwama elayo, umuzabibu ntiwokwama insukoni; uko nyene niko n’amazi y’umunyu atovamwo ayaryoshe (Yak.3:12),

kuko umuntu atanga ico afise. Mwumve gose, uko ntoshobora kubivuga, ko abazi ubwenge nk’uko Daniyeli avyita bumva cane ivyo. Yesu abahe umugisha.

g) Indunduro: Duhiganwe mu kugira neza

Bibiriya ivuga iti : Ingero mugereramwo abandi, ni yo muzogererwamwo. Kwitaho abatishoboye, vyumvikane cane gose kurusha uko nabivuze, kuko jewe natanze intumbero gusa, nayo ababijejwe bakwiye kubona binini kurusha aho. Kuko, mubimenye neza, nta mugisha na muke ubaho, iyo bamwe basesa indya ibimuga, n’abasaza n’impfuvyi n’abapfakazi batarya. Ntibishoboka. Nawe mubanyi w’umwe muri abo wumva ibi, menya neza ko ari wewe mbwiye, si Leta. Kuko umugisha w’igihugu uba ku muntu umwe umwe mu bumvira ubutumwa. Ucumva bino ushobora gukorera proje Leta kuri gusa y’ivyo yokora, ukabitanga mu biro vy’umukuru w’igihugu. Naho ataco bokora, wewe uzoba uciye umugisha wawe. Nimba waranize, vyerekane n’Imana ibibone, yo ihemba neza. Uko urondera kugabanya ingorane z’abandi, mu gusenga, mu kwigisha, mu kwitanga mu bigaragara, mu gukorera imigambi kuri gusa amashirahamwe ari n’ico yokora canke Leta, uzoba uciye umugisha wawe.

Ndangije iki gice nkwibutsa, wa muntu wihenda ngo urakijijwe, ngo urasenga, yuko utiruye umukene muvyawe, ukamwirengagiza kuko atari incuti, umusūrirako ivumbi gusa ngo ugiye gusenga, nta mugabane ufise mw’ijuru. Uruhira ubusa naho uri umuririmvyi rurangiranwa. Uruhira ubusa naho uri Pasiteri. Umusenyeri afise étage y’ivyumba 20 vy’abashitsi akaba abana n’abantu nka bane gusa, yirira akinywera, abăza gusega akabaha uducocerwa, yátegerezwa kugurisha imiduga yiwe akabubakira, n’urwo ruzu rukaba urw’abajenama badashobora kugura isabuni, akihenda ngo ni iy’abashitsi b’abaterambere, abakuru nka we, aba « bailleurs de fonds » bamuha amafaranga yo kubaka ibimushira hejuru we n’abo banganya kuvuga indimi zo hanze, mu mwanya w’ubuhirwe urindiriwe n’ubumaramare bwinshi. Ijwi ryankariye cane, sinoguhenda, nanje numva agahinda kubwanje nyene. Ntawe nshaka gucira urubanza kuko nanje numva urwanje Atari ruto, ariko nshaka tuvyurane, twegereze ata bwoba, imbabazi za Kristo zitubeko.

Nta muntu n’umwe yosigura ingene abeshwaho n’amafaranga arenga umuriyoni ku kwezi uyu musi agatunga abantu bari musi y’icumi. Umuntu afise abeshejweho na miriyoni zitanu, afise inzu rwiwe n’umuduga, yari akwiye kuba afise irerero ry’impfuvyi, i ruhande y’umuryango wiwe. Utabikoze

27Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

ntiwibaze ngo uri mw’idini ngo uriko uja mw’ijuru. Yesu yaravuze neza ati : « Ikizobabwira ko muri abanje, ni urukundo muzokundana ». Amen

12. Itunganywa ry’amabarabara canke Réseau routier mu gifaransa : 1) Imana yarangendeye irambwira iti: “amabarabara yo mu gisagara akwiye kugira ikibanza

ciharije amakinga agenderamwo”. N’ukuvuga ko amabarabara amwe amwe azosubirwamwo kugira amakinga aronke aho aca mu buryo bidatera impanuka, agashika mu muji ariko aciye mu mabarabara azoba yabitegekeranijwe, atari yose.

a. Twihweze ivyiza vy’iryo jambo. Muri kino gihe amakinga ni ikintu ciza cane kuko atononesha umuyaga imicafu iva mu moteri. Aroroshe kugura ku bantu batobato, ikibanza co kuyabikamwo, parking, kiroroshe kurusha imiduga, kugendera kw’ikinga bifasha amagara, mukugabanura ibinure ku bakozi bamaze kugira imyaka myinshi no kunonora imitsi;b. Igihugu c’Ubuhorandi giteye imbere mu gukoresha amakinga, kuri izo mvo n’izindi kumbure ntavuze, kandi ni igihugu giteye imbere cane;c. Ku muntu atoshobora kuronka umuduga canke ipikipiki, ni ukubaha uburenganzira bwiwe kumwemerera kwiyunguruza n’ikinga;d. N’aho biri uko, ntituyobewe ibigoye biva kukutanyaruka kw’amakinga mu nzira, kukutahagarara neza igihe cose bikenewe, ku kutamenya amategeko kuri benshi bayagendesha, n’ibindi, ari naco gituma hofatwa ingingo zimwe zimwe nk’izi zikurikira:

Amakinga akwiye kurekurwa abanje gutegekeranizwa aho azoca; Abagendera ku makinga bakwiye na bonyene kugira icerekana ko bazi amategeko y’ibarabara. Ayo akwiye kuja mu rutonde rw’ivyigishwa mu mashure y’intango. Umwana akwiye gusohoka mw’ishure shingiro yize mu mwaka wa nyuma amategeko y’ibarabara akabihererwa amanita nk’ibindi vyigwa vyose; Hari ibibanza bimwe bimwe bidakwiye gushikwamwo n’amakinga bivuye ku mvo zizwe neza, nk’umutekano, parikingi, canke ibindi. Ico gihe hoba icapa kivyerekana; Mu gutunganya ibisagara hakwiye gutegekanywa parikingi ku vyuma vyose vyinjizwa harimwo ikibanza ciharije c’amakinga. Vyoba vyiza gutegekanya ikibanza gikuru kiri musi y’isoko, parking principal, mu gifaransa, itegekanijwe n’igihugu, kugira ngo ntihabe urwitwazo na rumwe ku kajagari, ivyo bibakaba bitobuza ama parikingi y’abigenga yubatswe musi y’amazu gusa nko ku vyerekeye Bujumbura ibibanza vyaho bikenerwa muri vyinshi;

2) Nabonye mu Kamenge, rirya barabara riva mu muji, rikabandanya mu Carama rifise metro, n’ukuvuga hari vya bimodoka bitwagwa n’umuyagankuba uri kw’ibarabara, kandi ryari ibarabara ry’ikizungu cane rifise iro musi no hejuru, ndabona mvuye ku rugendo nururutse nkaduga ingazi kugira nshikire iryo hejeuru ntahe. Ico gihe nabona hariko harakorwa isuku muri ico kibanza. Ivyo ni ivyo Uburundi buzobamwo, hamaze kuba iterambere, ubutaka busigaye bwimbwa neza n’ama companyi akorera igihugu, kuko uyu musi ari Abarundi ahubwo bayakorera! Ico gihe bwa busuma buhitiye, bwo kuyora ivu ryuzuye ubutare ngo bagiye gusuzuma, ntihamenyekane icavuyemwo, bikamenywa n’abo babikorana, ntibuzosubira. Amabarabara bene ayo, rero bishoboka ko azoba ari mu miji mikuru yose uko igihugu kizoba kingana, naho nerekewe mu kamenge nk’urufatiro.

28Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

13. Kaminuza y’Uburundi : 1) Ikwiye kuzokora no gushira mu ngiro umugambi munini w’ubworozi ufatanye n’umugambi

munini w’uburimyi bwa kijambere. Bizofasha kwiteza imbere batazera inze, kuronka aho bakorera ivyigwa (espace d’experimentations scientifiques), gutanga akazi ku rwaruka rwinshi rutsinze. Uyo mugambi ufise ikibanza kinini nka kiriya ca SOSUMO kugwiza kabiri, urashobora kuriha amafaranga yose kaminuza yokenera mu bikorwa vyayo, mu kudandaza amata, inyama, ubuki, amagi, confitures, fromage, amavuta, n’ivyimburwa biva mu bitegwa njabukamazi. Gutyo Kaminuza ikimenya, kugira Leta yiteho abatishoboye.

2) Itariki 5/10/2015 : Nabonye kandi kaminuza yigenga ikora umugambi wo gukoresha ubuvuzi kama, médicine moderne localei, ikoresha ubushakashatsi kugira haboneke imiti y’ikizungu ihinguriwe mu Burundi, mu buhinga n’ibiti vyo mu Burundi, ivyo bica bisubirira iyindi miti y’ikizungu ihasanzwe.

14. Ndamukiza 2016: Nabonye Cankuzo ari intara ikenye cane y’inyuma y’izindi, yubatse nabi, ndavyihweza bikantangaza. No mmuvyo turabisha umubiri ni ko biri, naho hari intara zibiri gusa mu gihugu ntazi ngo mbigereranye, Bubanza na Mwaro nibaza ko nazo nyene zidateye imbere. Uburundi bumaze gutera imbere bwoshira imbere izo ntara cane cane mu mabarabara ya kaburimbo azifatanya n’izindi ntara n’ama komine azegereye, nka Cankuzo igafatanywa na Tanzaniya n’ibarabara ry’ikizungu, bagaca batunganya gushasha ama karitiye y’akarorero (viabilisation des quartiers de reference), akubakwamwo amazu agerekeranye yo gukodeshwa, kugurwa canke mbere yo gutangwamwo ama appartements ku batishoboye. Cankuzo ni intara imera cane, ihana umupaka na Tanzania, vyoroshe gose guteza imbere mu gufatanya ama komine amera cane n’umurwa mukuru w’intara, bikagabanura inzara mu gihugu cose, kandi bikateza imbere urudandaza hagati ya Tanzaniya n’Uburundi, ama hoteri yo mu Cankuzo akahabonera akoyoko mu kwakira ingenzi. Abanyagihugu bafise amabarabara meza bogurisha muri Tanzaniya, hagati mu gihugu no mu Cankuzo, cane cane mu mashure n’ama hoteri, no mu makambi y’igisoda, ibiraya, imiceri y’I Mishiha, ibiharage n’imyumbati biri hose, ibiyoba n’ubushaza n’ibikaju vyo mu kumoso, n’ibindi nk’ama voka, imyembe n’imicungwa n’indimu nziza nziza. Ivyo vyose, kubera kubura amabarabara bihera mu makomine, uretse ko bitanaheza ngo birimwe neza.

15. Urutonde mu nyubako .

Hari uburyo butatu bw’akajagari noshobora kwerekana budakwiye kuzosubira mu Burundi bushasha canke muri Isirayeli ya kabiri: a. Uburyo bwo kwubaka amabarabara: mu makaritiye yitwa ko atunganije, n’ukuvuga viabilisés, mu gifaransa, baraca amabarabara bagakora amakosa abiri: irya mbere bakora ibarabara ryaga ku buryo bigoye ko imodoka zobiri zibisana mu makaritiye amwe amwe; irya kabiri nta kabarabara k’abagenda n’amaguru bvasiga ku ruhande kamwe bita trottoire. Ibarabara ry’ikizungu ryose ritegerezwa kugira trottoir, n’aho ryoba iryo muri karitiye. Trottoir ifise utumaro tubiri: akambere n’uko abagenda n’amaguru bagenda mu mutekano kando batagora ivyuma vy’amamoteri. Aka kabiri, kaba kubatse mu buhinga butandukanye nn’ibarabara rikuru, hasi hegeranye kurusha, mugukoresha twa dutafari duteranije n’isima kuko bahacisha ama sandugu canke ama valizi agendagenda ku du pine duto twoshobora guhomvagurikira mu mabuye ya pavage. Mumenye kandi koi co gihe kije hazoba hari uruja n’uruza runini cane hagati y’igihugu c’Uburundi n’ibindi bihugu

29Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

rutigeze kubaho na rimwe. Abantu, mbere na bato bato, bazova mu ma karitiye menshi baja mu bihugu bitandukanye, no mu ntara zitandukanye z’igihugu mu rugero runini cane, ku buryo bizozana uruhagarara runini rwozana n’insanganya ivy’amabarabara n’iyunguruzwa ry’abantu n’ibintu bitiyumviriwe bikiri uyu musi. Kuko vy’ukuri hariho ukutitwararika muri iyo segiteri. Mu kubaka kaburimbo, cane cane amabarabara y’amabuye, utwo tubarabara tw’abanyamaguru ni utwo kwitwararika cane gose, kubw’izo mpamvu. Ni ukubahiriza agateka k’abantu batobato, kandi ni ukongereza umutekano mu mayira. Ivyo bibwirizwa kumera gutyo mu ma karitiye yose y’ibisagara vyose mu gihugu. Ntavyo kwitwaza ko bizimvye kuko Uburundi buzoba butunze kandi bushizwe hejuru n’Imana. Noneho n’aho twoba dutunze ibibayabaye urukundo ku bagenda n’amaguru n’ubugororotsi mw’ikoreshwa ry’amafaranga y’igihugu vyodushoboza kubikora uko.

Imana yerekanye mu bihe biza hazoba amabarabara yo hasi no hejuru, n’ayo hasi. Imisozi ntizongera kuba ikibazo kuko tuzoca musi yayo nka kurya ko mu bu Swisi. Imiji imaze kuba minini, kubera ko igihugu ari gito, ya mabarabara manini afatanya intara n’izindi, amwe bita highways mu kingereza, azoca hejuru y’umuji nka kurya kwi Seattle muri Amerika n’ahandi.

b. Kubaka mw’ibarabara no mu bindi bibanza bifitiye akamaro abantu benshi: ubugunge bw’abanyagihugu batari bake bubatera kutitaho inyungu z’abandi, kandi mbere banazisangiye, ugasanga umuntu mu kwubaka yubatse inyuma ya za mambo z’abajejwe gupima ama parasera, Cadastre, bikagisha ibarabara. Nk’iyo hatapimwe hoho ngo hakorwe mu buryo bwa bimwe bita viabilisation mu gifaransa, biba urudubi. Umuntu yikorera ivyo ashatse, ukibaza koako karere gafise aho gatwarirwa n’uko umuntu wese yitwara. Kuko vy’ukuri, n’aho yoba ari ikaritiye itaharuweko ivya viabilisation, ubutware bwa komine bwari bukwiye kwitaho ko ibarabara rifise uburinganire bwemerwa n’amategeko y’igisagara. Gutyo utujagari twokorwa twose tukaba muri parasela Atari mw’ibarabara ry’ikaritiye. Mu bihe biza, kubera ko ata vyo gutanga ibiturire n’akarenganyo no gushira imbere nkunzi wo mu mugambwe canke wo mu bwoko bwawe bizoba biriho, umuntu , n’aho azoba yubaka kw’itongo iwe azobanza kwerekana muri komine canke igisata kizoba kibijejwe ko yubahirije ibibanza vy’igihungu bikurubikuru: nk’amabarabara, ibibanza vy’isoko ryategekanijwe, amasoko y’amazi, ama sites y’ubutare, amashamba arimwo ubutunzi kanaka, ama sites arimwo ibintu vyo kuraba n’ibindi nk’ivyo. Ni co gituma, hakwiye kuzoba ama komisiyo y’ubuhinga y’igihugu azoharura bene ivyo bibanza hakiri kare. Segiteri y’ingenzi, secteur du tourisme mu gifaransa, segiteri y’amahinguriro, segiteri y’indero, segiteri y’amagara, segiteri y’amabarabara, n’izindi zikwiye gukora itunganywa ry’ibibanza mu bibarababa hakiri kare, planification de l’espace mu gifaransa, kuko abantu bagiye kubaka ibintu bidasmburwa vuba, kubryo gusambuza abantu bizohombesha nyene kubaka n’igihugu.

Noneho rero igihugu kizoshiraho umugwi w’abahinga witaho ivy’imiji yose mu gihugu, werekane neza ingene mu myaka icumi umuji kanaka uzoba umeze.N’umugwi uzoba ugizwe n’abahinga benshi bava mu Burundi n’abava mu bindi bihugu.Imana yanyeretse turiko turatembera mu yindi miji kuraba ingene batunganije ibisagara, mbona tugeze I Nairobi, abanya Kenya badufasha cane.

Uyu mugwi w’abahinga uzokwerekana ibidahara mu muji, ibibanza vyavyo vyerekanwe kandi binubakwe ku mategeko vyubatswe n’igihugu canke abagwizatunga bigenga bazobwirizwa guhiganwa bakabikora uko babisabwe n’igihugu. Na vyo ni nk’ibi: Amasoko, Amavuriro n’ama

30Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Espaces publics canke bibanza vy’abantu benshi: Ibi bibanza ni ivyo kuruhukiramwo no gusamariramwo utarinze kuriha amafaranga, ahubwo bikagira utuzu twa sugwumwe twoshobora gutoza amahera make yo kutugirira isuku. Ivyo bibanza bizotegerezwa kubamwo ibiti vyiza n’amashurwe mu rutonde rwiza, intebe zo kwicarako zirinda imvura, ibibanza vyo gutamwo imicafu, poubelles, mu gifaransa, ibibanza vyo kudandarizamwo utuntu two kurya no kunywa duto duto vyubatswe mu nteguro imbere y’igihe bigakodeshwa, ikibanza c’itangazamakuru gifise radio na mikoro, espace technique mu gifaransa, kumbure n’ibindi vyokwihwezwa n’uyo mugwi. Kubera ko mu bihe biri imbere hazoba hari uruja n’uruza runi, bivanye n’uko igihugu kizoba carateye imbere gifise n’ingenzi nyinshi, bene ivyo bibanza bizoba bifise ikimazi kinini cane mu mutekano w’imigwi imwe imwe y’abantu. Ibibanza vy’ibiti ku mabararabara yose harimwo n’ayo mu makaritiye. Ibibanza vyo gukoreramwo imirimo ihuza abantu benshi, stades, mu gifaransa, nk’ibikorane, kwinonora imitsi, kwerekana ibidandazwa n’ibindi.

Uyu musi, iyo bubaka amabarabara ntibatinya kuyasambura haheze amezi nk’atanu gusa, kuko amazi, umuyagankuba n’ibindi bibuze aho bica. Ivyo ntibiba vyarategekanijwe kare kandi binazwi ko bikenewe kuri bose, abubaka ubu n’abazokubaka kera, ugasanga birateye isoni, umuntu wese asambura ibarabara uko yishakiye, kandi vyongeye bikaboneka ko atanari bunareke. Ukabona vy’ukuri ko ikosa ari irya Leta idakora itunganwa ry’umuji, planification des villes.

16. Gutunganya neza ama Parkings canke ibituro vy’ama bisi Neretswe ingene kwiyunguruza kw’abantu n’ibintu cari igisata coteza imbere abantu babikora n’igihugu ariko ntivyitaweho ngo bitezwe imbere neza, gushika aho, mu gahugu kangana n’Uburundi, ama kompanyi yo hanze ariyo aza gukora ico gikorwa aniterere imbere. Ingendo irakwiye guhinduka, Abarundi bagakanura, bagasubiramwo amabarabara, bagakura mu nzira imodoka za hiace zakorewe gutwara imikate n’izishaje zonona ibidukikije, hakaza imodoka nini kandi ibibanza vyazo vy’ugushiramwo abantu n’ibintu bisanzwe bitunganije, parkings zigategurwa, hakirwa n’ibindi vyose vya nkenerwa nk’ama stations d’information, canke ibibanza vyo guhanahana amakuru mu ma parking manini nka Gare du Nord ikwiye kwubakwa kijambere, no kwa Siyoni.

17. Gutandukanya parkings z’ama bisi, amapikipiki n’amakinga : ivyo birashobora gukorwa n’abanyamitahe barihisha amafaranga bumvikanye na Mairie kugira ntihabe ubusuma bw’ivyo vyuma kandi ntihanabe akajagari mu bibanza birimwo abantu benshi. Parkings zikwiye kuba zubakiye neza harimwo abazikoramwo. Leta irashobora gutanga isoko irondera umuntu yorusha abandi kwubaka neza ico kibanza akerekana ingene abakozi bogitunganya kimaze kwubakwa, kugira ngo n’ingenzi zigikunde, akerekana ingene yokwakira ivyuma vyinshi mu kibanza gito kurusha abo bahayanwa, maze agahabwa ikibanza muri centre ville agura. Ico kibanza kijamwo ivyuma vyose kirakenewe kuko mu bihe biza amabarabara agiye gusubirwamwo, hakaboneka aho ivyuma vy’imoteri bizoca, aho amakinga azoca, n’aho abagenda n’amaguru bazoca. Bikaboneka ko ama kinga azoba ari menshi mu muji atari mu buryo bw’ama tagisi velo, ariko ari amwe abantu biyunguruzako ubwabo nk’uko bimeze nko mu gihugu c’Ubuholandi. Ivyo bikwiye kugenda gutyo nyene mu ntara zose hakiri kare hatararinda kwubakwa ibizorinda gusamburwa.

31Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

1) Parkings zo musi y’amazu : Kubera imiji imwe imwe iriko irakura cane kandi mu gihe c’umugisha kiri imbere izonakura na gose ku buryo butokwiyumvirwa ubu, hari ibibanza bimwe bimwe, nka Centre ville i Bujumbura, ku bibanza vyegereye amasoko mu miji yose y’igihugu, ntihazongera kwubakwa amazu adafise ubushobozi bwo gushira parking musi y’inzu. Kuko noneho hari igitigiri c’ama nivo, nka 4, abubaka izo nzu batazoja musi. Bene izo mpusha zo kwubaka amazu atakwije ivyo, ntizari zikwiye gutangwa. Imiji nk’iya Gitega na Ngozi na Rumonge na Kayanza, niraboneka ko ivyo vyari bikwiye kwigwa kare batararinda kubaka inzu zizorinda gusamburwa.

2) Urutonde muri parking z’ama bisi: 3) Mu ma parkings z’ama bisi turasezereye inyifato z’aba dereva bagwanira aba kiriya bagatera

akajagari muri parking gushika aho vyorohereza abasuma. Ubu nta bakokayi bazongera kuvugwa kuko parkings zizoba zikozwe neza zifise ivyapa vyanditseko ivyo kumenyeshwa hamwe n’ama biro arimwo iradiyo isamiranira kure imenyeshesha mu ma mikoro ivyibwe, ivyatowe, abatakaye, imodoka zigenda n’izishitse, ku buryo imodoka zija hamwe zizotonda uko zakurikiranye hakagenda iyuzuye izindi ziri inyuma. Ivyo bizokinga ubusuma, akajagari muri parking, gutakara kw’abana n’ibintu, umutekano muke ku bakenyezi, abarwaye n’abana n’ingenzi. Ari imodoka zo hagati mu miji canke ziduga ruguru, aba dereva bazoza batondeka imodoka zabo uko zaje, uwujuje kare ari we agenda. Ivyo bizotuma ata guta umwanya mu gituro ca bisi, kwibwa n’ibindi. Bizotuma na ba nyene ama bisi badata umwanya bashwana mu gupakira, bubahane, bakoreshe umwanya neza biteze imbere. Polisi n’ubushikiranganji bujejwe amabarabara bakwiye, kuva uyu musi bakivyumva, gukoresha inguvu, n’ubwira, n’ubuhinga bwose bafise kugira ngo ivyo bije mu ngiro vuba. Polisi n’abanyagihugu babifisemwo inyungu kuko bizana umutekano mu bibanza.

4) Kubaka neza ama arrêt-bus, canke ibibanza ama bisi ahagararamwo hirya y’ibarabara ku mabarabara yose mu gihugu kugira bikafasha kurwanya irundarundana ry’abantu mu mabarabara cane cane mu muji wa Bujumbura, aho ama bisi yihagararira hagati mw’ibarabara bigatera uruhagarara gushika zihavuye.

5) Guhagarika burundu ibiturire mu mabarabara kuko ivyo birateje urubwa igihugu.

18. Isuku ku mabarabara no mu bibanza vy’abantu benshi : « Kuko Uhoraho Imana yanyu agendagenda hagati y’aho musagaje, kugira ngo abakize, agabure abansi banyu mu maboko yanyu ; ni co gituma aho musagaje hakwiye kuba ahantu hera, kugira ngo ntaze ababonemwo ikintu na kimwe giteye ishishi, akarora hirya akabata. »

a) Birakwiye gukoresha imifuko y’imicafu ku mabarabara no gukorera isuku ibibanza vy’abantu benshi vyoseMairie na Polisi barakwiye kwitaho gucunga ko ata muntu ata umucafu mu nzira (ama sashe, ibipapuro vyo kwimyiza, udukaruto tuvamwo indya, ibisigazwa vy’amatabi n’ibindi). Hakwiye gushingwa amategeko abereye n’abo vyega kugira isuku ryongerekane mu gisagara, hakisungwa ivyo polisi yokora, abigenga, abanyamitahe, abahinga, n’abandi bakitaho cane cane ivy’ama sashe akorwa canke yinjira, abakwiye kugura imifuko y’imicafu abo ari bo mu bibanza kanaka (Leta canke abigenga bivanye aho ari ho), ibihano ku birenzweko, uruhara rwa polisi muri ivyo vyose.

32Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

b) Gukora imiferege y’amabarabara makuru no kuyaharura : Birakwiye gushinga amategeko atomoye agenga ingene imivo yose yo ku mabarabara makuru no mu ma karitiye akurwamwo imicafu n’ingene iruhande yaho haharurwa kugira ngo akajagari kaboneka muri ico gikorwa uyu musi gahere. Leta y’ubu yari yarigoye ikora igikorwa kera kitakorwa co kuziburura imiferege. Uwokora iciza yogishitsa. Birateye isoni kubona kw’ibarabara rikuru ricamwo abashitsi b’iteka , route protocolaire, Boulevard du 28 Novembre, bimvye ivyondo n’imicafu myinshi cane mu miferege, uva kuri Ntahangwa uja mu Kamenge, bikahamara igihe kirenga umwaka, gushika aho ibibanza bimwe bimwe bimeramwo igisaka kinazibira na wa muferege, ivyo bintu bitananyegeje, Mairie ntibibone. Ivyo vyanabaye kw’ibarabara ridasanzwe ry’ingenzi, route touristique, Avenue du Large, bizwi ko ririko amahoteri, n’inyubakwa zigenderamwo ingenzi nyinshi. Ivyondo vyakuwe mu miferege ubu vyamezemwo amashamba mashasha ahahora kaburimbo, mbere mu bice bimwe vy’iryo barabara, ari ho hari hacubakwa n’infashanyo z’Ubuyapani, ari ibarabara ryo kuratwa, ubwo nyene rigahinduka umusaka, kubera kutitaho. Ivyo, kubera ko bifatanye n’umutekano w’igisagara, polisi irakwiye kuvyitaho, ikabaza ikibuze, abahanurwa bagahanurwa, n’abahanwa bagahanwa. Sosiyete ziziburura imiferege nimba ari zo zitwara imicafu hama zigahembwa na Mairie zitarayitwara uca ubona ko hari agahaze. Ivyo ni ivyo kurabirwa mu ruhande rw’ibiturire, n’ubusamazi, n’ibindi.

c) Isuku mu mabarabara yo mu ma karitiye : Mu ma karitiye birakwiye kwigwa, bivanye n’igihe igihugu kiba kigezemwo, ko kuzura imicafu mu miferege no guharura canke gukubura vyokorwa na Leta canke abigenga barihwa n’abanyagihugu. Nk’uko bimeze mu mabarabara makuru birababaje ingene igikorwa citwa ciza co kuzura imicafu mu miferege catumye amabarabara acika mabi cane kurusha uko yahora. Kuko vy’ukuri hako haza ishamba ku mabarabara hakaga, abihweza ibintu bamwe bavuga bati iyo micafu yopfuma yigumira mu miferege iyo yahora. Nko mu mabarabara makuru ho ntawotegera na mba ingene mu kaburimbo nziza yari inafise isuku hamezemwo ishamba. Polisi ikwiye gukorana n’abakuru b’ama karitiye, bakisigura ku mvo z’ibiba, hama hagafatwa ingingo zibereye.

d) Isuku mu bibanza vy’amasoko : nta kazi katabura ingorane, ariko aho nagendagendeye mu bihugu, naho ntabonye vyinshi cane, sindabona umwavu ushobora kuba hagati mu muji aho abantu babona ukahamara imisi irenga itatu. Ivyo bihora biba kw’isoko rikuru mu muji, naho mu ma karitiye nka Jabe ho, nta n’uworonka ico avuga. Ivyo bintu biteye ishishi, nk’uko ijambo ry’Imana riduhanuye, binagoye kumva kuko uburyo bwo kuriiha ama sosiyete abikora buva muri ya masoko nyene. Turetse ko canazira guta umwavu mwinshi ukagumaho amasaha ahantu ingenzi zica, ntivumvikana kutaronka imodoka ziguma zikora ivyo zitanaruhutse, kuko gutanga amahera yo kubikora ni vyo bituma ya mahera nyene yongerekana, bivanye n’uko isuku rihamagara aba kiriya n’ingenzi bazana amafaranga n’imitahe. Nta mpamvu n’imwe rero, n’aho igihugu coba kiri mu ngorane, ivyo cobishira imbere, kugira abanyamitahe n’ingenzi batuzanire amafaranga dukenye. Ukwo kutitaho rero kurakwiye guhanwa, bikava mu majambo. Ababijejwe nizera gose ko mu mazu yabo ho bahakora imisi yose.

Ndashaka kumenyesha abajejwe iyo mirimo n’Abarundi bose bifuza kujabuka ko, muri bene iyo micafu ari ho abadayimoni bururukira bagateza ibibazo abantu vyo mu buryo bwinshi. Mbega ko ijambo ritubwiye ko, ahari ibiteye ishishi, Imana yirabira hirya, aho Imana ikuye akarenge, Satani n’ingabo ziwe ntibaca bahasagaza ? Mbega nimba Imana iba ije kurinda ihanga ryiwe no kubaha

33Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

umugisha, turinde kuvuga ivyo Satani, n’abadayimoni biwe bakorera abo basanze hagati muri ivyo birundo vy’imicafu ? Yohani asanzwe yaravugishijwe ko igikorwa ciwe ari kwica no gusambura, no konona : ntibitangaje kumva ko yoturira isoko, ko abantu bibwa kubera impwemu mbi ziri aho, ko abantu batukana bakaba bonaziburana imbugita, ko abantu babeshana, n’uko biziba amatwi umuvugishwa w’Imana ahaciye kubaburira, n’ibindi. Ivyo si inkuru. Ni ijambo ry’Imana.

Ariko tunagiye mu vyo muca mwumva kurusha ibindi, hari kolera, imibu itera malaria, ibitera diarrhee vyinjira mu vyamwa, n’ishishi ubwaryo. Abantu bakwiye kugubwa neza kugira bakore imirimo yabo, n’abantu bifuze gusubira kuhaca. Nico gituma ibitera imicafu myinshi kurusha ibindi bikwiye gufatirwa ingingo zibereye na Komite y’isuku mu gisagara, itariho ikahaba, mbere n’ama komite y’isuku mu ma karitiye bikenewe akahaba. Ariko cane cane, ababijejwe bakwiye gukora igikorwa cabo. OBR irihisha ama tagisi n’amakori imisi yose, ntivyumvikana habe na mba ingene ata muntu ajejwe gucungera ngo abadandaza ntibaze gutonorera ibiharage mw’isoko, gususuriraho imisoma, n’amarengarenga n’ibindi bagataho, mu muji mukuru w’igihugu ugenderwa n’aba diplomates, gushika n’aho ingenzi zohashoreye ibintu kanaka zigatanga amahera y’agaciro, zifata ingingo zo kutahaca na rimwe ngo ntihabatere ingwara. Ivyo birakwiye huhagarara uyu musi kuko ntakibuze na kimwe.

19. Gutunganya neza urudandaza mw’isoko rya Bujumbura no mu masoko makuru makuru :

Haheze igihe, bivanye n’ikiza cateye isoko nkuru ya Bujumbura igasha, hari akajagari mu badandaza ibidandazwa bito bito. Ni ko isoko yugaye, inda zo ntizugara, ariko ntivyumvikana na gato ko Leta ireka abantu bakaza kugira akajagari kangana ukuraho mu kureka umuntu wese afise imyembe 15, imboga za 3000 Fbu, imihwi itokuzura urutaro, umwumwe wese ngo aronke ikibanza gushika aho abagurisha basumba abagura, hakaba uruhagarara. Kandi biragaragara ko abantu babonye ako kajagari, n’uwamuye ama voka icumi aca ayakubita ku mutwe kurondera ikibanza hagati y’ama bisi, kuko biboneka neza ko abantu baza kudandaza ubu, isoko rikiriho nta n’igice cabo cariho. Bisigura ko babonye akajagari kariho, babona ingene uyu musi polisi ihabwa amategeko kanaka ejo kumbure bagahabwa ayandi, kuko batakora bimwe imisi yose, n’abatari bafise ibibanza nabone baca baramanuka. Uyu musi abantu baratura imifuko yabo ku gituro c’ama bisi hagati muri yo ku mutaga ata camira ukamengo ni ibisanzwe. Birashoboka ko Polisi yoba yaraburabujwe mu buryo butandukanye, ariko bihangane, bagire ico bahinduye.

Vyari bikwiriye koko ko uwifuje kudandaza aronka ikibanza, ariko kwitaho ko uwuzanye ibintu mw’isorori aronka ikibanza n’uzanye imboga mu kwaha, n’ibitunguru mw’isashe, bose ngo baronke aho bandira mw’isoko nkuru, ntivyumvikana na gato. Kubareka ntibiva ku rukundo na mba, ahubwo bishobora kuva kuko ubazeyemwo amajwi mu matora, ariko ivyo ntivyofasha igihugu. Uwobakunda yobafasha mu kwegeraniriza ivyabo mu minwe y’abantu bake, abo bagaca barondererwa ibibanza vyubatse neza, abadandariza hagati mu mabarabara bagatera uruhagarara igisagara cose, n’abagendana ibintu mu kwaha abo bakigirwayo. Polisi ibifitiye uburyo n’ubuhinga bwo kubikora neza kandi ningoga. Ibishoboka n’ubu nyene birakwiye gukorwa, imvura nyinshi itararinda kugwa. Kuko uko dushira ibintu vyinshi mu buryo ni ko natwe tugenda turabwa ryiza n’Imana tukarindwa. Izo si inkuru. None mwibaza ko Imana iduhora iki ? Erega ni ivyo vyose.

34Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Izo ntonde zibayeho, abantu bagakorera mu ma koperatives akoresha isuku ryinshi akagurisha ibiri mu dufuko, haboneka ingenzi, n’abanyamitahe, n’umutekano mu gisagara, impanuka zikagabanuka, igihugu kikagenderwa, ababeshejweho n’ibiturire vyo muri ako kajagari bagakira, ivyaha bitandukanye bikahava, impwemu mbi zururukira muri ako kavuyo, no mu micafu zigahunga, maze inkota ku gihugu ikatuba kure. Uko ni ko Imana ikora, bagenzi. Kora ivyiza mukire igitsure c’Uhoraho. Akajagari ni ihema ry’abadayimoni. Ninde yovuga ko ntavuze ukuri? Ko Imana ikunze ko nandika bino, mu mwanya wo gukora ibindi vyombeshaho, ntimubifate ko ari bito. Umwe wese yikiranure n’Uhoraho aho aherereye, tujabuke, bagenzi. Reka gukamisha akajagari, bagenzi, twambuke, imbere ni heza.

20. Gukingira ibiti n’amashurwe bitewe ku mabarabara : Leta ikoresha amafaranga menshi cane mu gutera amashurwe n’ibiti, ariko ntihagire ico ikora mu kubikingira. Umengo biremwe kwicira mu mashurwe ari kw’ibarabara ata nkomanzi. Birateye n’ubwoba n’ukubona umuntu yize yitambukiramwo neza muvyakoreshejwe ikori ryiwe. Gusubirishamwo amashurwe incuro nka kane, abatanga amafaranga ntihagire ingingo bafata kandi igihugu gifise polisi, abenegihugu biyononera ivyabo vyobubakiye ayandi mashure n’ibitaro, ntihagire ico binona, birababaje. Igihugu nk’ico biba bigoye ko gitera imbere n’aho coba gifise ibitayega, kuko gutera imbere ni mu mutwe ubwa mbere. Hindure ingendo rero, bene Data, Barundi.

21. Uko dukwiye kwirinda mu bibanza birimwo abantu benshi : Kutanywera itabi mu bibanza vy ‘abantu benshi, kwihagarika aho ubonye, umuntu gushika n’aho yihagarika hagati muri ville polisi ibona biteye agahinda. Ntivyoroshe gutegera ingene, ku mutaga riva, umwana agirira kaka hagati mw’ibarabara rija kuri katedrale Regina Mundi, abandi benshi, bakihagarika kuri sentare imbere ya kiosque BRARUDI, gushika hakabora, huzuye aba polisi, kandi ari ikibanza cuzuyemwo ingenzi. Ibintu nk’ivyo bikwiye gutorerwa umuti no guhanwa. Kimwe mu vyokorwa ni gukwiragiza hose mu bibanza vy’abantu benshi ama WC ivy’isuku yazo bikigwa neza n’ababijejwe. Ivyo ari vyo vyose Mairie ikwiye kwitaho ivyo mu muji w’i Bujumbura, no mu ntara bikigwa.

22. Kubaka inzitiro z’ingogo zerekana amazu nk’amabohero bikwiye guhera, kuko mu gihe kiza, Uburundi buri mu mugisha, icatuma abantu baduza bene ayo ma clôtures, canke izo nzitiro, kizoba caheze. Abantu bazoba bakwiye kubaka uruzitiro rw’ivyuma rwerekana ubwiza bw’inyubakwa iri imbere nk’uku n’ubu biri ku mazu amwe amwe mu muji.

23. Ubutunzi bw’igihugu : Birakwiye ko abaganza n’abasenzi dusengera ubutunzi bw’igihugu kugira impwemu mbi ziburyamyeko zihunge. Abasenzi musengere inzuzi n’ibiyaga vyose, nk’uko maze kubivuga, amashamba n’ibiti n’indimiro, ubutare na peteroli biboneka ko bigiye guteza imbere Uburundi, n’ibindi, uko murongorwa. Ariko ivyo mvuze biboneka bizungurutswe cane n’umurwanizi kugira ntihagire ico twimarira, ariko tuzonesha, turi kumwe n’uwadusezeraniye.

35Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

IV. INYIFATO IKWIYE KURANGA ABARUNDI MURI IISIRAYELI YA KABIRI « Kuko muri ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu ; kandi Uhoraho Imana yanyu yabatoranije mu mahanga yose yo mw’isi ngo mube ihanga yiharije » (Gus.7 :6) … « mugende uko bibereye ihamagarwa mwahamagawe, mwiyoroheje rwose, mufise ubugwaneza, mwihangana, mubabariranira muri mu rukundo, mushishikaye kuzigamisha ubumwe buva kuri Mpwemu umugozi w’amahoro » (Efeso 4 :1-3)

Kugira ngo Abarundi n’abandi bose bazoba babubamwo bogorore hari inyifato bakwiye kuvavanura nazo uhereye uyu musi bakivyumva. Kubikora uyu musi atari ejo bituma haba no kurindwa kubiriko biraza. Ya mafarasi ndiko ndabona mu kirere mu buryo bw’impwemu, ntakuzurire amaso bikabije. Bimwe mu vyo dukwiye gukora ni ibi :

9. Uburyo Uburundi bukorana n’amakungu :

Mu mburi ya mbere narabandikiye ingene Imana yambwiye uko Abarundi bashaka kubaza ibintu vyose amahanga, amahera n’ay’ivyo bokwikorera bakayasaba amakungu. Imana kuri ibi ntibashima. Yampaye akarorero ku matora. Imana rero ntiyanka ko dukorana ibibereye n’abandi ariko imigenzo yo kwisuzuguza no gusabiriza ntiyemera. Si ivyo gusa noneho, kuko mu mugisha Uburundi bugiye kwinjiramwo, ni uwukomeye kurusha aho, kuko igihugu cacu ari co kizofasha ibindi bihugu muri vyinshi. Kizokwiza ubutumwa bwiza, gitature amatati congere gitange n’ibifashisho vy’amafaranga bigaragara. Ntituzoba tugisaba, bazodusaba.

10. Gusambura ibigirwamana : « Uhoraho Imana yanyu ni yamara kubashikana mu gihugu mugiye kwegukira, agasohora amahanga menshi ngo ababise, ….muze musangangure ibicaniro vyabo, mumenagure amabuye bashinze, mutemagure inkingi bashingiye Ashera, muturire ibishushanyo vyabo bibajwe. » Gus.7 :5« Mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata, izina ryiwe ribe ari ryo

murahira » Gus.11 :20

Ng’iki igikorwa Abarundi bajabutse bahamagariwe gukora kizotuma abanyepolitiki batari bake n’abandi Barundi bamogoreye mu macakubiri no gusenga ibigirwamana bazokomerekeramwo ni baba batarizera. Ariko nta kundi, kugira ngo abadayimoni bahunge igihugu, kugira ngo Umwami w’ubwiza yime, abandi bami bategerezwa guhunga. Nta nkuba zibiri zibana mu gicu kimwe. Umutima wanje warahawe kumenya yuko, kugira ngo Imana ihezagire indimiro zacu zimere imyuga yose, n’amazi kugira ngo atange amafi menshi, abarovyi batarinze gutanga uduhanga tw’abana babo, n’ibindi, ni ngombwa ntihongere kuboneka ahantu na hamwe muri kino gihugu haboneka imva n’imwe yubakirwa ngo baze barayunamira. Yoba iya Rwagasore, Ndadaye n’abo bakorana, Manirumva Ernest, Ruhuna n’abandi bagize ibigirwamana bahambwe mu ngo no mu masengero. Ijambo ry’Imana rivuga ko ata yindi yo gushimwa, no kwambazwa, ntiryotwemerera kunamira ibiziga vy’abantu bapfuye, naho boba bari bajejwe iki. Ni co gituma, ivyibutso canke monuments bihurikiramwo abantu baje guhimbaza ibindi Atari Imana Data Rugiravyose, bikwiye gusamburwa vuba mu mitima y’Abarundi no mu bibanza vyubakiyemwo. Kuko ni ibigirwamana. Icibutso ca Mose ko yacanse bikayitera kumwiyicira no kumwifubira, mbega ikunze ica Papa, Perezida, Manirumva, umuganwa Rudoviko n’abandi mwemera ? Nanje abo ndabakunda kandi ndabubaha. Ariko ijambo ry’Imana riri hejuru yabo. Uturorero tw’ivyo gusambura :

36Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Sancturaire marial yo mu Gikungu kuri Mont Sion: Abantu bakoranirayo bagiye guhimbaza Mariya nyina wa Yesu haguhimbaza Yesu yamuremye !! Bagahimbaza umuntu yapfuye barangamije amaso ku kibumbano ngo « gihezagiye». Bishoboka ko kuri bamwe, abana, abakehabwenge, n’abandi bakomeye bavyizera uko boba bibaza ko Mariya, canke Bikira Mariya nk’uko abibaza ko atamenye umugabo bamwita (ariko si vyo) yoba ari muri ico gishushanyo ; Icibutso c’ubumwe i Kiriri : Mu gukorera ibimenyetso imbere y’ico gishushanyo, abantu baba bizeye y’uko ubumwe bw’Abarundi, nimba buriho tubukesha ibikorwa vy’agakura vyabaye mu kiringo kanaka, bakabikorera ico cibutso. Ariko cane cane, ku rwenge, baba bibuka ababikoze, naho nyene, Imana ishatse guhishura ivyiyumviro binyegeje vyari muri bamwe bamwe bari muri uyo mugambi, benshi mu bunamira kirya gishusho bagiha n’amashurwe kitakira, boca bihana barira. Kubera ivyo musanzwe muzi namwe bitoborohera kuvugira hejuru, ni mundeke nanje sinirirwe ndavuga ivy’ukuraguza n’ukguterekera Imana ihishura muri bamwe muri bo vyoba binafatanye n’umugambi wo gukora birya vyibutso mwunamira mutazi ivyo mwunamira ivyo ari vyo. Imana idufashe cane. Bamwe ndazi ko bavyunamira ku gutinya igitsure, ariko harageze ko umuntu wese agumya neza ico yakiriye, agahagararira kandi akatura ivyizigiro bizima.

Mbega iyaba birya bikorwa, n’ababikoze bo n’ibishushanyo vyabo vyarimwo ubumwe, bobaye bariko barangazanya, batoraniye ibibando? Mbega umuntu ntiyokwiswe umuntu, ugira ngo tworinze kuba abahutu n’abatutsi n’abatwa, na Fifty Fifty, na 40%, na fosses communes, canke ibinogo vyimbirwa benshi, n’uduhanga mu nzuzi, n’ibindi ntomenya? Ugira ngo ubu twobaye dufise ama karitiye ayoboka ubutegetsi, n’ayandi yitwa ngo “amakaritiye amwe amwe”? Ariko ntibitangaje cane kuko ni ubumwe bwo mu cibutso. Intumwa Paulo we, yandikira Abanyefeso (Ef.4 :3) abakangurira kugira ubumwe bukomoka kuri Mpwemu w’Imana. Bene ubwo bumwe ntawobubumba canke ngo abucape abushobore, kiretse afise ikaramu yandika imisi yose mu mutima wiwe ngo: ihebere mugenzawe, ukunde umwansi, uharire gushika ku ncuro y’indwi. Erega ivyo Paulo yabivuze kuko azi ko hari ubumwe bukomoka ku zindi mpwemu, kandi na bwo nyene buza bwita ubumwe. Ariko nk’uko twagiye turabibona mu bihugu vyinshi, harimwo Uburundi, bene ubwo bumwe buciye mu madiri ya politike n’irementanya ry’ivyo bita demokarasi bitarazana amahoro mu gihugu na kimwe co kw’isi kiretse ukwiganza n’agashinyaguro abafise ibitugu bagira ku bandi, bubonekanamwo umuhoro mu mahoro, abakeba bakabwirana bati amahwe bahonyoreye ku mahwa.

Mbega ko hari Imana imwe kandi ari yo itanga amahoro, iyo uburongozi butayifise « mu kuri », ariko bukagira abapfumu n’ibigirwamana vyubakiwe mu tuzu tutamenyekana canke ibigirwamana vy’ibikoko bigaburirwa (inyoni n’ivyikwega n’ibijwigira,…), bikarindwa ngo bibahe kurara no kuramba, bwotanga amahoro n’ubumwe bivuye he ? Harageze ko dukanguka. Jeho navukiye kuvuga ibi hama nipfire nsange uwo nkorera. Mweho kuko mwabaye abahinga muravuga muti : Vuga make, wa mugabo turi mw’isi. Ni vyo turi mw’isi, ariko tugenda nk’abaja mw’ijuru. Icibutso ca Ndadaye, n’incungu za demokarasi: Musome imburi za mbere munasenge mumenye demokarasi ico Imana iyita. Uhoraho yavuze kera ati: Abantu banje bishwe no kutamenya. Mwomenya iyo demokarasi yazananye, mwokwisuka mu maraso ya Kristo ngo aboze ata kagobero. Mbere abavuganye na ya mana iriko irimika ba Beyonce, ari nabo batuzaniye demokarasi, bagira banuzuze umugambi wabo babatere ka kamenyetso ka 666 kugira ngo “baborohereze” ubuzima, ntimwongere kugendana amakarata menshi mu ngodo no mw’isakoshe. Muze mukurikiranwa aho

37Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

mugeze hose. Ivyo se ntivyorohereza umuntu nka demokarasi? Ntaco mvuze. Bibiriya ivuga muri Danieli ngo: Abazi ubwenge bazobimenya. Icibutso ca Rwagasore: Uyo ni icibutso c’ukwikukira. Sinshaka kubaza ko Uburundi vy’ukuri bwikukiye tuzi ivyo kuraguza no kwica no kwiba vyakoze mu ntwaro zabwo, kuko mweho munyumva mufise izindi nsiguro zo kwikukira. Ariko jeho, buca ari umusi mukuru wa “indepandansi”, Imana yambwiye ko umuntu yikukiye ari uwusigaye arongorwa na Mpwemu, atakirongorwa n’abadayimoni. Kumbure rero mweho murazi ko Uburundi bwikukiye. Abagiye barabisikanya n’ababafashije barabizi kuturusha. Hari ico ntakekeranyako, ni uko, umwe yabwira Abisirayeli ati: Ni je Mwami wanyu, nta wundi mwami muzogira, nzobaragira amaja n’amaza, nabo bakagwa bashinye bati duhe umwami wacu wo muri twebwe nyene, uyo ni we wenyene ashobora guha igihugu kuba cikukiye. Nayo ibindi vyose …nobisiguye ariko muramaze kwibonera ikirimwo namwe. Ivyibutso vy’ubwicanyi bw’ikivunga canke génocide: ni ivyibutso vyubakiye ku macakubiri kurusha urukundi canke umutima wo kuvavanura n’ikibi. Nico gituma bashiraho ivyibutso vyo « kwibuka » nk’aho umengo abaguma bavyibuka buzuye urukundo n’amahoro kurusha abandi. Sinabikurikiranye neza, ariko, sinzi ko uwokwihweza neza imitima y’abagize umugambi wo kwubaka icibutso c’abahutu biciwe Kanyonaga na Kagoma i Taba mu ntara ya Gitega, n’abari inyuma y’umugambi wo kwubakira abatutsi bapfiriye mu Kibimba yosanga aribo ntwari n’abanyakigongwe bo muri kino gihugu c’Uburundi. Nfise ubwoba ko twosanga ari igihushanye. Icompa nkaba nihenze ; Icibutso ca Papa Yohani Paulo wa kabiri kiri mu Mutanga Nord. Uyo, yaramaze gupfa, yemwe! Ivy’uko yoba ari mw’ijuru canke mu muriro, tubirekere Imana, naho twisunze ijambo ry’Imana ico kwifatikiza kitabuze. Ariko kugira ntidusange Abarundi bahaca n’abahaba batariko baraterekererwa umuzimu w’urya mugabo yigendeye, ndabahanuye ku neza y’Abarundi bose, kimenagurwe vuba bwango; impwemu zikorana na bene iyo mizimu, abanyempwemu murazi ico zikora cane cane ico zikorana n’abazishizeko imitima mw’ijoro. Nihuse kunuma kugira humvikane vyinshi kurusha; Ivyibutso ivyo ari vyo vyose vy’abantu bitwa abadasanzwe vyo mu buryo bw’amafoto, y’abariho n’abatariho, bambara ku mahuzu berekana ivyiyumviro vyabo, ndabahanuye, ni ibigirwamana gusa. Vyokwitwa ivy’abakuru b’imigambwe canke abapfuye. Ni muze tujabuke; Utunyabugoro two mu kirundi n’ibindi bibanza vyihishije. Hari ibibanza vy’inkino bimwe bimwe numva Imana ishaka gufukura ivyavyo, ubupfumu bwabo bw’ikirundi n’ubwo mu buryo bwa Franc-maçonnerie bukamenyekana; Amahoteri y’ubumaraya dusanga hagati muri karitiye; Ibimenyetso vya Satani abantu babitse mu mazu n’ivyo bagendana vyo mu buryo bwinshi: amashapule, imidari iyo ari yo yose, yoba iy’udushimwe dutangwa mu nkino n’iyindi yose, udukingirizo ari two capotes mu gifaransa, ibimenyetso vy’amashirahamwe amwe amwe bimaze kumenyekana ko ateye amakenga, ibimenyetso vy’imigambwe, ama tatouges, n’ukuvuga bimwe bandika canke bacapa ku mubiri bidafutika, vya bimenyetso vy’ibikankara vy’aba illuminati bisigaye biri ku mbpuzu nka zose, ibimenyetso vy’amadini, ibimenyetso vy’aba satanistes bihishije mu rwenge nka bimwe vya dessin animé, berekana umuntu ari igikoko mu bitabo na tereviziyo, urongora abandi akerekanwa nk’inyamaswa (kuko ivyo birimwo ibanga ryavyo ritarinda gusigurwa), n’ama logos canke ibimenyetso biteye amakenga. Amahereni n’ibisuko (umugara wa Satani), biri muri urwo rutonde.

38Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Erega impwemu yategetse ko wambara ikiranga ubugarariji, niho iba iri, aho nyene wibaza ko hari igicapo gusa. Noba kumbure ndengeje urugero mu kubwira abanyamubiri ko abari mu mpwemu ivyo bikankara n’imizimu bavyeretswe vyitambukira. Ivyo ndabinumye sindenze urugero. Ico nzi co nawe utokekeranya ko ni uko uwo ukorera publicité, mukumwerekana, ubishaka canke utabishaka, ubishize ko umutima canke ubigira utabizi, we kuko aba agiriwe neza nawe, ntabuze ico azoguhemba. Ico irya mana y’epfo ihemba naco kirazwi. Ibinunusi canke poupees mu gifaransa: Muzi ko ipampa bikozwemwo gusa ariko benshi numvise bamaze guhishurirwa ingene mw’ijoro babibonye vyitambukira binabatera. Sinshimye kubagoza intahe nyinshi n’amayerekwa menshi. Senga ntutsitare. Imana izokwemeza ibanga riri mu kuryama mu binunusi vyinshi warabuze akana na kamwe, hamwe n’iryo kurindwa no guhozwa n’imbwa z’ibinunusi hakumvira amahoro mu maboko y’umuvyeyi. “Abazi ubwenge bazobimenya”.

Bene Data, ivyo, n’ibindi vyose muhishurirwa musenga, muvyirinde, ni ko Uhoraho yanyongoreye, kuko abizera hari ikimenyetso twaronse, ni kmwe. Yesu yasize avuze ati: Sinzobasiga mwenyene, nzobarungikira umwitsa. Erega igihe babwirwa gutyo, bariko biburanya mu mitima bibaza bati : Mbega none ko bahora batwubaha, kumbure bakanadutinya kubera batinya Yesu ari muri twebwe, akora ibitanga bihambaye kandi yadutoranije, none agiye, tuzoba tubaye abande? Ikizosigara kirerekana ko turi abiwe ni igiki? Abanyamubiri batari bwuzure mpwemu, ntiboreka kuba baribajije ivyo, noneho rero baranerekanye ubwoba na cane kuko Petero yumvise ko agiye kubambwa yaramubwiye ati: Ntibikabe, Mwami wanje. Nawe ati: Mva inyuma Satani. Yesu yaciye abemerera ikizobaranga ko ari abiwe, kikabarinda, kikanabakoresha. Ntabwo yabasigaranye amakanzu ashonye ukuntu kanaka, nk’uko abo bigoye kwemera ubutumwa ngo barondere umwambaro w’imbere babikora. Dawidi we yavuze mw’i Zaburi 96:10 ati: “Musenge Uhoraho mwubashe,

mushazishije ukwera: Yemwe abari mw’isi mwese, muhindire agashitsi imbere yiwe”.

Yesu ntiyashimye gusigira abakuru b’abandi akantu k’igitangaza babohesha mw’izosi k’aga stola, ntiyabasigaranye n’umusaraba w’igiti canke w’izahabu bambara canke biremeka, oya, ubwo ni ubufarisayo, ntiyabasigaranye n’ibimenyetso bambara bindi nk’amashapule n’imidari n’utundi bambara kun toke mu gusenga nka tumwe aba Katorika basangiye n’aba Isilamu, bakagakoresha, bamwe bahamagara Mariya nyina wa Yezu, abandi Allah, ya mana itatutmye Mpwemu mw’ishengero, imwe itazi Yesu nk’umucunguzi. Yesu ntiyasize ibirabishwa n’amaso y’umubiri babaza, babumba canke bacura. Ntiyasize ivyo bagura mu ma butike no mu masoko no mu ma alimantasiyo. Eka. Kuko ivyo ni ibibora, ni ibitakara, ni ibimeneka, n’ibisaza, ni ibipfa, mbere ni ivyica. Yasize ikizima, gikiza, kidatakara, kidatangirwa mu kaguriro, kiva mu kwihana ivyaha, kubatizwa mu mazi menshi, no mu kuba mw’ijambo ry’Imana rivuaga urukundo, ni Mpwemu w’Imana, Mutima Mweranda, umwitsa. Amen.

Ico ni co kimenyetso co nyene c’abera. Ibindi vyose, turetse ko bihumanye kuko vyerekana ic’impwemu atari impwemu y’Imana Nzima, ni ivy’ubgibone, bigereranijwe na bimwe Yesu yivugira muri Mat.23:5 “Ariko ibikorwa vyabo vyose, babikora kugira ngo barabwe n’abantu, kuko amambe yabo yanditsweko

amajambo y’Imana, bayagira manini, ubuyonga bw’impuzu zabo bakabwongereza”. Impwemu z’ubwo bwibone ni zo mpwemu zibwiriza abantu kurondera ibimenyetso bigaragara ngo bamenyekane. Izo ni zo zisunikira kubaka ku ma dini n’ama minisiteri ama pancartes ariko amajambo y’agahebuza, n’imisaraba ku mpome, n’iminara idasanzwe, n’ama foto y’aba fondateurs, ba Representants, aba

39Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

stars babo baririmba, ibishushanyo, n’ibindi. Ivyo ni vyo bikwiye kuberekana kuko icoberekanye Yesu yavuze batakigira ngo kiberekane. Kuko ico cerekanwa mu vyama vya Mpwemu dusoma muri Gal.5:16-26, nabo ibikorwa vyabo bikaba bigwanya ivyo kuko ari ivy’akameremere.

Bene Data ndazi ko vyinshi muri ivyo bimenyetso vya Satani bibateye ubwoba kuko ataco mwavyibazako. Ariko ni kubwo guhishurirwa no gucira bugufi ijambo ry’Imana mbandikiye ivyo. Nabarinze vyinshi kugira nce make, kuko ibi vy’ibimenyetso novyandikako igitabo cose, maze ntimwongere kugira ikibazo mubaza, ariko humura Mpwemu ni we wo kubasigurira, mwirinze impari no guca imanza, mugasenga. None Daniyeli, ntiyanditse kera ati abazi ubwenge bazobimenya? Kandi Bwenge ni Kristo. Kandi iyo mbandikira ivyo muzi gusa, nta kamaro ko kurinda kuvyandika kari kubaho. Salomo yahanuye mu migani ati: Mukunde kwigishwa. None mu gihe kiza, abanse kwambura impuzu ziriko ibikankara vy’aba satanitses, ngo n’uko zabazimvye, n’amakofero ariko ibimenyetso vy’aba Nazi, n’ama foto y’abariho n’abapfuye bari abagwanyi canke abapfumu bemera cane bakemera ko imizimo iri inyuma y’iyo mikorere ibakoresha mu buryo batazi, vuba cane ntibagiye kwambara ibimenyetso vy’imana zatumwe na kuzimu, nka Beyonce, Migurumiko, na bamwe biyita Nyenubweranda, maze imana yabatumye kwishira hejuru igaca ibagira abaja bayo? Jeho ndazi ko ibi mvuga nzobizira, n’umwami wanje yarabimbwiye, ariko nzoba nzize ikiri ukuri, kandi ico gihe, nk’uko ijambo ry’Imana ribivuga, nzomenya iyo nzoba ngiye.

Ariko weho uzize kwamamaza umuzimu w’umukuru w’umugambwe, umuzimu w’umwicanyi, imizimu ya ba Kackson na ba Bob Marley bahinduye imibiri yabo mu rwego rwo hejuru bakigisha urwaruka kunywa urumogi kugira rukore ivyo batokubahuka gukora nk’ubusambanyi n’ubwicanyi, iherezo ryawe rizoba irihe? Ko mbona isi ubu nyene ihejeje kwakira ca kimenyetso 666 mu kuboko no mu bihindi bihande cavugwa mu vyahishuriwe Yohani 13, kumbura urwane iyi ngwano y’ukuri wemere guhamwa nkanje, kuko abahamwa uko vyagezwe, badahowe ivyaha vyabo, bazohabwa igitsibo c’ubwiza (Yakobo 1:12-18). Nuko rero abemeye gutururuza ivyo bihangange vyigize abami n’imana mw’isi mu buryo bwose muremeshwe n’aya majambo naraye mpawe na Mpwemu w’Imana:

“14 Yamara naho mwobabazwa, muhowe ukugororoka, mwoba muhiriwe. Ntimuze mutinye ivyo babakangisha, ntimuhagarike imitima, 15 ariko mwubahe Kristo mu mitima yanyu ko ari we Mwami, muhore mwiteguye kwishura umuntu wese ababajije inyanduruko y’ivyizigiri biri muri mwebwe, ariko muri n’ubugwaneza, mutinya, 16

mufise imitima itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu zo muri Kristo bamaramare. 17Ivyoba vyiza, n’uko mwobabazwa, muhowe gukora ivyiza, ari co Imana igomvye, hako muhorwa gukora ibibi. 18 Kuko na Kristo yababajwe rimwe ahorwa ivyaha, umugororotsi yababarijwe abagabitanya, kugira ngo adushikirize Imana; yishwe umubiri, ariko yahinduwe muzima mu buryo

bw’impwemu”. 1 Pet.3:13-18. Amen.

Ivyo ntokwirirwa ndavuga n’amashengero ya Satani yo mu kinyegero, kuko bene ayo agereranijwe n’ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi: ayo yo azosha canke atwarwe n’ibihuhusi. Numva ibibanza bimwe nka Karitiye Aziatike, Buyenzi n’ama catedrale yahambwemwo abasenyeri atazokoroherwa. Amagume agitangura nahawe gusengera Karitiye Aziatike ndayizunguruka, haheze amezi menshi ndahumvako inkuru yo mu buryo bw’impwemu ntovugira aha. Ariko ndabahanuye, abanyamareba bo mu madini baho bihane vuba, kuko boshobora kujana n’ivyabo vyavuye mu kugabitanya. Kuzimu kuzosubirana ivyakwo. Si bob bonyene, n’abandi bose babivye umuyaga bazokwimbura agashururwe, aho bari aho ari ho hose, ivyo bajejwe ivyo ari vyo vyose. Bihutire

40Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

kwihana gusa bareke amadiri yo mu madini yo kurara bararoga abakristo ngo bariko barasenga, Imana ntihendwa. Igira yirwanire yo yonyene. Abasenga Allah bose bihutire kwihana no kwakira Yesu nk’Umwami n’Umukiza, binjire mu bwato. Mbateye akamo numvira Mpwemu w’Imana igira ice izigororotse vuba. Ko nanje nubahutse kuvuga ibi abasenyeri batavuga, reka gutinya ibitsure vy’abinjiye i bwina mw’ibanga ryo kubaroga. Yesu araje.

Ivyo vyibutso vyose ni ibigirwamana gusa, kuko mu gishingo co kunamurira amaso Imana yaremye vyose, yica igakiza, wunamurira amaso umuntu yapfuye, n’ukuvuga umuzimu wiwe, ukamuhamagara uhamagaye umuzimu, ukaramutsa umuzimu, bamwe baranamuririra, ukamushimira kuvyo yakoze mu gishingo co gushimira Imana, ukamuhimbaza mu gishingo co guhimbaza iyamuremye n’iyamukoresheje ivyo ushima.

Biranatangaza n’ingene abakozi b’Imana usanga bahenzwe bakunamira imizimu basubiramwo ibimenyetso abapagani b’abanyepolitike bakoze !! Ivyo ni vyo bituma vyagiye bidukwegera indyane mu gihugu bakabisuka ku banyepolitike b’abapagani. Ariko ivyo kumbure ntibitangaje cane kuko kenshi na kenshi bikorwa na bamwe biyise amazina y’Imana tumaze kuvuga. Iyo mizimu na bagenzi bayo ni bo baca barara baragutemberera mw’ijoro ukarara uri mu ntambara kanaka ukavyita ibisanzwe ngo ni indoto. Nanje narasomye bimwe bimwe vyo muri psychanalyse na filosofiya, ariko nagiye gutegera ivy’indoto nkijijwe.

Ninde muhinga atagira Mpwemu w’Imana yonsigurira ingene kuva nkijijwe ntakirota ibisigo binyirukako, nkoroka ntashika, ndara nfumbatiriye ibifaranga vyinshi bwaca nkabibura, ndara ndanigana n’inzoka n’ibindi, ariko ndara ndumva ico nkwiye kubwira kanaka, ivyo nkwiye kwisengerako, imirongo ya bibiriya nkwiye gusoma n’ibindi nk’ivyo ? Ntibigarukira aho gusa. Ku rwego rw’igihugu, iyo iyo abserukira ihanga ryose, mu rwego rw’intwaro no mu rwego rw’abakozi b’Imana bose bumvikanye kunamirira icarimwe no guha icubahiro umuzimu wa Rwagasore, hama bakabikorera Ndadaye, bagashirako Ntaryamira, abandi bashirira amashurwe umuzimu wa Nshimirimana Dorufu mu mayirabiri bakambara n’ibimenyetso vyiwe, ivyo birangiye bakagira rimwe ku musi w’izuba (sunday) gukomera amashi igishusho ca Bikiramariya i Gikungu canke ahandi, n’ibindi bikurikira bibera mu kinyegero n’abasangiye amabanga amwe amwe atavugirwa hejuru, mbega mumaze guha icubahiro Satani muri urwo rwego, mwibaza ko Imana iba ireze amaboko? Ariko Dawidi avugishwa mw’izaburi ati : Ivyo urabikora nanje ngahora ukibaza ko mpwanye nawe. Ariko nzobitondesha imbere yawe uko bingana…

Ariko rero igihora kintwenza no ku bakozi b’Imana, ni uko, iyo gasopanye, Uhoraho asohoye burende n’imipanga ngo yimare ishavu, baba bazi ivyo bakoze n’ico ijambo ry’Imana rivuga kw’ihanga rizokimagiza ibigirwamana mu nyonga zayo, ingene Uhoraho azorirekuriramwo inkota, ariko bagatonda umurongo gusuzumira ivyabaye Arusha na Kampala na Addis na Cape Town, ibiba vyabaye kandi bibari hafi muri bibiriya Yera!! Iyumvire namwe:

“1 (...) 3 (...) Uku niko Uhoraho agize, ati Ewe wa gisagara kivishiriza amaraso hagati muri co, kugira ngo igihe caco gishike, kikironderera ibigirwamana ngo ciyanduze! 4 Wikwegeye gucirwako iteka kubg’amaraso wavishije, kandi wiyandurishije ibigirwamana wirondereye; ni wewe wateye ko igihe

41Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

cawe kigushikako, mbere ushitse ku ntozo y’imyaka yawe: kubg’ivyo nguhinduye igitutsi mumahanga, n’agatwengo mubihugu vyose. (...) 14 Mbega umutima wawe uzoshobora kwihangana, canke amaboko yawe azokomera, mumisi nzobikubaza? Ni jewe Uhoraho mbivuze kandi nzobikora. 15 Nzogushwiragiriza mumahanga, ngusabagirize mubihugu; kandi nzokumaramwo ubuhumane bgawe. 16 Ni wewe ubgawe uzoba wariyandurije imbere y’amahanga; maze uzomenya y’uko jewe ndi Uhoraho.” Ez.22: 1-24

Sintyoje abahinga mu vya politiki ko ataco bashoboye, ariko murumva ko umunyempwemu ari we wo kwinjira mw’ijambo neza akamenya ico Imana iriko irahora igihugu. Kuko umuhinga mu bwenge bw’isi abona ivy’uyu musi, agahanga amaso abafise ibirwanisho kugira asigure, ariko umunyempwemu abona inkomoko n’unuzi w’ikibi iyo vyavugiwe n’iyitihenda, yaremye abo iba iahaniye yo nyene. Umunyepolitike nawe abona abo ikoresheje mu guhana. Nizere ko mbateye inyota yo gukizwa.

Ve muri iyo mizimu Imana ishaka kuduhezagira, niko nabwiwe.

Tugiye kwinjira mu gihe aho uwuzorahira azokwirahira izina ry’Imana Data gusa, aho abariririmba bazoririmbira Data wo mw’ijuru gusa apana aba perezida n’ababagabiye, aho abatimbo bazovugiriza ingoma Mesiya gusa kuko Imana izoba iganje hose muri vyose. Uwahawe gukura Abisirayeli muri Egiputa, Mose, we, kurandura ibigirwamana yabivuze mu majambo yumvikana, yihanikiriza kudasubira ivyo bazize ubwa mbere, kugira ngo baramirize imbere Imana ibahezagirire isi yame ivyayo. Yerekanye ko hatabaye gusubira mu bigirwamana, ijuru rizoduhezagirira indimiro n’ibiyaga, n’imisozi, kimwe kimwe cose kimere ivyaco. Uko ni ko Mose avuga ati :

« Ariko mwirinde, imitima yanyu yoye gusukwa, mugakikama, mugasaba izindi mana, mukazisenga, uburake bw’Uhoraho bukabaziriringira, agakinga ijuru kugira ngo imvura ntigwe, isi ntibe ikimerako ibintu, mukazohava muhona bidatevye, mugashira mu gihugu ciza Uhoraho yabahaye.” Gus.11:16-17

11. Inyifato Abarundi bakwiye gusezerera : Amacakubiri, ishari n’inzigo, ububeshi hamwe n’ubusambanyi, kuraguza n’akaborerwe hamwe n’agakengere. Ivyo birazingamitse Abarundi. Binaboneka ko mu magume Uburundi buzobamwo, mu bihe biri imbere, hazobonekamwo cane amacakubiri. Ndiko mbona abakora muri Leta bahamwa bagafatwa nk’abafashe mu mugongo abishe urwaruka mu bihitiye. Noshimye kuvuga n’ibindi biseruka iyo dusenga, ariko kubera benshi bari mu mubiri badasenga vyokonona vyinshi kurusha ivyo vyofasha. Ariko kubera twese tuzi amacakubiri ico ari co, reka tucumva akamo, twikone gose kuri ico cago, kuko, vy’ukuri bizokwegera benshi. Hari abantu bariko baripanga mu nkomezi nyinshi ngo baze bamare benshi bashoboka batagira icaha. Mbamenyesheje ko ivyo bamaze kubikora bazobona ivyago bakicuza ico bakoze. Ariko rero, turavye abahitiye bica basaze, abandi bari kwa Legentil, abandi bafise vyose ariko babaho binyegeza, abandi bapfa batariye ivyo begeranirije mu bwicanyi, ibitwigisha vyari bikwiye kugira ngo twirinde ko ico giti kidukora mu jisho kandi. Iruhande y’ivyo vyago vyo mw’isi, na Gehinomu irarangaye.

Mumaze kwibonera ingene gukengerana no kwikunda bikabije bituma Abarundi batemera gutonda umurongo, file indienne, mu gifaransa, iyo batonze kuri gishe iyo ari yo yose. Ivyo nta handi ndabibona Atari mu Burundi. Umuntu wese ashitse ku biro, kuri gishe, kw’i butike, aca aska kwakirwa imbere y’abandi mu kagaye bivanze n’ubujuju budasanzwe, kuko abazi ubwenge bubaha 42Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

abandi, bakamenya ko ivyo bifuza ari navyo abandi bifuza. Mu Burundi hari ingeso mbi y’uko ushitse aho batonze, umaze kwibona ko ikirato cawe kiruta ic’abandi, umaze kubona ko ubasumvya amabanga ujejwe naho nyene urabishije ijisho, umaze kubona ko ubasumvya igihagararo, n’ibindi, uhita ubacako bose ataco wiyagiriza ukamengo ukoze ibisanzwe. Wovuga ko wihuta, ariko, turetse ko ata n’uwo uba ubisavye, abarusha ibirato bisize neza abandi ntibisigura ko ari bo bihuta kubarusha, ako ni akagaye gusa. Umunyagihugu mutomuto arwaje umuntu yabuze amaraso arihuta kurusha umutegetsi agira aje gutera urukumu kw’ikonje y’umukoreshwa. Reka ivy’akagaye.

Uko kwikunda gukabije ari nako gutuma haba ubusuma burengeje, kunatuma abadereva badashobora guha inzira ugira yinjire mw’ibarabara rikuru n’umuduga canke ipikipiki. Ikitibagiwe co n’uwugenda n’amaguru, naho yoba yibungenze canke arwaye biboneka. Abagenda n’amaguru canke n’amakinga bobo aca bitwa abahimbiri bagorana, ubwo nyene.

Mu bihugu biteye imbere, ata bimenyetso bitanga uburenganzira bihari, abinjira mw’ibarabara barubahwa cane. Igihugu kitagira kubahana no gusonerana mu kwihebera uwundi, nta terambere ry’ukuri ryokibonekamwo, kuko abantu baba ubusimbirahamwe. Umwe wese akirwanira priorité yiwe canke uburenganzira bwiwe gusa, ni ingwano gusa. Kurwana na bene izo nyifato rero, bizotuma Uburundi bwifuzwa, bugira igikundiro, abntu babuzanemwo imitahe yabo, babutemberemwo, babusabemwo akazi babuzaniye ubuhinga mvamahanga. Biraronderwa. Ntimwumve ngo Imana izokora ibi na biriya, izobicisha aho nyene, ko inkundiye kubihanura. Yeza imitima y’abo ikunda ikabagira abakundwa, bakaronderwa. Kunda mwezwe rero.

Narababaye cane ndi muri Leta zunze ubumwe za Amerika muri 2002, umunya Niger yakoze mu nteko zafasha Uburundi twari kumwe mu rugendo avuga turi mu bunywero abwira inshengero ry’abantu ati : « Naratembereye isi yose, sindabona abantu banywa cane ibiboreza nk’Abarundi ». Numvise zinkorotseko mpisha amaso, kandi jewe nanywa n’ukubaye canke nkanareka. Yemwe, kazoza y’utu baju n’utu beshu two muri BRARUDI numva idasanzwe kuko abejejwe ntibongera guhumanya imibiri yabo n’ubwenge bukinjirwamwo n’ubumara bubatera gusambana n’uwo batanazi. Bukeye ntibanamenye n’ivyabaye. Ivyo ni vyo bibera muri BRARUDI. Iyo bayivuga ngo niyo ihemba abakozi, n’ibindi. Imaze gukorera abantu vyinshi ntanavuze, umengo ni ba bagore Ezekiyeli 8:14 yavugishwako bariko baborogera ikigirwamana Tamuzi. Ariko i ruhande y’Imana isezeranira Uburundi, jewe ntaco noronka mvuha ku tubaju twuzuye ubumara bwica ngo ndadupfukamire ngo nitwo tuzotunga Uburundi. Kuko n’ibitoke vy’urwarwa, uretse imihwi kumbure n’ama confitures twoshobora guhinguramwo, nibaza ko ata kindi bizomara. Izo rero n’izindi mana zo kurekura kuko dusezeraniwe n’Imana nzima, iyavugishije intumwa Paulo ko imborerwa zitazobona Imana.

12. Itariki 28/10/15 : Urukundo rw’abanya Cankuzo ni nk’impuzu yanduye. Bene Data bo mu Cankuzo, usahaka kwambuka, ave mw’ishari n’inzigo. Ushaka umugisha uva ku Mana abanza kuwifuriza mugenzi we, naho yoba ari umwansi. Nayo ufashe agati umuzibura mu jisho, ukamauramutsa mu buryarya, ukamugemurira ushizemwo isumu, mu rubanza ukagenda ata mutima mwiza wo kumufasha umufitiye ariko ari ukugira ngo abantu babone ko wahagarukiye, indavyi mbega ntibiraba ikihorera ? Ariko izobitondesha imbere yawe uko bingana, ni ko Dawidi yabivugishijwe. Umwana w’umubanyi aronse diporome, uravuga uti : Sangwa intzinzi ! ukamugumbira nk’ufata igiti kiriko amahwa, ariko ukagumbira. Arenganye uti : Kurya kuzimu agiye

43Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

kunterana imbere. Kuko umeze gutyo udashaka ineza y’abandi, nawe nta yizotumbera urugo rwawe kugira ugume usubiramwo ayo majambo yabereye abadayimoni umuziki usororongoye. Ko uhinyutse none ntiwoja kwaturira umwe wibutse, ukitatura na we n’Imana, ugasaba imbabazi imwe ibibonera mu mutima utarugurura umunwa, ukayibwira uti : Naracumuye, mbabarira? Ndakubwire, irazi guharira cane.

13. Isuku ku mubiri no kwigenga ubuntu :

Ndabahanura, Barundi, bene Data. Umukristo, kuko azi ko umubiri wacu ari ingoro ya Mpwemu w’Imana, birakwiye ko awugirira aho ageza. Birateye isoni ko umuntu ava kumena amabuye yuzuye ivu n’intuguta, n’impuzu aheruka kumesa haraheze indwi zibiri akavyinjirana umuduga wa benshi, mw’ibisi. N’ingenzi zirabiraba zikibaza igituma convoyeur avyemeye. Convoyeur, n’aho we yikenereye amahera, ntakwiye kwinjiza uwicisha imyotsi abandi, ubatera intuguta, uwambaye ubusa, yaba umugabo yarekuriye ipantalo hasi canke umukobwa/umugore yambaye ijipo igera hejuru y’amavi canke yashashe amabere.

Kandi, bene Data, mumaze kubona ko abagira isuku atari abantu batunze cane. Oya, ni abantu bisoneye. Kuko hariho umunyamwanda atunze imiriyoni mirongo ibiri mw’ikebano ku rusenge yoga umubiri wose haheze indwi zibiri, ariko nta mwarimu ahembwa 100,000 Fbu ku kwezi apanze inzu y’ibihumbi 60,000 Fbu amara imisi ibiri atoze umubiri wose canke ngo yambare mu bantu impuzu itameshe canke yamutabukiye. Usanga izuba ryarayimaze ibonerana, ariko ikaba imeshe kubera kwitwararika no kubaha abandi. Umuntu afise isuku, aratubika umukanda ntarye mu gitondo kugira aronke agasabuni k’ijana ngo ntiyoge amazi masa. Ivyo ndavyongeyeko kugira ngo ibituma n’ivyitwazo bibe bike. Abanyempwemu bo murazi ko mu micafu ari ho abadayimoni bururukira baje kugira nabi.

14. Gukoresha neza umwanya ku musi :

Imana irababazwa n’ingene kuva mu gitondo gushika isaha icenda Abarundi bitwa ngo ni abakozi baba bari ku kazi. Kuva iyo saha gushika isaha zirenga saha tatu z’ijoro, baba bariko bararya ivyo bakoreye mu bunywero no mu buriro ! hari n’abageza mu gicugu, abandi bukabakerako. Abo bantu botera imbere gute ? Data wo mw’ijuru arabaza. Vy’ukuri ni ko nabajijwe. Nawe ugezweho kwishura, kuko jewe sinabwo buzima bwanje, nabibajijwe ku bwawe. Abatware bo mu Burundi bushasha basabwe gutunganya neza imirimo imwe imwe itwara umwanya abantu ikabahomvya kurusha kubungura. Nk’akarorero, inkino zihumanya nk’umupira (soma Imburi ya gatatu, ikigabane c’ubuhumane), inkino zo gutomboza, nk’amakarata, Rudo, Dames, casino,… ari zo nkino zizana ubuhumbu bushika no guhâna abagore ntizikwiye kuba muri kino gihugu na gato. Abantu batari bake barumvise intahe canke baranibonyeko ingene muri casino, abakinyi basigayo ubutunzi bwabo bwose gushika bakahukana n’abagore babo. Baranumvise ingene abantu bahomba ivyabo vyose gushika aho bata ubwenge, canke batigirira ku bagore, bakabagira ibikoresho.

Ibintu nk’ivyo vyerekana ko uyo mukino ari awa Rusiferi. Atari ukwo kurara barakina, bamwe bukabakerako, bizeye guhava bisubiza amahera bataye, no guhumana muri ubwo buryo bwose mwumvise, nta nyungu n’imwe ikibano cunguka. Urwo rukino rukwiye gukinjura imbere y’izindi. Imana isanzwe yarambwiye kuva kera ngo nsemerere imbere ya za LONA na Casino mbabwira ko iyo

44Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

mikino ari iya Satani. Narabikoze kiretse kuri Lona ngiye kubikora vuba. Mu Burundi bushasha bw’inganji ya Mesiya, tuzoja ku kazi, dusenge, twinezereze mu binezereza Imana, hama turuhuke. Nta bindi. Ibirenga aho ni ibidukwegera. Ni imigozi abadayimoni buririrako bakadushikira. Ni co gituma tuzobirwanya twivuye inyuma. Abatambira Imana baranonora imitsi, abisonzesha bagatungwa n’amazi basohorera hanze imicafu myinshi cane cane yo mu mafyigo, abubaha Uhoraho nimitima yabo yose, nabo, bo bahora banonotse mu mpwemu no mu mubiri, kandi nta micafu n’indwara z’ivyaduka bibabamwo, kuko ivyo biva ku mpwemu mbi zitobana n’Imana muri bo. Uko ni ukuri kwa bibiriya.

15. Inkino

Ndinginze abasenga musenge muhishurirwe impwemu ziri inyuma y’inkino zimwe zimwe. Paulo we, intumwa, amaze gutangura gukina za matches zo kurwana n’abadayimoni mu masengesho no mu kwigisha, yavuze ati : ndatera, ariko si nk’uhusha. Yongerako ati : sinzohagarika urugamba ntarabona ico mpiganirwa. Ico yahiganirwa yahavuye acita ngo ivyo amaso atarigera abona, n’amatwi atarigera yumva, ivyo abagororotsi barindiriye. Ndahanura benewacu b’Abarundi, mbere n’abanyamahanga gukinira kuri ico kibuga ata vyo guhusha birimwo, kandi ico duhiganirwa kiri imbere mu bugingo budashira.

Kumara ubuzima bwawe utera umupira mu muyaga, kugira ube uwinjiza cane bikagusaba kuraguza ku mupfumu no kunywa akamogi, dopage, mu gifaransa, ukica ubwenge n’umutima n’umubiri, ugakovya kwinjira mw’ibanga ry’aba satanistes, kugira winjire mu migwi mpuzamakungu ihambaye ivugwamwo bwa burozi bwa franc maçonnerie, hama, utunga canke ureka ukazorangiriza mu bumuga n’i gehinomu, wari warironkeye izina rurangirinwa, usigaye uri umu star, bimaze iki ? Si uguhahamira umuyaga gusa ?

Turwane ingwano nziza, tuze turangize neza. Ndinde kwibutsa ko kera umupira wari agatwe k’umuntu muzima bacacura bakagatera banezereza ikigirwamana Zeus nka kumwe kera mu Burundi umwami yashinga icumu mu muntu muzima ku musi w’umuganuro ? Ivyo mubimenye mwotahura impwemu ziri inyuma y’ama shampiyona akomeye mukitonda. Mwotahura ingene abantu isinzi bava mu bihugu mirongitanu baje kuraba ingene batera umugere agapira kamwe kakaja mu kirere kakagarukahama kakinjira mw’igori, abantu bakanezerwa, bagaca bafata icumba c’i dolari 300 ku musi bakariha maraya bakarara barasambana, bakabimaramwo nk’indwi, bakarwara SIDA canke bakayanduza abandi, bakamarira ama dolari 10,000, muri urwo rugendo, batsinzwe bagataha bamenetse umutwe, n’aborwara bakarwara, n’abiyahura nabo bagapfa, n’abasara bagasara. Ni muce ubwenge. Biva mu gusenga. Bibiriya iravuga iti : kuki mwonona amafeza yanyu mugura ibintu bitagira akamaro ?

16. Ubunywero bwo ku mabarabara : Leta irasabwe gutuza, n’amategeko adasanzwe, ububare bwubatse ku mabarabara, abantu bakanywera inzoga mu ma parking, no ku nkengera z’ibarabara, bigatera uruhagarara n’ivyaduka. Nk’i Bujumbura ivyo biteye isibe mu Bwiza, mu Kamenge, mu Nyakabiga no ku Musaga. Aho ni aho bikabije, bikazana n’imigenzo y’isoni nke ibera ku mabarabara, ikorwa n’abahana ibituriranije ngo berekane ubwambure bwabo. Ntituvuze tuti abantu bareke kunywa bivuye kw’itegeko, kuko ico ari igikorwa ca Mpwemu Yera, ariko bikiri uko, itegeko ryo

45Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

kubaka ubunywero ryo gukura abanywi mw’ibarabara ryihute vuba ku neza ya twese. Bitaraba, polisi ikore igikorwa cayo, kuko nta burenganzira bwari buhasanzwe bwo kunywera mw’ibarabara. Ubwo ntibwonakumvikana na buhoro buhoro.

17. Kwitandukanya n’abanyamahanga : Gusubira mu vyagezwe (Gus.7 :1-6) :

« Uhoraho Imana yanyu ni yamara kubashikana mu gihugu mugiye kwegukira, agasohora amahanga menshi ngo ababise, ( …) Ntimuze mugire isezeramo na bo. (…) Kuko bohindura abahungu banyu ntibagendanire Uhoraho, ariko bagasaba izindi mana, ivyo bigatuma uburake bw’Uhoraho bubaziriringira, agaca abarandura ako kanya. (…) Kuko muri ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho (…) » (Gus.7 :1-6)

Iki ni igihe co kumenya abo dukorana abo ari bo. Ari ku rwego rw’igihugu, ku rwego rw’ishirahamwe, rw’ishengero canke rw’umuntu ku giti ciwe. Abisirayeli basabwe kwitandukanya n’abanyamahanga. Ico gihe, kuko ata Mana Rurema bagira namba, kandi Imana ikaba yari yasezeranije ihanga ry’Abisirayeli barobanuwe, Uhoraho arihanikiza Abisirayeli ko kizira kwivanga n’intakebwa z’abanyamahanga ngo ntizibononeshe ivyaha vyabo ngo zibahindure. Mu gihe ca none Yesu amaze kubambwa, umunyamahanga n’umuntu yanse kwakira mu kuri Yesu mk’Umwami n’Umukiza. Si umuntu wese ngo n’uko atari umurundi. Paulo arabivuga neza ko ku bejejwe n’amaraso ya Yesu …ntihaba hakiri umugiriki, Umuroma, Umuyuda,…ariko haba uwejwe afatanirijwe n’uwundi yejejwe muri Yesu yeza.

Uwanse kwakira uyo Mwami w’abami ariko avugana na Isirayeli ya kabiri, ni umwansi mu bansi, naho yoba ari Umurundi. Ahubwo we, kuko ari uwari yarahamagawe mu buryo budasanzwe akanka, aba abaye umwansi kabiri. Igihe kirashitse aho mu gutanga akazi, umukizwa yejejwe azoronderwa nk’urushinge, atari ku bw’amacakubiri y’amadini, kuko ivy’amadini ntibizoba binakaze, hazoba hari ishengero rimwe rya Kristo, ahubwo kugira kugira umugisha w’uwo munyamugisha ukore mu ruganda canke mw’ishirahamwe rimwakiriye. Icibagiwe co ni umukizwa yabirwa n’umupagani yunamira imana yo mu giti gisa n’umuntu, canke agahonda agahanga hasi ahamagara Allah. Ivyo Imana izobihana birushirije.

Bibiriya iravuga neza uwo abakiwe n’umuco bahamagara uwo ari we. Musome mu Vyak.4:11-12 hama wihane kuko umuranzi, Yesu, ariko arakenguza mw’isi arondera umunyakaranga ngo amuhorahoreshe imirimo myiza nk’uko umuranzi wa Aburahamu yeraguje aronderera Isaka umugeni (Itang.24:10-28). Uko niko mpabwa kubabwira. Yaronkeye Isaka, Rebeka, “umukobwa w’umunyakaranga”. Mbega nawe ubona ariko arakwita umunyakaranga ko mbona ariko ararondera uwo atuma mu rushengero, ariko arondera uwo aha igihugu ngo akirongore nka Dawidi? Ariko ararondera uwo atuma kumurerera impfuvyi nyinshi zigira ziboneke. Umurezi atagira ubugunge n’ubwibone. Uri umunyakaranga?

Amavuriro n’amahinguriro n’amashirahamwe bigiye guhabwa abanyakaranga, kuko abo batiba, bataraguza, canke ngo basambanire n’abanditsi babo mu biro nk’uko benshi babimogoreyemwo. Umu convwayeri canke umudereva w’umunyakaranga ntagenda aratukana muri bisi, ntagenda arabanyweramwo itabi, ntagenda yambaye ibitabutse canke ngo yambarire ipantaro musi y’igisusu (poketi). Abagabo bahitiye mu busambanyi bariko bezwa n’Imana, bihana, Uhoraho ariko arabaronderera umwigeme w’umunyakaranga; wewe ni wezwe gusa, hama uce utekana

46Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

iwanyu, kuko Uhoraho atazokurondera ngo akubure wejejwe. Nanje numva nifuje gose kuba umunyakaranga. Oya. Aho ndi si ho nshaka kuguma. Numva Uhoraho ariko adutegurira vyinshi.

Uhoraho ariko ararondera umunyakaranga wo gucukura ubutare bugiye kwisuka ari bwinshi; ariko arondera umunyakaranga asubiza ubuntu abapfasoni bari barahenzwe n’abahinga ba droits de l’homme (agateka ka zina muntu) ngo bangana n’abagabo, bibinjiza mu vyaha n’ubugarariji, kuko umugabo angana n’umugabo, umugore agana n’umugore, umwana angana n’umwana, abamarayika bangana n’abamarayika, Imana nayo ingana n’Imana. Mbega ko tuzi ico bibiriya ivuga, ni nde w’ukunganisha abo ataremye? Ikinamaramaje n’uko abo mu bihugu biteye imbere batwarira hejuru iyo mvugo, womengo irejejwe, nib o bataye abagore babo mu nzira. Abo nyene bazanye demokarasi ivuye hariya epfo ntavuze, nibo burirana barongorana basangiye igitsina, kuko ivyo banganishije mu buryo bwabo basanze bitangana. Yemwe! Imana irazi kumaramaza abayipingisha ubwenge bwabo.

Ariko bangana canke bareka, nzi yuko urugo rw’abanyakaranga ari rwiza rwuzuye amahoro kuruta urugo rw’abangana bahayanwa bompi kurira hejuru kumanika ibati. Umusore asoma ijambo, ariko yironderera umunyakaranga ashira mu nzu, atabihawe n’amaguru meza yoshobora kuvunika muri agisida, canke diporome idasanzwe mu vy’ubutunzi yoshobora gutakara mu rwimo.

Uhoraho, angendeye yambwiye ngo mukunde kubakana n’abanyakaranga. Mupfukamye mugahamagara uwababambiwe, hama mugasoma uko yavuganye n’abo avugisha, muca mwironkera umunyakaranga. Ihutire kuronka diporome y’umunyakaranga kuko ubu nibo bagezweho. Ubu kuba uri igihangange kijejwe ibi na biriya, si vyo bihambaye, kuko ivyo bigira bishire, haze ibindi. Kuba uri umutunzi, ntaco bimaze kuko ivyawe bigira bishe. Ahubwo isuzume urabe ko uwakubambiwe akwita umunyakaranga. Abatunzi mwese mutunze mu mubiri mudatunze mu mpwemu, mpawe kubabwira ibi: Turi muci. Abazi iryo zina mugire ico mwibwiye. Ehe inyana irabuze ico yonka. Ezwa. Amen.

47Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

INDUNDURO« Naho umunyavyaha yokora ikibi ibihetangabo ijana, akaramba cane, yamara ndazi ko abubaha Imana ari bo bazoba amahoro, abayubaha bari mu nyonga zayo ; 13 ariko nta mahoro azoba ku munyakibi, kandi imisi yiwe ntazoyirambiramwo,

imeze nk’igitutu ; kuko atubaha Imana ari mu nyonga zayo » Umusiguzi 8 :12-13

Mbaye ncugurura iyi nyabwonko yanje, orodinateri, agatiro karantwara nkirindiriye ko ivyo nariko nimurira ahandi bishikayo, ijwi rirambwira riti: « Abasayangana basayangane ubu kuko ibintu birahindutse » . Nihutiye kubibwira abo twari twicaranye mpinda umushitsi. Ibihe bigira bihinduke, bene Data. Ve mu bwami bwa Satani ari bwo bwami bwo mw’isi, mwinjire mu bwami bw’iyiriko iradusezeranira, niyo Uhoraho. Ubu twamenye vyinshi vy’abatubanzirije, ntaco dufise twireguza nk’abo kuri Nowa. Mwarabwiwe uko mubaza ubwato bwanyu, mu mburi za mbere, yemwe. Mbere burabajwe, ni Yesu. Injiramwo uko mwabwiwe.

Maze nk’iminuta itatu gusa, nca ndabaza umwe mubo nariko ndaburira uko nari mbwiwe, nti nyibutsa uko nababwiye abe ariko ndavyandika. Anyishuye ataco yinona ati : « Ntavyo nibuka » aca akomeza kwikorera ivyiwe. Numvise ubwoba mu mutima ku vyomushikira mu gihe kigiye kuza, ataco ndi bukore. Mu gihe ca Nowa ni uko vyari vyifashe mu bantu. Hari ugukomantara imitima kudasanzwe, nk’uko tubona iki gihe mu bantu benshi harimwo n’abo twari twibaza ngo baratoranijwe, canke basi ngo barizeye. Ni ayanje ko ata mashengero y’abitwa abakizwa mwumva umukozi w’Imana avuze ubutumwa asemerera akavugishwa ivyo Mpwemu ategetse atariko aca amanota ku bantu, Mpwemu akamushingira intahe mu buryo budasanzwe n’ibimenyetso bidaseswa, ariko ivyo bigakurikirwa no kwirukanwa mu bukozi ?

Abafise inyifato z’ubugarariji bene izo hamwe n’iz’ubundi buryo zose, tukimenyesha umugisha utangwa n’Imana, bo bariraba mu bitayega barimwo, maze bakavuga bati ivyo ntibituraba kuko tuwusanzwemwo ; bikabatera kudibama no gucokora Mpwemu mu kuvuga bati nta Mana ivuze, ahubwo n’ubukene bwabo buriko buravuga. Sinezererewe ivyago vyoshika, ariko ndabamenyesha ko ababaye mu vyo bita umugisha muri ubwo buryo bagira bashikanwe mu mukungugu. Abaciriye bugufi inzira nshasha z’umugisha uva ku Mana nabo bagira bahezagirwe n’iyivuga igashitsa.

Ariko, yemwe bantu mwahezagiwe n’Imana, munkundire, mbahanure ibi : Naho Imana izokora vyinshi vy’impwemu n’ivy’umubiri mumaze kumva, ndabingingira kwatura ivyo bibiriya yita ivyizigiro bizima. Twebwe abakozi b’Imana ntitwature ivy’ama parasela manini tugiye kuzobamwo canke amazu yubatse neza canke kudasonza, ariko twature ubwiza budasanzwe bukomoka ku Mana buzoduhesha ivyo. Twature ubwo bushobozi buzoba bugose igihugu, kuko ubwo aribwo budukura muri Kanahani yo mw’isi butujana muri Kanahani yo mw’ijuru. Paulo ntiyari ayobewe ko ijambo ry’Imana ritanga uburenganzira no kuvy’ubu bugingo, ariko ivyamuhimbara yatura vyari ivyo yari yarakubitiwe kenshi, vyari ivyo yari yarumvise vyo mu bibanza bitatu, atari ivyo muri buno bugingo, avuze ivyo mu kibanza ca mbere n’ivyo mu kibanza ca kabiri, akongerako n’ivyo mu ca gatatu yamenyesheje ko ata burenganzira bwo kugira ico abivuzeko. Ivyo amaso atigeze kubona, n’amatwi atigeze kumva, bibikiwe abizera n’abakorera Imana uko ibishaka atari uko babishaka.

48Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Nka nje, ku bindaba, ndazi ko ntazobura gusonza, no gukubitwa na vyo nyene ndavyiteze, kuko nzi ivyo nkora n’ivyo nzoba ndiko ndakora ko atari ivyo kworohereza ab’isi. Uko bibiriya imbwira muri Yohani 15 :18-27, nzi ko muri ubwo buzima nyene nzoba ndi mu mugisha w’Imana. Mbega ivyo Imana yavuze ku bakozi b ‘Imana bibashitseko, vyokwitwa inkoni canke imikate, si umugisha ? Ni umugisha koko, kuko kuvuga igashitsa ar vyo biyigira Imana. N’uyu munota nyene abanyedini banyiganyizwa mu nu nyungu zabo no mu vyubahiro vyabo n’abakunzi b’inda b’abanyepolitike, banyimba bampereye mu mizi bakambura. Na wo ni umugisha. Kuko ni ko Imana yabigeze. Ntitunezerererwa umugisha twiyumviriye, tunezererererwa umugisha Imana yatwiyumviriyeko. Amen.

Nuko rero, sayangana. Ariko none dusayangana dute ? Si ukurya n’ukunywa nk’abagira bapfe, si ukumarira ku ziko ikigega cose, si uguhereza mu bamaraya udusigaye twa nyuma two mw’ibanki waziganijemwo, si no kuja kuraba ibibanza utari bwashikemwo. Ni ugukorera Imana uko ishaka ko tuyikorera muri kino gihe, kuko hari abayikorera uko babimenyereye muri kameremere ko kubaka idini bahitiyemwo kuko ata hishurirwa ry’ibihe bafise. Ni gushirako ugakora poroje ku vyo ukwiriye kuzokora ico gihe wayumviseko yemeza umutima wawe. Mugire ubwenge nka bamwe bari bahawe itaranto cumi hamwe na zitanu. Abo bagize ubwenge bagira umugambi, shebuja arabahezagira. Ni ukwamamaza uyu mugambi w’Imana aho uherereye n’imbaraga nyinshi zisumba izo kwiyamamaza mu mugambwe, kugira ivyo Imana yo mw’ijuru ishaka bibe mw’isi kandi hahezagirwe benshi, abatinjiye mu bwato babubonye baronke n’ikibatsindisha. Ni ukwihana kugira ngo umwami w’ubwiza yinjire. Zaburi 24. Amen.

Ubu abari mu rutsinga rw’Imana bamaze guhabwa ivyo bazobamwo mu Burundi bwimirije bw’umugisha. Hari ibibazo bibiri : ubwa mbere Imana irashobora kukwereka ibintu vynshi kugira ngo uhitemwo ico ushobora. None ntiyigeze kubaza Salomo iti : nsaba ico ushaka ? Yemwe, mumenye guhitamwo neza. Umuntu azobaho neza aguwe neza mu mpwemu no mu mubiri bivanye n’ingene azoba yahisemwo ico akwiye gukora, reka mbere mvuge nti : bivanye n’ico azoba yahisemwo akwiye kumarira igihugu. Si uguhitamwo, gusa, shirako ukore na poroje y’ivyo ushaka. Erega Imana ikorana n’abakuye amaboko mu mpuzu bagafata ingingo, bakagira ico bakoze. Ibuka ba banya mibembe bane. Bafashe ingingo yo huhaguruka, Imana igira ico ikoze, ba basirikare b’abasiriya barahunga induru nk’iy’ibirwanisho bikomeye kandi zari intambuko z’amaguru arwaye imibembe. Muri Matayo 25 tunabona ingene abagize ubwenge bakadandaza bakagwiza itaranto zabo bashimwe na Shebuja agarutse. Musome neza, Shebuja wabo ntiyigeze avuga ico bazokoresha itaranto yari abasigaranye, ariko abazi ubwenge bakora poroje y’ico bokora, barabishimirwa. Itariki 25/08/2015 Uhoraho arambwira ati : itegure ndaje. Mbona ikigereranyo c’umuntu igihe co kwandika igitabo co guheza amashure kimugereyeko ata na proje yakoze, mpabwa aya majambo :

« 16Nuko none hagarara murabe ikintu gihambaye Uhoraho agira akorere imbere yanyu. 17Mbega ubu si mw’igenya ry’ingano ? None ngira nsabe Uhoraho arungike imvura irimwo imituragaro; muca mumenya kandi mubone ko ibigabitanyo vyanyu ari vyinshi, ivyo mwagabitanije imbere y’Uhoraho, ko mwisabiye umwami. » 1 sam.12 :16-17

« Kandi nzobabangurirako ukuboko kwanje, mpindure igihugu imisaka n’amatongo, uhereye mu bugaragwa burabana n’i Dibula, n’aho baba hose iyo hava hakagera : nabo bazomenya yuko jewe ndi Uhoraho» Ezekieli.6 :14

49Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Mbega wumvise ivyo vyose, ntiwoca uhera ubu ugataka utakira Uhoraho muri aya majambo ya Dawidi, ko twumvise ko ari mu gihe c’igenya ? « Urubanza rwanje ni ruve imbere yawe, inyonga zawe zirabe ibibereye » Zaburi17 :2 (1-15)

Itariki 30-31/08/2015, ni ho nabona Perezida wo mu Rwanda ari mu Burundi ariko atawuzi aho ari. Mbona abasoda biwe batandatu bambaye ibidasa bariko biga kurasa badahusha. Batumbereza mu jisho. Nsengera Uburundi, mpabwa aya majambo :

“Mwana wanje, abanyavyaha ni bakwosha ntukemere. Ni bakubwira, bati Ngwino ujane na twe, turyamire kwica, dutegere mu mpisho utagira igicumuro, ata nyanduruko; tubayongobeze nk’i kuzimu, bakibona, ari imirava nk’abamanuka baja muri rwa rwobo; tuzoronka ibintu vyose vy’igiciro kinini, tuzokwuzuza amazu yacu isahu; enda fadikanya na twe, twese tugire umupfuko umwe: Mwana wanje, ntuze ugendane nab o mu nzira, ubuze ikirenge cawe inzira yabo, kuko ibirenge vyabo vyihutira gukora ibibi, kandi bihutira kuvisha amaraso.”Imigani 1 :10-16

Ico gihe namenye neza ko ntakwiye kwifatanya n’abicanyi abo ari bo bose. Abariko batata Uburundi, ndazi ko batabuze kurondera ufadikanya nabo kugira ngo babundire kwica. N’ubivuna nawe, ni ko k’uko, ntiyabuze kurondera ufadikanya nawe ngo yivune. Mbega uri ku ruhande rw’Uhoraho? Hari igihe Uhoraho yaravye asanga abantu biwe bose bacitse nk’inyamaswa, abura n’uwo avugisha mw’ihanga ryiwe. Mbega aragufise wewe?

Hari igihe kitarashika, kiri imbere. Maraya akomeje kwiyanduza, haguhaha, ngo avuge ati: ndahatswe! Yigarure, akomeza kongera ko ibindi bibi. Uhoraho arungika abatwikurura ibiteye isoni vyiwe. Kandi ibi biri imbere, nturyame umukondorazosi. Ijambo ryakomeje kumbwira uku, ndiko nsengera Uburundi:

“Nuko, abo batwikurura ibiteye isoni vyiwe; batwara abahungu biwe n’abakobwa biwe, na we ubwiwe bamwicisha inkota: nuko kuko bamuciriyeko iteka, ahinduka akabarore mu bagore.”Ezekiyeli 23 :10

Ewe mugenzi, ndakubwira ko akataraza gahinda. Kumbura wiyuhagire imyanda yawe wezwe! Erega iyo umuntu acitse kw’icumu, si akaryo ko kubona ko ari umugabo, ahubwo ni akaryo ko kubona ko ari ibumba mu kiganza c’Uhoraho (Yer.18:6), kuko uwuba yagiye kandi w’inyama gusa nka we aba yamubonye. None ko itariki 13 Nzero 2016 numvise ijwi rimbwira riti: « Pourparlers zizobera en en Europe, Uburundi bubatsindishe, intambara ice ihera aho »ii mbega nta kigira kibe? Reka ncire bugufi Uhoraho mvuge ko kumbure nariko ndirotera, ariko ijwi ntakekeranya ko ari iry’Imana ryo, ryambwiye riti: ubwato bugira bwugare, bwira abantu binjire vuba (It.6).

Muze, twiririmbire ako karirimbo Mpwemu yaciye ampa, maze Umwami abatahuze cane. “Ntaco tugaya turayashima amaraso ya Yesu, n’umwambaro w ’abagenda neza”. Ariko kubagira bajabuke uru ruzi mbona, maze ngo bahimbarirwe ivyiza Uhoraho agira akorere amasigarira hakurya y’amazi, mbibutse kandi, ntimuze mwibagire ivyo Uhoraho yabakoreye ngo muhwikirwe ku musi w’amateka mwidibamiye mu masaka (Gus.6 : 10-25).

Umwami Yesu abiteho

Eric SHIMA, Intumwa y’Imana

50Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

Indirimbo y’intsinzi nahawe itariki 25 /08/2015

1. Urukundo rw’Imana ntaco rwogereranywa nambaUrkundo rw’Imana ni nk’amazi ahinda caneIyo ruje gukora ntaworuzibira nambaNi amazi asendanisha ni inkuba yo mw’ijuru

2. Yarasezeraniye igihugu c’UburundiAti Humura ndaje, Isirayeli wanjeSinari bwumve ijwi nk’iryo ry’ingene twakunzwe caneIgahitamwo Uburundi Isirayeli ya kabiri

3. None ubu nuzuye ishimwe ry’ivy’Imana yadukoreye Ikatwambika umutamana kandi tutari tubikwiyeN’ukuri ivyo twari twakoze tukiyanduza n’ubwicanyiBusambanyi, macakubiri, Mana tugirire ikingongwe

4. Ubu ndavuga ngumbiriwe n’ubushobozi bw’Imana yanje Data wa twese wo mw’ijuru, Yesu Kristo yitanze mw’isiUwo benshi banse kwakira, bakigumira mu mwiza w’isiTurabasize turambutse, mu bwiza twasezeraniwe.

Eric SHIMA, Intumwa y’Imana

Email: [email protected]

Tel.: 257-79108734: Mushaka guhamagara, mubanze murungike ubutumwa mu gasandugu k’ubutumwa canke WatsApp kugira duhane isango. Kandi uwanditse yidondore. Haheze imisi ibiri ntishuye, muhamagare.

Notes

51Eric SHIMA, Imburi ya kane: Umugisha w’Imana mu Burundi bushasha, Isirayeli ya kabiri, Bujumbura, 10/04/[email protected], watsApp: +257-79108734, facebook: Eric Shima, groupe: Dignity Ministry

i “Médecine moderne locale”. Nanse kuvuga “médicine traditionnelle” kugira sintiture ubwo buganga mu kubwumvikanisha nk’imiti y’ikirundi idahinguye kumbure yagiriwe isuku gusa na kaminuza, canke “ibintazi” canke médication ésoterique mu gifaransa.ii « Pourparlers zizobera en en Europe, Uburundi bubatsindishe, intambara ice ihera aho » bisigura ngo: ibiganiro bizobera i Buraya, Uburundi bubatsindishe, intambara ice ihera aho.